article comment count is: 2

“Yubakanye n’uwungana nyina”: ikibazo kiri he ?

Ejo bundi, twarabonye, ku mbuga ngurukanabumenyi, amasanamu y’ubugeni bw’abantu babiri batandukanye cane mu myaka. Umusore bavuga ko afise imyaka 28, na we umwigeme akagira 57. Ubwo bukwe, abatari bake barabwiyamiriza bati : “Ni ibara. Ubwo bugeni ntibwari bukwiriye kuba hagati y’abo bantu”.  Uwu mwanditsi abona ko urukundo ari rwo rukwiye gutwara vyose. 

Havuzwe vyinshi kuri ubwo bugeni, mbere benshi ugasanga hirya no hino ntibariko baratahura ingene uwo musore yashoboye gushima no kuresha umwigeme amusumvya imyaka nk’iyiri aho. Umuryango w’umusore uti: “Aho yarabuze umukobwa akiri muto baberanye aho aja kwikorera uwungana na nyina yamuvyaye ?” Eka, hari n’abayica umurya ngo “ubukene ntaco butazodukoza.”

Nk’uko vyamye hambere hose… 

Kuba hari abatabitahuye, ni uko, mu Burundi, usanga kenshi umuhungu arusha imyaka umukobwa bubakanye. Ku bwa Paul* yimirije gushinga urwiwe, n’amategeko arabishimangira. Akavuga ati: “ Mu ngingo ya 88 y’igitabo kigenga ingo n’imiryango, ivuga ko harekuriwe kwubaka umusore afise imyaka 21, ariko ku mwigeme bafatira kuri 18”. Ku bwiwe ngo vyerekana ko umukobwa aba muto kurusha umuhungu. Akuhira ko uwurongoye umwigeme amusumvya imyaka, usanga kenshi amuganza mu nzu ; umugabo ntagire ijambo. 

Eka na Annick*, amaze imyaka itatu yubatse, avuga ko kuba umugabo wiwe amurusha imyaka cumi n’itanu, bitahuritse. Asigura ko bimutuma yumva akingiwe, ndetse akiyumva ko ari umugore ari uko ari kumwe n’umugabo amusumba. 

Muragabe !

Ivyigwa bimaze kugirwa ahatandukanye kw’isi, vyerekana ko ibice 16% vy’abubakanye, umugore asumvya imyaka umugabo. Aho ni mu gihe ivyo bice vyari 10% mu 1960. Naho ibiharuro vyiyongera, icigwa cagizwe na kaminuza ya Atlanta muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, cerekanye ko iyo umugabo arongoye umwigeme ahakwa kungana n’umwana wiwe, canke umusore arongora uwahakwa kungana na nyina, bigwiza ukwahukana mu ngo. Kenshi ngo biva ko usanga bari mu ngero zitandukanye, gutyo ugasanga uko imyaka ihera, ni ko badahuriza mu bijanye no gufata ingingo, imibonano mpuzabitsina canke uko borera abana. 

Ariko, ngo ntawe vyoca intege igihe hagati y’ubwo butandukane, harimwo urukundo atari ibishobisho kandi rutirondera, babona ibintu kumwe kandi batahurana. Uburorero  tubona bwa hafi ni nk’uwurongoye igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron w’imyaka 43, yubakanye n’umukenyezi w’imyaka 67, canke intumwa y’Imana Muhamadi yarongoye umugore afise imyaka 40 na we afise 25 gusa.

*: bahinduriwe amazina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Jewe mbona twoza turareka kugendera kumabwire yabantu kuko baguma bavuga kukintu cose, yaba umukobwa agiye kumuhungu amuruta cane ngo yagiye kubera amaronko, rero kubera bitamenyerewe kubasore none nabo niko baciye bavuga mugabo turavye neza nkubu ugiye naho kumukene ndazi boca bavuga ati iyo waba uragumye iwanyu ntaco warubuze, vyose kugira ndababwire ko ivyo ukora vyose barakuvuga rero kubwivyo nugukora ivyo ubona bikwiriye kuri wewe

    1. je mbona ataco bitwaye mubisanzwe urukundo nivyishimo vyumutima nn yishimiye uwo har ikosa ririmw? ni bareke kuba bavuga ibitabaraba .kuko warongor uw urusha imyaka muraryana je mbona atatandukaniro