Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, birashika ugasanga umugabo afise umugore mwiza yama umutima uhagaze, kuko umwanya n’umwanya, abari amarere bashobora kumusimbana, akimyiza ibamfu. Hari abaguma babacunze, naho bitama bishoboka igihe cose nk’uko vyashikiye Aubin Mukuki*, w’i Muyinga. Intahe ibabaje cane.
Umukobwa
Abakozi b’ “Imana” mushurashuza abo mwosengeye: soma hano
Si rimwe si kabiri, iryo bara ryama ryaguye. Gusa, ntibikunze kuja ahabona. No muri kuno kwezi vyarabaye. Hari abiyita abakozi b’Imana usanga bari mu vyo gufata ku nguvu abo bosengeye. Uno mwigeme Kamariza* ni umwe mu bo vyashikiye. Aratwiganira ingene […]
“Ng’uku uko nagiye mu vyo kudandaza umubiri kubera covid-19”: intahe
Ikiza c’umugera wa Covid-19 cononye vyinshi cane. urudandazwa, ingendo, imirimo itari mike kw’isi,… vyarahagaze, imiryango ibura abayo iyindi iratandukana. Ivyo vyagize ingaruka mbi harimwo n’iziteye ubwoba nk’ibi vyashikiye Claudine*. Kubera gutandukana n’umukunzi wiwe yugaraniwe hanze, yabuze ukundi ari bugire, maze […]
« Uwurwaye mu gihimba c’irondoka bisigura ko yasambanye ? » : habe namba
Hari indwara zimwezimwe, iyo abigeme bazirwaye, bibatera isoni kwegera muganga, kuko batinya uruvugo rw’ababanyi n’abagenzi. Ivyo bituma basinzikara, bakagera kuja kwa muganga amazi yarenze inkombe; nk’uko vyagendeye umwigeme Solange*. Ng’iyi intahe yiwe.
Ubuyabaga ku mwigeme : impinduka nyinshi kandi zihambaye n’icokorwa
Mu kiratini, ico kiringo bacita “pubere”; bisigura kwibonako ubwoya. Abarundi bacita ubuyabaga. Ni ikiringo gitera ibibazo abatari bake bakigishikamwo, hagera ku bigeme ho bikaba ibindi. Baragira amaganya, bakitinya, hakaba n’abatora ingeso yo kwigunga. Yamara, ni ibintu bisanzwe umuntu wese ategerezwa […]
« Nakundanye n’umuzungu, banyita maraya» : kubera iki ?
Ukwubakana hagati y’abadasangiye urukoba kuribonekeza mu Burundi. Mugabo, urwo rukundo ntirumenyerewe cane, ku buryo rubonwa ukundi mu miryango no mu kibano. Ng’iyi intahe ya Jeannette Irakoze*, Umurundikazi aheruka kwubakana n’Umuzungu. Uko vyatanguye n’uko vyabandanije.
Nankana umwigeme yipangiye inzu aba ashaka kuja mu buhumbu ?
Hari ibihugu vyinshi, umwana ashikanye imyaka 18 aca afatwa nk’uwukuze, maze akava mu nzu y’abavyeyi, akaja kwimenya. Ariko hano i wacu si uko biri. Uretse ko ari bake babishoboye, n’ababikoze ntibabonwa kumwe. Umuhungu yipangiye inzu abonwa nk’umuhizi, mu gihe umukobwa […]
Mu masomero: abigeme 37 barashurashujwe n’abigisha 10
Amatohoza yagizwe n’ubushikiranganji bw’indero bufadikanije n’umukuru w’inama nkenguzamateka, mw’isekeza yatanguje yise « Gukura imfyisi mu ntama », abarezi 10 ni bo bashurashuje abanyeshure babo mu mwaka w’2019-2020. Agahomerabunwa.
Umuhungu n’umukobwa batavukana, nta bugenzi butarimwo guhuza ibitsina bushoboka ?
Ico kibazo kiri mu mitima y’abakobwa benshi. Bamwe ni kubera bamaze kugwa mu kaga k’ugukomerekera mu bugenzi bw’uburyarya, abandi kubera ukumva inkuru z’incamugongo, bakabura ico bari bufate n’ico bari bureke ; bakisanga mu mibonano mpuzabitsina batashatse. Ni kwo gufatwa ku nguvu. […]