article comment count is: 1

Gukorokerwa : ibivugwa vyose kuri iyo ndwara si ivy’ukuri

Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye “gukorokerwa”, aho bikunze kuvugwa ko uruzogi rukoze ku gitsina c’umwana w’umuhungu adaheza ngo azoshobore kugira imibonano mpuzabitsina kuko ibihimba vyiwe bica bitakaza ubushobozi bwo gukora. Umupfasoni akuze w’umwakirizi n’abaganga baraduha umuco, bakerekana ko atari vyo. 

“Twese twakuze tuvyumva bavuga ko iyo uruzogi ruragaye (rucitse), rugakora ku “kana” k’umuhungu rukorotse, bimutuma adashobora kugira ubugabo. Si vyo na gato. Kira noneho uruzogi ruragara gasigaye ari akantu gatoya, ku buryo katokoroka gatumbera ku kana” , ivyo bivugwa n’umupfasoni wo ku mutumba wa Bihanga muri komine ya Matana, amaze imyaka irenga 40 yakira abavyeyi. 

Ku bwiwe, ngo uruzogi rugira ruragare rusigara rudenda ku kantu gato ku buryo kaba kangana n’akanyuzi. Umuvyeyi rero canke uwundi, ngo aragakata n’urwembe rushasha, kera ho ngo babigirisha urwara canke igishakara. Kuragara na vyo ngo biba mu kiringo kiri hagati y’imisi ine na ndwi. 

Ku bijanye n’ukuvura umwana bishitse ibihimba vy’irondoka vyiwe ntibikore, uwo muvyeyi agira ati : “Iyo ni indwara ntihagire uwubivuga uko bitari. Uko bamuvura sinokubwira ngo ni uku canke kuriya. Uwo vyoshikira wese nomurungika kwa muganga, ariko ntibiva kuri ivyo bavuga.”

Ivyo biva ku bindi

Umuganga twavuganye na we nyene arabeshuza ivyo bijanye n’ugukorokerwa. Ngo nta kintu na kimwe conabigaragaza, kandi nta na hamwe wosanga vyaravuzwe ka buhinga. Agira ati : “Birashika gake cane, naho ata biharuro biriho. Kugira ngo rero ubugabo bw’umuntu bubure, biva kuri vyinshi. Arashobora kuba afise inkabuzo zitifashe neza, umurindi w’amaraso mubi mu mubiri wiwe, canke ugasanga afise n’imitsi itameze neza.”

Ku rubuga rwitwa Doctissimo, muganga François Giuliano yanonosoye ibijanye n’ivy’irondoka ku mugabo aratubwira ibituma ibihimba vy’irondoka vy’umugabo bidakora. Muri vyo harimwo : uburuhe, kwamana umutima uhagaze, indwara, ibinyobwa vyambiye, imyaka n’ibindi. 

Uwo muhinga avuga ko abakiri bato bibashikira gake cane. Ubundi ngo vyibonekeza ku bantu bafise imyaka iri hagati ya 40 na 70. Muri abo, abari ku rugero rwa 30 na 70% baragira izo ngorane.

“Uburyo bwo gutanga indero”

Kubona ico kintu caravuzwe kandi kumwe mu Burundi bwose, wa muvyeyi w’umwakirizi atanga insiguro ati : “Erega mwananje, kera mu gutanga indero harimwo ivy’imiziro, kandi biteye ubwoba, kugira ngo umuntu agume yitwararitse iki canke kiriya. Ku bwanje numva babitubwira tugakura tubizi uko kugira ngo uwuzoshika mu bigero, yubatse urwiwe, ntaze yanjanjwe amaze kwibaruka. Umwana ni akatabonabose, umuvyeyi yategerezwa kuguma arikanuye.” 

Agirako atanga akarorero k’imiziro myinshi na twebwe batubwiye, mugabo bazi neza ko atari vyo. Umwana yabifata uko akabihinyura akuze, mugabo vyaramureze, bikamufasha kwiyubara, gukunda canke gusonera abantu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)