article comment count is: 9

«Naranguye amabanga mpuzabitsina “bunyamaswa” none umugore ntakinyerekwa » : intahe

Amabanga y’abubatse ntiyama ari isoko rivomera ubumwe n’urukundo, na canecane iyo abayaranguye bavyifashemwo nabi. Divin*yabuze imbwa n’imbwebwe, akemeza ko icari kuzigama urukundo rwiwe na Carlene ari co caruhungabanije, kandi bimuvuyeko. Intahe.

Carlene* naramushimye kuko yari umwigeme w’akaranga anasenga. Tukimenyana, yambereye umugenzi mwiza ; twarahuza cane mbere tukayaga twose, urukundo ruhava ruratsimbatara, twemerenya kuzokwubakana. Nk’abakundana badahemana nyene, yarambwiye ko akiri isugi, nanje ndamubwira ko nari maze kubikora.

Iryo twapfunditse munsi y’umutobotobo ryahavuye rishika, turaragana,  imiryango n’ishengero baraduhezagira. Sinobesha, kandi ata gushikuza, wamengo ndi mw’ijuru.

Umubabaro

Tugeze kurangura amabanga y’abubatse, vyavuyemwo ibindi. Narondeye kwinezereza nsanga ndamusesereje ku mutima no ku mubiri. Namubwiye ko bigenda uko, mugabo azomenyera, kandi yemere tuze turabigira. 

Murundikazi yarankundiye yamara wewe akavuga ati: “Ibi bintu biguma bimbera bishasha kandi nguma mbabara ntavyo mbona ko nzomenyera na gato.” 

Erega nanje mu nyuma ndabifata nk’agafyinyi nguma ndamuhata kugira ndamumenyereze muga atavyo ashaka. Yahavuye asama, aca atangura kurwara biranka ko asubira kwemera ko tubonana.

Yansigurira ko vyamuhahamuye kandi ko yibungeze yumva atanashaka no kugerageza. Narihanganye, ndamurindira aribaruka ariko ndarindira ko yikubita agashi biranka. 

Gupfana ishavu nk’ishuri

Haraheze amezi 6 Carlene yibarutse, ariko ntashaka ko ndamukorako. Naragerageje kumuyagisha ngo menye ico nacumuye ngo nsabe imbabazi, wewe akambwira ati: “ Divin twakundanye siwe tubana mu nzu kuko wambanye igikoko, waruzi neza ko ntigeze nkora ivyo bintu ariko tugeze mu rugo waravyiyibagije, ubigira nk’igikoko, rero jewe vyarampahamuye numva atavyo nkeneye urandeka ubanze umpe umwanya ndavyiyumvemwo ko nosubira kugerageza.”

Nanje aho ngerageje kwiyumvira, simbona aho namucumuyeko, kuko naho ntari bwahure n’isugi uko bigenda nari ndabizi nkagaruka nkiyumvira ko ari impwemu mbi zamuteye sinabimenya.

Ntihakora inguvu

Biratahuritse cane ko umukobwa agiye kwubaka bimuhagarika umutima, canecane iyo akiri isugi yiyumviriye ukuntu buzomuvako. Nta nkeka benshi bagenda biteze kubabara. Abasore na bo nyene ni ko kw’uko ; usanga aguma yiyumvira ukuntu azobigenza, ubona ko baba baravuganye n’umukobwa, akamubwira ko ata muhungu barabonana.

Hari abibaza ko guca ince ari igikorwa c’inguvu, bigatuma iyo bashikiriye umukobwa baca bamubabaza cane rwose, agakomereka, mbere bikandurukiraho ko umukenyezi (umukobwa) atinya gusubira kurangura amabanga y’abubatse. Ivyo vyashikiye Divin, nta nkeka ko vyama vyashikiye abatari bake. Abimirije kwubaka canke abandi mwese, fyonda kuri aka gahora, Yaga yarabayagiye ivyerekeye ince n’ uko mwobigenza kugira ngo ntimukomeretse ku mutima no ku mubiri uwazigamye ubusugi.

* : amazina yahinduwe

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (9)

    1. Ico kirazwi KO isugi misi yose vyama bigorana ariko ico novuga abahungu nabo barafise ukuntu baca babifata simple iyo umukobwa ari kwitabariza bobo bibaza KO ari agafyino baca bongeza akariro ico novuga rero nkumuntu yitwa umugore wawe kandi akiri isugi mumibonano mpuza ibitsina nuko bokworoherezwa bakumvirwa muvyo batabaza

  1. Ni vyiza KO umuntu atokwigenza nk’igikoko kuri mugenzi we kuko hari ababishiramwo agahigo ukumva bavuga ngo « ni ukumuhasha ku musi wa mbere ». Ivyo navyo ntibibura kuzana ingorane.

  2. C’est terrible ce qui vous arrive Monsieur.
    La première relation sexuelle est souvent un gachis pour la femme et un triomphe de joie pour l’homme qui rencontre une femme « pure ». Quoi que souvent douloureux, s’il y a vraiment de l’amour, l’envie s’accroit de plus en plus. Voyez un psy, sinon vous avez une femme malade.