article comment count is: 6

“ Banyivye umugore kabiri, narambiwe ”: intahe

Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, birashika ugasanga umugabo afise umugore mwiza yama umutima uhagaze, kuko umwanya n’umwanya, abari amarere bashobora kumusimbana, akimyiza ibamfu. Hari abaguma babacunze, naho bitama bishoboka igihe cose nk’uko vyashikiye Aubin Mukuki*, w’i Muyinga. Intahe ibabaje cane. 

Umusore w’umubanyi ni we yanyandikiye ko banyivye umugore, nanje sinabitahura. Naratangirije hose, ndanavuga ko agiye n’imodokari itukura, ifise ibiyo vyirabura. Nta muntu yashoboye kubona uwumutwaye, mugabo iparati y’iyo modoka yari indundi. 

Nkivyumva, naratabaje abajejwe umutekano, ndababwira ibiranga nya modokari, biba impfagusa. Naratangirije hose mu nzira ziva muri komine yacu, nta wigeze ampa iyambu ryiwe. 

Haheze imisi itandatu, numvise umugenzi ari mu gisagara ca Arusha muri Tanzaniya, kumwe n’uwundi mugabo. Nararize ndihanagura, ndahamagara incuti n’abagenzi ndabiganira ayo mbonye inyuma y’ikiringo gito twari tumaranye. 

Iyo batandemesha nari kurwara mu mutwe. Vanessa naramukunda, na we ukamengo arankunda. Barinze “bamwiba” tumaze imyaka hafi 10 mbona dukundana. Twari kumwe kuva mu mashure yisumbuye, mugabo ntiyayamaze. Nkimuresha, abatubona bagira turavukana kuko twarumvikana, tukababarana, kugeza n’aho iyo umwe atamerewe neza, uwundi avyiyumvamwo. 

Uwukurusha ibijumbu… 

Ari i Arusha, agatima karakubise aranyandikira. Ambwira ko yashimye cane ubuzima twasangiye, ariko ngo ubuzima bwagoranye, bituma akora ibitabereye, ariko nyene aca aranshinyaguriza ati: “Urabizi nawe ha gupfa wozanzama, nagiye kuraba aho ubwatsi buruta ubundi, iyo barya bakaravye. ” 

Ishavu ryakwiye hose numva nomufata nomurya amenyo. Kwumva  ko yansuzuguye ko ataco ndamuha, agakurikira amaronko, numva ari nk’igitutsi. 

… kinkora mu jisho kabiri

Haheze imisi mikeya ishavu ryagabanutse, naciye ntangura kwibaza ukuntu ico gikomere nokivura. Ni ko guca ndondera  umwigemwe twari tumaze imyaka ibiri tumenyanye kandi nari namushimye. Anyemereye naciye ntunganya ubugeni mu mezi atatu yakurikiye. 

Erega na we nyene ntiyaharagamye, naho twari twavyiyemeje, imbere y’Imana na Reta. Tumaranye umwaka yaribarutse, impundu irasamirana,  nkibaza ko wewe ataho akiroye.

Budakeye na kabiri, n’umwana ataranaragaza uruzogi, ku mugoroba wo ku musi w’Imana, nja numva umusengezana wiwe aje ariruka ambwira ko bamuntwaye. Nagira ngo azogaruka, ndarindira amaso ahera mu nzira. Umutwaro nari mfise, yari uwo mwana ntabona uko nzomurera amaze imisi mikeya avutse. 

Ivyo bama bavuga vyose ngo abakorerwa amabi, jewe ayo nakorewe ntavugwa. Burya ubwicanyi buri kune buri gutanu. Abanyivye uwa mbere bakamuherana,  yari yibungenze sinzi ko yashikanye, n’abantwaye uwa kabiri akansigarana uruhinja, abo bose mwumva batandukaniye hehe n’abamenja ? Sinzi ko ari inyigisho zohabwa abo basuma batwiba abo twishimiye, abo bagore bacu, ariko hari ikintu gikwiye gukorwa, ahandi ho abakene turahagorewe. Abajejwe intwaro bodufasha twebwe abenegihugu, bakiga inzira zose bokoresha mu kuzitira iyo ngeso itararandagata.

*: Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Ngo uwagowe n’ivyatsi ntibimubisa inzira.ark rero iyo mukundana urukundo nyakuri,umwe wese agerageza gutsinda amagerageza yose yoz ashak kumutandukanya nuwo yakunz.mugihe bigenz uko rero ntarukundo rw’ukuri uwo mugore aba afise.aba yakunze ibint ntzba yakunz umunt.iyo rero abony uwufise ibiruta ivyaw aragenda.kuk novuga ko aba ari business yiwe.sinon urukundo rwihanganira vyose.

  2. Gutwagwa umugore n’ikintu kibabaje ariko n’ukwihangana
    Mu buzima umuntu agenda aca muri vyinshi ariko biba bifise iyo bigomba kugushikana .reka tubandanye dushima imana .

  3. Ntawakwivye, umugore si ikintu canke igitungwa.
    Nta mugore wigeze uronka agukunda, wahuye n’abambuzi barondera indaro n’utwo batamira.
    Tekana rero, ntiwihute ubanze utohoze imbere yo kwubaka.

  4. Iyo ntahe y’uyu mugabo urababaje ariko ubuzima niko bumeze. Nico gituma bavugako gukunda ari vyiza. Ariko imisi yose uzokunde umuntu mugoba ntuze wibagire ko ushobora kumutakaza.