Imbere y’uko abantu bubakana, abakundanye barakwiye kwiha umwanya wo “kumenyana”, kuko hari ingeso umwe aba afise zitazorohereza uwo bazubakana ; ako ni ko kanya ko kubimenya. Bitagenze uko, bazosanga baruguyemwo nka Nadia*. Intahe.
Nadia* ni umwigeme y’imyaka 29. Yahuye n’umusore yitwa Rukundo* barashimana, baragendana igihe kitari gito imbere yo gutangura kuvugana ivyo kwubaka. Imbere yo kurushinga, hari vyinshi uwo mukobwa atashima, agaca abimubwira. Umuhungu na we yarahindura ivyo ashobora. Yamara, hari ikintu kimwe kitigeze gihinduka, ari na co kibangamiye cane umubano wabo. Nadia ati : “Rukundo ni umuntu akaza ishavu cane. Tutarubakana, twarashobora gupfa ikintu, akankamira, akambwira nabi, ndetse nkabona neza ko ashobora no kunkubita.”
Ivyo yatinye, vyahavuye bishika. Umusi umwe, sinzi akantu bapfuye, Rukundo aramukarira cane, kera kera ikofe rya mbere riba rimuguye kw’itama. Ng’uyo ubwenge buratakara, aba nk’ikijuju, amara umwanya ajumarariwe, umutima wuzuye umubabaro mwinshi. Ntiyumva ingene Rukundo yubahutse kumukubita. Yaciye ava aho bari arataha, ashika yiyugarana mu cumba, ararira.
« Akabaye icwende ntikoga »
Rukundo ntiyahengeshanije gusaba Nadia kuri terefone ngo babonane amusabe ikigongwe amaso mu yandi. Erega umukobwa yaratevye aremera inyuma y’indwi zitatu. No kumubabarira aramubabarira, maze babandanya urukundo rwabo, mu nyuma bararushinga.
Mugabo umukobwa yagumanye ibicuro. Yariyumvamwo ko umwanya n’umwanya bizohava vyanka, Rukundo agasubira guserura ya ngeso yiwe, na rirya atako Nadia atakora ngo ahinduke ariko vyari vyanse.
Naho yari yaramwemereye guhinduka, ivy’ishavu rya Rukundo ntivyigeze bihinduka. Bamaze kwubakana, iyo hagize ico bapfa, amajambo mabi n’ibitutsi vyinshi, ni vyo biva mu kanwa kiwe. Nadia yaragerageje kumwumvisha umubabaro amutera, aratumako mbere n’umuryango, ariko ntaco vyahinduye. Rukundo yabandanije kumutoteza, eka mbere anamukubitira imbere y’abana n’abakozi. Ubu abaye mu muriro udahera.
Ibitari burame…
Abigeme nka ba Nadia ni benshi cane, na canecane hano mu gisagara ca Bujumbura. Ego ni vyo ntawudakosha yamara, hariho ingeso zimwezimwe abigeme batarubaka bari bakwiye kwitondera ku bakunzi babo. Uwugukubise akikuresha, amaze kugushikana ho bigenda bite ?
Hariho abantu benshi bahababukira kurushinga, nk’uko womenga ni ijuru riba ribugurukiye. Ijuru na ryo mu kurijamwo uravyitegurira. Abigeme bomenya ko “Akarimi kabaresha atari ko kabarongora”. Uwubaresha bamwihweze neza babone ko imico yabo bayishimye. Ntibafyondereko. Kuko urukundo utanguye kuryamwo amakofe bakikuresha, mu rugo hoho uzoharya amahiri canke imigere. Naho bishika umuntu agahinduka, nta na hamwe handitse ko ayo mahirwe azogwa kuri wewe.
Bishitse na ho ugasanga waramaze kurugwamwo, abahinga bahanura ko utoguma wigunze, nyabuna ngo biyagire abahinga mu vy’inyifato, canke umugenzi wawe w’akadasohoka, nk’uko tubisanga ku rubuga rwa Doctissimo.
*: Bahinduwe amazina
Igihe co kuresha ni igihe kigoye cane. Ni igihe abazokwubakana bari bakwiye kumenyana, imico, ingeso, eka umwe wese abona ubuzima. Yamara rero ico kiringo cicwa nukwiyorobeka bitewe n’urukundo canke uwoba bwo guhebwa.
Nico gituma benshi bamaze kurushinga usanga umenga ntibakimenyana.
Burya ubonye neza ko mudahuza, ntimwobandanya mu vy’urugo kuko on ne change pas le caractère. Mubandanije naho, umenye neza ko uzomuhebera vyinshi. Le mariage est une série de compromis.
Iyi nkuru ihengamiye kuri Nadia, naho we nyene adatomora ico bapfa. Iki si co gikuru
Mbega kubakobwa ho bigenda gute????…ntangeso banyegeza zigaseruka aruk bagiye murugo,,,,cank ukabna ko bazifise ahubwo nibashika murugo bizoba ibindi?????
Abakobwa bo mugisagara biragoye cane kubaka izabo kwatavuze amakosa yiwe
Yazimiye yazindutse. Yari yamweretse uko ateye. Ikosa n’iryiwe, kuko ata wutekera amazi mu rukangaga.
Mubisanz Naj Nubw Nkunz Kwel Iyo Umunt Atanguy Gukubit Atanuko Murubaka Kand Arih Mubonana Inkumb Ari Nyinsh We Wunv. Kwel Naj Noca Ndamuheb Kuk Sinob Mbay Yezu Ahindura Umukat Invinyu