Hari abantu bafise ingorane yo gutinya igitsinagabo, ari bo bakunze kuvuga ngo “barwaye intinyi”. Abantu bafise izo ngorane barihebura, ntibatahure igituma bameze batyo. Ariko burya, iyo ndwara iravurwa, igakira. Tubisanga ku rubuga rwitwa Yes, therapy helps, aho batwereka uko iyo ndwara yigaragaza, ibiyitera n’ukuntu umuntu yoyikira.
Umuntu iyo yaciye mu bimuhahamura, birashika akagira inyifato iyi canke iriya. Vyaramaze kwemezwa muri rusangi ko gutinya igitsina c’umugabo (ari vyo benshi bita intinyi) biva ku bintu umuntu acamwo mu buzima, bigatuma ahahamuka. Eka mbere birava no ku karonda k’abantu, naho ico gituma ca mbere ari co kigwiriye.
Ibindi bimenyetso
Nk’uko bigendera umuntu wese yagize ubwoba kubera ikintu, urasanga afise ibimenyetso bitandukanye, bigaragaza ko atamerewe neza na gato. Ku bijanye rero n’ugutinya igitsina c’umugabo, ibimenyetso bigaragara ni ukugira ubwoba iyo abonye igtsinagabo, kandi bikibonekeza. Harimwo guhezagirika no kubura impwemu, umutima ugatera cane, umunwa ukuma. Bene uwo muntu, arashobora kwumva ariko araribwa mu mushishito (ubonako n’Abarundi bavuga ngo izo mu nda ziriko zirasha NDLR), tutibagiye no kubura amahoro.
Birafise umuti
Nk’uko bigenda ku muntu wese yagize ubwoba, umuntu nk’uwo arashobora kuvurwa n’umuhinga mu vy’inyifato. Mugabo birashika hagakenerwa imiti.Mu buryo abahinga mu vy’inyifato bakoresha mu gufasha abantu bene abo, ni ukubafasha kubona ukundi ivyo bahora biyumvira ukutari ko. Mu vyo bamufasha gutahura, ni ukuntu umubiri w’umuntu ukora, gutyo agatahura ko igitsina c’umugabo kivyuka, agaheza akabona gutahura ikiba kibaye kugira ngo bigende uko. Akanamenya kandi n’ikiba kibaye mu gihe kitavyutse (uko bigenda).
Iyo ibintu vyakomeye, birashika umuganga, asanzwe afasha abafise ingorane zo mu mutwe akamwandikira imiti, mugabo ubwo buryo bwama na ntaryo buherekezwa n’ugufasha umurwayi, bigizwe n’uwanonosoye ibijanye n’inyifato amukurikirana. Ivyigwa vyarerekanye ko bene uwo muntu, umuhaye imiti gusa, adakira.
Umuntu arashobora gutinya ibihimba vy’irondoka naho bitumbereye
Nk’uko tubisanga ku rubuga rwitwa Doctissimo, umuntu iyo ameze uko ni ukuvuga ko mu bwana bwiwe aba yarahuye n’ingorane zitandukanye. Muri zo, harimwo kubona ibihimba vy’irondoka vy’umuntu akuze, akiri umwana.
Ibaze namwe umwana mutoya abonye igitsina c’umugabo, canke akabona igisabo c’umuntu akuze. Ikindi na co, umuntu arashobora kugira iyo nyifato mu gihe abo yarabonye uwukuze, atagira isoni zo kugaragaza ubwambure. Canke iyo, akiri umwana, akabona abavyeyi biwe bari gusa canke bariko baragira imibonano mpuzabitsina, naho ata kintu na kimwe kitari mu nzira nziza boba bariko baragira.
Je nibaza Ivyo ko vyashika kera, ubu bakura basanzwe babizi
non bakundany bishits bagashwan bivuy kumukobw
Murabesha intinyi suko imeze nuruzogi rukorakugihimba cirondoka arikumuhung cank umukobwa yumuvyeyi at a hit war arise mugihe umwana uruzogi rugiraruveko rumugiye kugitsina abafashwe niyondwara ivyobindi musigura sivyo
Raconte nous autre chose en rapport de cet article.
Merci de cette information !