Imbere y’uko abantu bubakana, abakundanye barakwiye kwiha umwanya wo “kumenyana”, kuko hari ingeso umwe aba afise zitazorohereza uwo bazubakana ; ako ni ko kanya ko kubimenya. Bitagenze uko, bazosanga baruguyemwo nka Nadia*. Intahe.
Urukundo
Wahebwe n’umukunzi kubera wasamye imbanyi: ng’uku uko wobirengera
Guhebwa n’uwo mwakundana birababaza. Aguhebanye imbanyi yagutwaje hoho ni akavunamutima. None umuntu yorengera gute ivyo biba bimushikiye, akibungenga atekanye ? Tubirabire hamwe twifashishije ivyo abahinga bavuga, dukura ku rubuga rwitwa Parents.
Filles et garçons d’honneur : les dindons de la farce ?
De nos jours, l’archétype d’une fête de mariage réussie est une cérémonie grandiose où les boissons coulent à flots et un décor splendide. La mariée est dans une robe digne d’une princesse Disney et le mari dans un costard chic, […]
«Naranguye amabanga mpuzabitsina “bunyamaswa” none umugore ntakinyerekwa » : intahe
Amabanga y’abubatse ntiyama ari isoko rivomera ubumwe n’urukundo, na canecane iyo abayaranguye bavyifashemwo nabi. Divin*yabuze imbwa n’imbwebwe, akemeza ko icari kuzigama urukundo rwiwe na Carlene ari co caruhungabanije, kandi bimuvuyeko. Intahe.
Gukorokerwa : ibivugwa vyose kuri iyo ndwara si ivy’ukuri
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye “gukorokerwa”, aho bikunze kuvugwa ko uruzogi rukoze ku gitsina c’umwana w’umuhungu adaheza ngo azoshobore kugira imibonano mpuzabitsina kuko ibihimba vyiwe bica bitakaza ubushobozi bwo gukora. Umupfasoni akuze w’umwakirizi n’abaganga baraduha umuco, bakerekana ko atari vyo.
“ Ng’uku uko natandukanye n’uwo nakunze ampora kutamushira kuri “status”: intahe
Ni agaharawe. Abakundanye benshi barifotozanya, bagaca basanzaza ayo masanamu yabo ku mbuga koraniro zitandukanye. Iyo bompi babihurijeko, biba ari amata avyaye amavuta ; ariko na ho iyo batabihurizako, biba nabi cane nk’uko vyagendeye Sandra* na Billy*. Intahe.
“Yubakanye n’uwungana nyina”: ikibazo kiri he ?
Ejo bundi, twarabonye, ku mbuga ngurukanabumenyi, amasanamu y’ubugeni bw’abantu babiri batandukanye cane mu myaka. Umusore bavuga ko afise imyaka 28, na we umwigeme akagira 57. Ubwo bukwe, abatari bake barabwiyamiriza bati : “Ni ibara. Ubwo bugeni ntibwari bukwiriye kuba hagati y’abo […]
Indwara “y’intinyi”, ifise imvo n’umuti
Hari abantu bafise ingorane yo gutinya igitsinagabo, ari bo bakunze kuvuga ngo “barwaye intinyi”. Abantu bafise izo ngorane barihebura, ntibatahure igituma bameze batyo. Ariko burya, iyo ndwara iravurwa, igakira. Tubisanga ku rubuga rwitwa Yes, therapy helps, aho batwereka uko iyo […]
“ Banyivye umugore kabiri, narambiwe ”: intahe
Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, birashika ugasanga umugabo afise umugore mwiza yama umutima uhagaze, kuko umwanya n’umwanya, abari amarere bashobora kumusimbana, akimyiza ibamfu. Hari abaguma babacunze, naho bitama bishoboka igihe cose nk’uko vyashikiye Aubin Mukuki*, w’i Muyinga. Intahe ibabaje cane.