article comment count is: 31

Nankana umwigeme yipangiye inzu aba ashaka kuja mu buhumbu ?

Hari ibihugu vyinshi, umwana ashikanye imyaka 18 aca afatwa nk’uwukuze, maze akava mu nzu y’abavyeyi, akaja kwimenya. Ariko hano i wacu si uko biri. Uretse ko ari bake babishoboye, n’ababikoze ntibabonwa kumwe. Umuhungu yipangiye inzu abonwa nk’umuhizi, mu gihe umukobwa we aca aboneka nk’uwugiye mu buhumbu. Kuki none bimeze uko?

Divine* amaze umwaka arangije amashure yisumbuye, ariko ntiyagize amahirwe yo gutora ikibazo ca Reta kimuha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza. Yaciye agumana n’abavyeyi ku gatumba, iyo avuka mu ntara ya Mwaro. Aheruka guhomba akazi kubera atinye kwipangira inzu. 

Agira ati: “Muvyaranje aba i Bujumbura yarandangiye akazi hafi y’aho akorera mu gisagara. Ariko yambwiye ko ntegerezwa kwipangira, kuko adafise aho yondaza, kandi nanje ata wundi mfise yompa indaro. Nahisemwo kugaheba, kuko umukobwa yipangiye bimutera iceyi, akabura n’umugabo.”

Nina* nawe amaze imyaka 5 ariye umutima amenyo, aripangira mu gisagara kugira yidandarize impuzu. None ni ivyo vyoba vyaratumye agera aya mango atarubaka urwiwe? agira ati : “Abagenzi banje, bumvise ko ngira nipangire inzu, barampanuye kubireka, kuko bibwira ngo nta musore yoba akintumbera; ariko sinabumviye. Nabona ari vyo vyonyorohereza mu rudandazwa rwanje.  Ndabishura nti hako mbura ubuzima, nobura umugabo. Kandi nyene, n’ubu sindamuronka, gusa sinokwemeza canke ngo mpakane ko ari ico bivako.”

Umwana n’ikinono

Ikigaragara,  ni uko abahungu bipangiye inzu ari bo benshi kurusha abakobwa. Nta vyigwa birerekana ico bivako, ariko biragaragara ko abahungu bama bafise akanyarigabo, bagashaka ubwigenge, kugira berekane ico bashoboye.  Iyo baronse uburyo na bukeya rero, benshi barava iwabo bakaja kwipangira, kugira bibesheho. 

Umukobwa nawe, iyo yipangiye inzu, ntiyama abonwa neza. Baramuvuga nabi, mbere bamwe bakagera aho bagira bati: “ntazoronka umugabo.” Yaba yibana canke abana n’abandi, aho bita muri “Home” canke ahandi, ni kwa kundi. Hari n’ababona ko ubwo bwigenge bushobora kumutuma aja mu bushurashuzi. Maze ivyo bigatuma abakobwa benshi batinya kwipangira, naho vyoba ari ngombwa.

Ya mase ya kera

Divine yahomvye akazi kubera atinye gupanga, Nina na we yikeka ko atarubaka urwiwe kuko yipangiye. Bose bazize imico ya kera, isasira indava akarenganyo gashingiye ku gitsina. Mbega hari umwana n’ikinono, ko abahungu bipangiye ataco babavugako ? Erega na bo nyene ivyo abakobwa bikekwako bobikora. Kira noneho, n’abadapanze boshobora kubikora, kandi ntawubaragiza ijisho. 

Iterambere rituraba twese. Umukobwa yipangiye inzu, akayirihira ku bw’iterambere ryiwe n’iry’umuryango, ntiyari akwiye kubizizwa. Ahubwo yari akwiye kuba kirwanirwa, kuko aba yerekanye ubutwari budasanzwe. Nayo abibaza ko aba agiye kwitwara nabi, mbega ivyo babica he ?

*: bahinduriwe amazina 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (31)

  1. Très intéressant et utile l’article.Par exemple moi ma fiancée loue une maison ici dans la capitale et je trouve ça normal même si moi aussi au début j’avais quelque doute,disant qu’il va changé de comportement mais ça dépend avec tes projets d’avenir si c’est pour être libre dans le contexte de rentrer à l’heure que tu veux dans ce cas ça devient chaotique mais si c’est pas le cas ça te rend très mur et responsable.Merci

  2. Umukobwa yipangiye inzu aba yerekanye ko afise iteka rikwiye. Abavuga bazoguma bavuga yamara abashurashura babana mu nzu na ba se na ba nyina.
    Ahubwo mbona biteye isoni, umwigeme akora akaguma ashumbiye mukuru we canke musazawe. Birabishe kwumva umwigeme akora yama ahazana na nyina ngo « urya ni nde? », « uvuye he? ».
    Biguha amahoro ku kazi no ku mutima, uri umwigeme, urapanga ntuzobuza abavuga

  3. Nanje ndashigikiye ko umukobga ashobora kwipangira mu gihe arivyo bimwirohereza mu bikorwa vyiwe! Ntiyarakwiye gucokorwa nkuko bivugwa kuko ubuhumbu ntibuva mukwipangira ahubgo buba ari ingeso umuntu asanganywe ! Bivugako n’uwutaha iwabo ariko gatima afise bitomubuza kubukora! Dushigikire abakobga bacu biteze imbere mubikorwa bataravye ivyo abantu babavugako bitarivyo

    1. Nanje kuruhande rwanje umwuko nikiriko birakenewe kwabigeme nabo bagira vision yokwitezimbere mukuronderubuzima aricogituma nibagupanga inzu arivyovyomworohereza mukazi noguterimbere yopanga kuko nukwigakuba gukora vyose narirya nimpfu zitwarabagabo hagasigarumugore

  4. Mubisanzw ntivyari bikwiye ko biba gutyo ntabwo wohebakazi kubwokwipangira inzu urumwigeme kandi ubishoboye,ushaka iterambere ryawe niwewe wokurabana nakazoza kawe ukirengagiza amajambo yabantu,ariko harinabigeme baca bavyitwaza ugasanga rero société ibifatiyeko ariko umwigeme yimangiye inzu ntabwo aruwokubonwa koyamenje oya
    Nuwo gushigikira

  5. Cet articles est très importante .alors ,il faut que les Burundais changent de mentalités ignorant la liberté des filles par ce que certains traditions et coutumes n’ont plus valable à partir du moment où il est très difficile de trouver de quoi à faire mais également ,on oublie pas que les unes profitent cette occasion qui finira de les conduire en disgrâce.

  6. L’article est très pertinent car à mon avis, il y ait une urgence,si c’est pas même tard , de produire bcp d’articles de ce genre afin de contribuer au changement de mentalités chez les jeunes en général et surtout chez filles en particulier. C’est l’un de moyens de s’auto_employer.

  7. Nivyo kabisa naje nibaza kenshi kuko iyo mbonye umukobwa yipangiye ntakindi nibaza uretse ko mbona umengo numusambanyi ariko munyuguruye amaso.muga kenshi naho ngarutse aba yishize mubigeragezo kuko abamurondera murico gihe baba beshi kandi bifuza gusambana nawe kk biba vyoroshe.

  8. Jewe ndamaze kubibona kuko nize universites nipangiye kandi hari nabakobwa baba bipangiye.rero ntamwonga ubura isato iba idahizwe.hari abaca baloresha nabi ubwo bwigenge muga si bose.kwipangira nibisanzwe.

  9. Rimwe Na Rimwe Kwigenga Ku Mwana W’umwigeme Biratuma N’izo Ngeso Ziziramwo, Ariko Biba Kenshi Iyo Uwo Mwigeme Yipangiye Inzu Yawenyene Kuko Kuraza Umusore Ntangorane Kuk Ntakirogoya Ariko Apanze Hamwe N’abandi Bigeme Babana Ndibazak Bitaba, Ndongerako Kandi Ko Kuja Mungeso Mbi Bivana Nakamere Y’umuntu, Kubwanje Uwo Mukobwa Amaze Imyaka 5 Yikorera Ivyo Muteza Imbere Ntivyomubera Intandaro Yokubura Umugabo Kuk Ubuzima Bwiza Kugira Bushoboke Buhera Mumutwe, Uwo Nawe Yahomvy Akazi Kubwo Gutinya Kwipangira Inzu Yarihenze Gatoya, Ubuzima Bw’uy’umusi N’uguhangayika. Uwo Mwigeme Yibazako Yabuze Umugabo Kubwo Kwipangira Inzu Vy’ukur Nimba Aziko Mur Ubwo Buzima Yigenjeje Neza Jew Nandondere Twivuganire. Murakoze

  10. Kuba umukobwa yokwipangira inzu sibibi mugihe avyifashemwo neza bivanye nindero yakuranye ariko burya m,uburundi hariho ingeso basogokuru na basogukuruza bacu badusizemwo itazohera vuba kuko kuva kera narindi igihe cose haba muntambara canke kujakurondera ibibeshaho igitsina gabo nicocama kirimbere hose nahose kugirang kibesheho umuryango ndetse igitsinagore nkikintu novuga kinini carikijejwe kwarugutangindendero mumuryango. Ariko rero ubu siko bimeze kuko ukwabant barwira mugihugu niko nigihugu kigenda gisubira hasi mwiterambere ndetse nabize bakaburakaz. Rero mugihe bimaze kugenduko ibint vyokurab ngwigitsina gore mukazi ndetse nukwipangira ivyo ntagaciro biba bikwiye kuronka mugihugu kuko umwewes ategerezwa kurondera ukwabaho. Hama kuberik? Ibihe vyose umunt arikwacisha akant kurubuga yamatanga akarorero kuntara y,amwaro!

  11. Nanje ndatinya umukobwa yipangira inzu aboneka muri WE nk’umuntu afise akanyarigabo kuko bishitse akubaka ugwiwe yohava aganza umugabo akipfuza kwisubirira muri ya liberté yahoramwo

    1. Birababaje kubona hari abantu baciyumvira uko ariko hamwe ndabatahura kubera bihera mu miryango aho abana b’abahungu barerwa mu buryo bubatuma bumva bari hejuru y’abakobwa rero iyo babonye umukobwa afise ivyo akora neza kubarusha bumva umenga yohava yiganza kubera bamusanze ashobora kwikorera n’ibirenze ivyo bo bomukorera.
      Kandi nawe isuzume neza niwasanga mu mutima wawe wama ushaka umukobwa ataco ashoboye kugira wame umufiseko ububasha woba ufise ikibazo kuko ni ikimenyetso complexe d’infériorité.
      Ivy’ubusumbasumbane ntakintu nakimwe bivuze, wewe gumana mu mutwe ko turi complémentaire kuko uwuvuze ko twese tungana vyo biba ibindi.
      Nimba kuba financièrement indépendante vyotera umukobwa kwiganza rero tu préfères ko aguma ataco yifashije kugira agume munsi y’umugabo?
      Mbega iyo respect niyo mushaka canke mushaka abo mwubahana mutuellement mufise canke mudafise?
      Erega umukobwa niwamwubahiriza azokwubaha abigwije na kabiri rero chers hommes travaillez sur vous et arrêtez de projeter vos complexes sur nous soyez sains mentalement et émotionnellement bizobafasha kutabona abakobwa bamwe bamwe nka menace mais plutôt les apprécier.

  12. Umukobwa yipangiye simpaka aje mubushurashuzi. Biravana nimico yiwe kuko ni benah baja gushurashura bagataha munzu zabase naba nyina. Kira noneho nimiryango yubu mugisagara baguhay iyo ndaro yabo umengo waje kuba incoreke bakibagira nicakuzanye kuko benshi baza mugisagara baje kwiga arik ugasang vyavyigwa vyaw ntibakibiha agaciro rero kugira ivyo vyose uvyirinde uhitamwo kwipangira ukaronka amahoro yo mumutima wawe je nuko ndabibona. Ntamugabo wobura ngo nuko wipangiye kuko ni benshi tuzi batararongogwa baba kwabase ariko abipangiye bakagenda

  13. Umukobw yipangir naj nomutiny kwel kuk amakeng ntahera.Gus mugab vyos biva kunges yamanya akiri muto.harih abigenz nez mugab ni bake babaho

  14. Commentaire *oya ntabwo bigutesha agacir urumv warusazw warufis iyo nges yubusambany uzoyiguman atay warufis nah azokwiber mumutekanan wirind abakujan mungeso mbi

  15. Ivyo kwipangira inzu sivyo bituma umuntu akora ubuhumbu ahubwo umutima asanganywe niwo ubimutera.
    Benshi batwara imbanyi batifuza kandi bari munzu z’abavyeyi.Gusa kera ikibazo c’ama Home caragirira ingarukambi benshi bivanye nuko bababona canke babiyumvira.

  16. Ivyari i magera vyarageruko kuko kare ntamukobwa yaja kwishure ariko uno musi hariho abaciye ubwenge gusumvya abahungu.
    Impavu igihugu kidatera imbere nuko ubukoroni bwadusizemwo ivyiyumviro n’imbono ziciriye hagufi kuko umukobwa iyo afashe ingingo nkiyo ni vyiza cane kuko nabo barashoboye.
    Ivyo tubera vyiza nuko twohindura ivyiyumviro vyacu umwe wese agakora ico abona ashoboye kandi yumva ashaka

  17. Umukobwa ahisemwo kwipangira mu ntumbero yo gukora ngo yiteze imbere numva ahubwo aruwo gutera intege. Ubundi kuja mu buhumbu bivana n’umutima w’umuntu uwoca ajayo numva yoba yarafise agatima ariko bidasigurakp kwipangira bingana kuja m’ubuhumbu

  18. Ibintu vyooose nimumutwe ubundi kwipangira ntakosa ririmwo ugiye gupanga wahaye agaciro KO ugiye gukora akazi kawe ntakibuza utarongorwa ikindi uwigize igitebo bamuyoza umwavu wewe nyene mukobwa uzigitumye upanga niwe wokwiha agaciro nakazi kawe ukora

  19. Shaa,har’uwahaye umukobwa yipangiy agahirwe angana na 40%,ariko je ni nka 15 kuko biragoye ko yokwirinda abamushira mungeso mbi kuko aba afise freedom irenze.arik ar ku1 n’abvyey barahanur basi.ese ko hari n’abo vyanka bar kumwe n’abavyey,uwo wew atan’ikimuhanura vyohererahe? Wasichana mjitahadhari! naje sinorongor umukobwa yipangiy’inzu pe!