Kubera ko abantu ba mbere bavuga igiswahiri baje bavogera Uburundi, bakagirira nabi abo bahasanze, vyatumye urwo rurimi rwankwa. Abarundi baciye bavuga ngo ni ururimi rw’abicanyi, rw’ababeshi n’ibindi. Erega ngo n’iyo uvuze urwo rurimi amata ngo waba usezeye. Bavuga ko rwatera […]
#YagaDécodeur
Vyinshi mutari muzi ku giti citwa “ikigabiro”
Umusi w’iyimikwa ry’umwami, hari imigirwa yategerezwa kugira mu ntumbero yo kugaragaza ko yashitse ku ngoma vy’ukuri. Umwe muri yo, ni gutera ikigabiro, igiti kiranga intwaro ya cami. Reka tugaruke kuri uwo mugirwa hamwe n’akandi kamaro ico giti cari kimaze vyiyongera […]
Amajambo yagumye agaruka mu myiyamamazo yo mu 2020
Haraheze neza na neza umwaka mu Burundi habaye amatora. Umuntu yaja mu kazu k’itora rimwe, mugabo akavayo atoye umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abahanuzi ba komine. Hari ku wa 20 Rusama 2020. Ico gihe, nk’uko vyama no mu bindi bihe vy’amatora, haraba […]
#YagaDécodeur: inkomoko y’izina “Buramatari”
Twaheruka kubasabikaniriza amajambo cumi dukoresha mu rurimi rw’Ikirundi, ariko tuyakesha intwaro y’abakoroni. Tukiri mu vy’intwaro nyene, hari n’ayandi yaje muri ivyo bihe, n’ubu dukoresha, ariko yoyo akaba afise inkomoko igoye gutora, ariko ikaba ihambaye cane. Izina Buramatari ryoba ryavuye hehe ?
Amajambo cumi y’ikirundi yazananye n’intwaro ya gikoroni
Uburundi bwamaze imyaka 66 bucurwa bufuni na buhoro. Bwamaze imyaka 20 mu minwe y’Abadagi (kuva mu 1896-1916), 46 buyimara mu minwe y’Ababiligi (kuva mu 1916-1962). Kumara ico gihe cose mu minwe ya ba kavamahanga ntivyijanye ku rurimi rw’Ikirundi, […]
Ce qu’il faut savoir sur l’arbre sacré, ikigabiro
Lors de son intronisation, le mwami devait accomplir une série de rites qui confirment son pouvoir dont celui de la plantation d’ikigabiro, un arbre emblématique de la monarchie. Retour sur ce rite et les usages extra-monarchiques des arbres sacrés.
Twibukanye ibice bigize urubanza rw’ubugeni rw’aho hambere
Uno musi, ku musi umwe gusa, harakorwa urubanza rwo gukwa, urw’ubugeni, ndetse no gutwikurura bakagenda babihejeje. Ivyo si ko vyahora kera, twabitumwe n’uko ibintu biguma bihinduka. None urubanza rw’ubugeni rwakorwa gute ? Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Barbara Ndimurukundo Kururu aratwiganira […]
Kubandwa : ibintu twomenya kuri iryo banga (igice ca mbere)
Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku […]
Vyinshi mutari muzi kuri kahise k’intara zigize Uburundi
Igitigiri c’intara zigize igihugu c’Uburundi cagiye kirahinduka uko imyaka yagiye iragenda n’intwaro zigahinduka. Tubirabire hamwe.