article comment count is: 4

“Ng’uku uko nagiye mu vyo kudandaza umubiri kubera covid-19”: intahe

Ikiza c’umugera wa Covid-19 cononye vyinshi cane. urudandazwa, ingendo, imirimo itari mike kw’isi,… vyarahagaze,  imiryango ibura abayo iyindi iratandukana. Ivyo vyagize ingaruka mbi harimwo n’iziteye ubwoba nk’ibi vyashikiye Claudine*. Kubera gutandukana n’umukunzi wiwe yugaraniwe hanze, yabuze ukundi ari bugire, maze ahereza kudandaza umubiri. Intahe.

Ejo bundi, mvuye kunonora imitsi, nagiye kwisama aho bafitira icayi. Nahasanze umukobwa umwe tuzinanye, ari kumwe n’uwundi mugenzi wiwe yibungenze yitwa Claudine*. Ndamuramutsa ntamuhaye ukuboko nk’uko bisigaye biri.   

Twaciye twicara ku meza imwe, duca dutangura kuba turatera inkuru z’abugaraniwe hanze kubera kubura aho baca. Ndababwira ko jewe uwanje yagiye kwivuza none n’ubu ari yo akiri. Ni ho Claudine yahava ambwira ko na we nyene umukunzi wiwe yamutwaje iyo mbanyi yugaraniwe hanze, kandi bari babana naho batari bwaragane.

Nahavuye ndamubaza uko abayeho, aca ambwira ko uwubizi ari uwo mugenzi wanje wenyene, abandi babona arenga irembo agataha, abayeho kandi ariha inzu neza. 

Kwangazwa

Claudine yaciye anyiganira ayo yagowe ; ukuntu  iwabo bafise ibikwegana, ariko ntibigera bamubaza uko yaramutse, kandi ari imfura yabo.  N’amarira menshi aca arambwira uko vyose vyatanguye ati : “Narahejeje ishure ry’imyuga. Nakundanye n’umuhugu yisoneye, adandaza, ari na we yantwaje iyi mbanyi. Data yarankubise ahakwa kunyica, aca aranyirukana ngo njane iyo nakuye. Naciye nja kubana na wa mukunzi wanje, apanze mu Kigobe.”

Uwo muhungu bakundana ngo yari asanzwe aja kurangurira abantu ibidandazwa bamutuma mu Bushinwa na Dubayi, ku buryo baronka amafaranga yo kubaho ata ngorane. Ntibukeye kabiri, imbanyi ikiri agasamo, wa muhungu agenda i Dubayi, baca bugara imbibe ari yo ari. Udufaranga yatekeye tumuhererako, uwo yasize mu Burundi na we agorerwa mu nzu, abura utwo afungura kandi iwabo babisesa. 

Ni ko kurenga indahiro

Nk’uko yabinyiganiye, Claudine ibintu yari yararahiye bwari ubushurashuzi. Ariko kubera uko agira, ata kundi yabona yoshobora kubaho, yatanguye kudandaza umubiri. Ubu abeshejweho n’amafaranga ahabwa n’abo baryamanye. 

Akagira ati : “Ntabigize sinobaho. Mbaye mu caha c’ubusambanyi n’ukubesha kuko umugabo wanje atazi ivyo ndimwo. Imibonano mpuzabitsina ndiko ndayigira ndababara cane nkabura uko ngira. Mugabo ku mezi atandatu sinzoba nkibishobora.”

Claudine agiheza kunyiganira ivyo abayemwo, amosozi yantanze hasi. Nkiyumvira ubuzima nk’ubwo ku muntu yibungeze, kandi afise incuti n’abagenzi, ngasigwa. Muri make, ivyo bibazo ntiyabishizwemwo n’ikiza ca coronavirisi conyene. Hari n’ibindi vyinshi vyavuyeko mu kibano, kandi vyica n’abandi batari bake. Kuri ubu iyo abavyeyi bamutahura, ntaba abonye ayo ariko arabona. Vyongeye, abigeme bakwiye kuja bariyubara igihe cose, ntibirekure birenze urugero kuko ntawumenye ico ejo hamubikiye.

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. 1. Jewe mbona ko mugihe uwo mukunzi yagiye Dubayi canke uwundi muntu wese amuzi bashoboye gusoma iyi nkuru kuri yaga-burundi.com, VYOSHOBOKA KUMENYA UWU CLAUDINE UW’ARIWE (pas de vraie protection de l’anonymat).
    2. Birababaje kugira uwu Claudine arinde ashika kuri iyo ngingo kandi yari afise abo mu muryango boshoboye kumufasha.
    Ni nk’uko kugira umuryango (wishoboye?) canke kutawugira ari nka co kimwe.
    ra kumenya ivyo

  2. Iyi nkuru irababaje yamara Claudine yari asanganywe ingeso mbi.
    Muri iyi nkuru, yavuye iwabo, ntiyumvire abavyeyi, ashuha nk ibati arigemura ku muhungu maze amutera inda. Uwo muhungu, abonye indya zizanye ntiyigeze aja no kumusaba, yamufashe nk’ind..nyene.
    None afise n’inda, yabonye ko ivyomworohera ari ubusambanyi? Ko iwabo bafise ibikwegana, arabuze nyinabo canke sewabo bakwega bike bomwakira? Erega, nti nk ivyo vy abakobwa bagenda barangaye nk ibitungwa, barya icuya c abandi ataco bobo boha iminwe???

  3. « Rimwe na rimwe harigihe abantu Baja mu ngeso zitabereye kubw’impamvu zitumvikana »
    1)Mbega imbere y’uko yinjira muri uyo mwuga mubi, yarahanuje abo mu Kibano?
    2)Igihe ukubaguwe mu muryango wawe hariho amashirahamwe ajejwe gukinga agateka ka zina muntu cank k’abana yari kwitura ibigo bijejwe guharanira agateka ka zina muntu .
    Rero Claudine yagiye muruwo mwuga kubw’ukuyamenya cank kubw’impamvu ziwe bwite!