article comment count is: 5

“ Ng’uku uko natandukanye n’uwo nakunze ampora kutamushira kuri “status”: intahe

Ni agaharawe. Abakundanye benshi barifotozanya, bagaca basanzaza ayo masanamu yabo ku mbuga koraniro zitandukanye. Iyo bompi babihurijeko, biba ari amata avyaye amavuta ; ariko na ho iyo batabihurizako, biba nabi cane nk’uko vyagendeye Sandra* na Billy*. Intahe. 

Twari tumaze igihe dukundana na Billy*. Agakunda gushira ifoto zanje ku mbuga koraniro, ariko jewe nkabibona nk’ibisanzwe. Kukaba nka ko, sinkunda gukoresha cane imbuga ngurukanabumenyi, eka ni na gake nshira amasanamu ku muhora wanje wa “Whatsapp”. Ku bwa Billy, ngo bwari uburyo bwo kunyereka ko ankunda. 

Ikibabaje, sinigera nibaza ko kuba nanje ntashirako ifoto ziwe, bimubabaza cane. Umusi umwe nashizeko isanamu y’umukobwa w’incuti yanje, ku musi yibuka amavuko yiwe. Umuhungu utanka yahavuye ambwira ko kubona ntashirako isanamu yiwe, ata nkeka ndiko ndamuhenda.

Ikimenyetso c’urukundo  

Jewe  namubwiye ko isanamu atari co kimenyetso c’urukundo, kandi iyo nari nashizeko yari iya muvyaranje, bitavuga ko mu mutima wanje yoza aruta umukunzi wanje, nari nizeye ko tuzobana ubuzima bwose.

Ntiyashizwe, yarasubiriye n’ikindi gihe, arambwira ngo nzogerageze nze ndamushirako nanje. Yambwiye ati: “ Nta muntu ukunda udashaka ko abandi bantu babibona.” Yibaza ko ngira isoni zo kumushira ahabona, ariko abandi nkabashirako. Ku bwiwe kandi ngo sinaha agaciro ivyifuzo vyiwe. 

Uko imisi yagenda, ni ko akariro kagiye karagabanuka, mbere iyo dupfuye akantu na gatoyi, agashaka kunyereka ko ari vya bindi vyo kutamuha agaciro, gushika tuvane burundu. Uno musi, n’aho duhura ntituramukanya, umenga twicaniye umuntu.

Ikiyago 

Divine Nisonerwe yanonosoye ivy’inyifato ati: “Kuba uwo musore yiyumvira uko, biva ku mvo nyinshi kandi zitandukanye. Vyongeye, umuntu wese afise uko atahura ibintu, uko abifata n’ingene abiha agaciro bivanye n’uko ameze.” 

Iciza, na canecane ku bakundana, ni ukuyaga kugira mutore inyishu y’ukuntu mubana mu butandukane bwanyu. Ku kwerekana ku masanamu gishobora kuba kimwe mu bimenyetso vy’uko wishimiye uwo muri mu rukundo, ariko  nticoba ikimenyetso kigaragaza ko uwo mukundana agukunda vy’ukuri. Erega hari uwushirako umwe inyuma y’amezi makeya agashirako uwundi. 

Igihambaye imbere ya vyose, ni ukuja inama n’ingingo. Muganiriye, umwe wese arumva akari ku mutima w’uwundi, mugaheza mugatahurana. Ahandi hoho usanga ufashe ingingo itabereye ugasigara wicuza, ugatera ibuye aho wateretse igisabo. 

Izo mbuga na zo…

Kubona abo bantu bapfuye ko umwe ashize uwundi ku mbuga ngurukanabumenyi, ntawovuga ngo uyu canke uyuwundi yarakosheje. Ico tubona ni uko, yaba umuhungu canke umukobwa, bompi ata n’umwe yanka gukoresha ubwo buryo bugezweko. 

Mugabo rero, ubona ko ibisayangana vyose atari inzahabu, izo mbuga ngurukanabumenyi burya zitemba amabi n’ameza.

Umuhinga Alexandre Cormont, asanzwe afasha mu vyo kuzigama urukundo, avuga ko atari vyiza kuja murashira kuri bene izo mbuga amasanamu agaragaza urwo mukundanye.   

* : amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Sivyiza gukunda umukobwa apanze inzu ari wenyene kirets abana n’abandi mu cumba kuko nitangako akarorero aho nigeze kuba ndi hanze y’igihugu,har umukobwa yari umu client wanj yaza kunshorera ariko anyipfuza.yahavuye anyibazisha iyo mva ndamubwira nawe arambwira!akama aza buri mwanya kunshorera.habay urwaker umukobwa yambajije ko noba mba ndumw mu cumba ca jenyene aho namubwiye ko turi batatu mucumba kimwe kandi atawutahira rimwe n’uwundi kandi buri mwanya utaburaho umuhungu n’umwe kuko twakora akazi mu masaha atandukanye tukaryama mu mwanya utandukanye.ntibiteba nawe yambwiye ngo yaronse icumba co abamwo n’amahera agikose yarambwiye n’imatera ko irimwo,uyo musi yari yanzananiye cadeau y’ikirato gishasha gifuka hose kandi kizimvye!Naracakiriye ariko imimenyerano yiwe naciye ndayigabanura mpaka aranyibagira!

    Mbe mwiyumvira ko yambaza ko mba jenyene kubera iki?canke yiyumviriye kubera iki kumbwira ko yaronse icumba abamwo akanzananira na cadeau y’ikirato?

  2. Mbanje kubashimira kukiganiro muduha ahubwo nipfuza yuko Abarundi twese duhurumbira zino nyigisho.

    Hanyuma umukobwa arinze yipangira inzu bivana naho ari nico agamije kuko hari uwuyipanga afise akaraka kanaka akora kagatuma imisi yose yama hafi yico kibanza canke akaba ava kure bikamugora gukora ataha ariko ubwenge bwacu bubitahura ugutandukanye