article comment count is: 26

Umuhungu n’umukobwa batavukana, nta bugenzi butarimwo guhuza ibitsina bushoboka ?

Ico kibazo kiri mu mitima y’abakobwa benshi. Bamwe ni kubera bamaze kugwa mu kaga k’ugukomerekera mu bugenzi bw’uburyarya, abandi kubera ukumva inkuru z’incamugongo, bakabura ico bari bufate n’ico bari bureke ; bakisanga mu mibonano mpuzabitsina batashatse. Ni kwo gufatwa ku nguvu. Vyaranshikiye.

Umusi umwe nagiye kuraba umugenzi, nsanga ari ari kumwe n’uwundi mugenzi wiwe, duca turidondorana. Twaranyoye, turayaga, uno aca anyaka aka nomero k’iterefone ; ndakamuha ataco ninona.

Hageze gutaha, hariko haragwa imvura. Wa mugenzi mushasha yari afise ingendeshwa, aratwunguruza, adushikana  ku gituro c’amatagisi, atako aranaturihira ayo kudushikana i muhira. Muri iryo joro nyene yaranyandikiye, ambaza ko nashitse amahoro, turavugana n’ibindi vy’ubuzima busanzwe. Numva aganira neza kandi aciye ubwenge ; nibwira ko kumwunguka nk’umugenzi ari akarusho. 

Haciye imisi mikeyi, yansavye ko twoja gufata akayaga ku kiyaga. Naramwitavye. Mbere kari n’akaryo ko kumumenya birushirije.

Yagenzwa na tubiri

Yarampitanye, turamererwa neza. Dutashe, Arnaud* yatanguye kundondagurira no kundatira ibihimba bimwebimwe bigize umubiri wanje ngo yagomwe. Mbere yatanguye kunkorakora ; ndamwiyama. Buno, aca aransaba ko nomusoma ; ndanka. Yarabandanije abinsaba, ashimitse, ndahava nsa n’uwukara, nti : « Niwaba wibajije ko kunsohokana bisigura kunkoza ico ushaka, si uko bimeze. »  

Twaratashe, mugabo afata iyindi nzira ngo agiye kunyereka aho aba. Mu mutima ndibwira nti ziranyazwe. Ndahora, turagenda, ntangura kwigira inama y’ukugene ndi buve muri ako kaga. 

Dushitse, sininjiye muri iyo nzu ndamubwira ko nzogaruka, kuko bwari bwije. Amaze umwanya abinsaba arahava arahebura. Ni kwo guca antahana, anshikana muhira. Kuva uwo mwanya, ntitwasubiye kuvugana. Yamara ntivyahereye aho.

Ntiyashizwe…

Haraciye imisi, arasubira aramvugisha, ansaba imbabazi ku vyabaye ; nanje ndazimugirira, dusubira kugiranira imigenderanire gutyo. Haciye igihe, asubira akandi kumbaza ko mfise umwanya ngo tujane kandi gufata akayaga ; sinamuhakanira ; ngira nti yarihanye ubutagisubira rya kosha rya wa mwaka. Turagenda, turaryimara.

Hageze ko dutaha, mbona afashe iyindi nzira. Ndamubajije, ambwira ko agiye kuraba umugenzi, ndamwankira, kuko bwari bwije. 

Arinamura ati : « Ndagusavye umpe n’aga « coup »  kamwe gusa ! » Aho ndi, numva umengo nguye igihumura, umutekano mu nda no mu mutima urahungabana, nicuza icatumye nsubira kumwitaba. 

Ndamubaza nti : « Mbega none ko mbona unyubahutse mu kumbwira ivyo ushaka kuri jewe, tutigeze tuvugana,  kandi wari untwaye utanambwiye, urandiha ko umfashe nk’imaraya ? » Na we ati : « Oya sindakuriha nari ndagusavye gusa. » Ukuvugana nabi biba biratanguye aho nyene.

Twagahaririye kuva kera, ndateba ndamurengera, ndamusaba nshimitse, nk’uwumutegeka nyene nti : « enda nshikana aho mfatira iyinsubiza iwacu, urekane n’ubwo bushirasoni bwawe ! » Yemera nk’uwujaniranywe, arahanshikana. 

Hari benshi mu bigeme bamaze gushikirwa n’ibimeze nk’ivyo. Abatari bake baramaze gufatirwamwo ku nguvu, ariko si benshi bubahuka kubivuga, ku mvo zitandukanye. Naragize Imana, sinahakomerekeye. Ariko muri jewe, ndacafise ikibazo : hagati y’umuhungu n’umukobwa batavukana, nta bugenzi budafatiye ku guhuza ibitsina bushoboka ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (26)

  1. Burashoboka,gusa abigeme nukuhakanurira imbeba m ku kurya iraguhuha,kand inab iz mwishush yinez.turafise ingoran y kwizer birenz,umunt utaz namazin yiw yos,utaz nahab nicar nivy akor au moins iz n info zik zishobok,ukurir umudug arimw ng murasohots en plus.kensh tugw mungoran kuber imprudence iva kukumenyer isi

  2. Burashoboka mbere nacane ariko murebe ivyomuhurirako ubwobugenzi muhurira muvyokwinezereza sibwoooo ,akaborerwe numunezero wiraha bakobwa navyo biratuma mushokera mumabi mukibesha ngontimwayateguye yamara vyatanguye mubibona uretse abakora wamwuga ugayitse urumukobwa wumutima urabigwanya akarorero ninkawewe washoboye kubirwanya niba ivyutubwiye atarinkuru mpimbano ariko nawewe iconkugaya nogut mujana kukayaga numuntu mwabonanyr rimwe ??

  3. Ok Ivyo Birashika Cane Ahubwo Beshi Mu Bizi Ko Biba Ku Bakobwa Na Bahungu Rimwe Na Rimwe Bira Bira Bashikira

    Narigeze Gukundwa Nu Mu Kobwa Ariko Vyatanguye Aru Bugenzi Nisanga Mu Rukundo Ariko Yara Sumvya Amahera iyu Mvuri Uko Vyari Bimeze Nari Naro Ngowe Nu Mukobwa

  4. Birashoboka mugihe mungana !!! Mwese mur abanyeshure mwigishanya uduharuro ,,canke igihe mukorana kukazi mugihe musohotse mwese musorora , canke mwese muzi abakunzi b’uwundi . Nayo iyo ari aka bébé kiga ecofo ,n’ikigangi cifitiye igari ,,no mumitwe ntihaba hafonctionna kumwe ,ushiduka yakuriye kand ntakindi nakimw aba akuronderako.murakoze

  5. Birashobok caneee.arik bisabw ingingo zikomey can cane zivuy kumukobwa kuk usanze umukobw agihahamiy ivyukuryoherw gus mubisayangan ntibigora kwarugwamwo.Rer nokubahungu birashika iyusanze uwo mukobwa afise amahera menshi.C vice-versa

  6. vyiza ubucuti canke ubugenzi burakenewe ico twomenya twese nuko twiha urugero kubo tudasangiy’ibitsina kuko uko amasaha ater’akura mumaranan’umuntu mukiyago atakarimbi mwihaye bitera gutirimuka

  7. Ivyo birashika kenshi ariko abakobwa nabo rimwe rimwe nibo bikwegera. Ni gute umuhungu muvugane rimwe hama muce muhana map. Encore kenshi abakobwa bibwir ngo bariko barya umuhungu ntibameny ko n’abahung nabo usanga kenshi bari ku biharuro. Umukobwa akunda ikirori sana arakunda kurwa muri iyo mitego.. Nivyiza rero ko umukobwa atoza aremer ivyo abonye vyose kuko ntaba azi ibi inyuma

  8. Nsigurira ukuntu wamukobwawe WUBAHUKA UKAGENDA motif ngo muri abagenzi umuhungu yiyegeranirije agahera kiwe mutari kumwe UKAYARYA UTEKANYE N’UMUTIMA MUNDA😀

    SASA RERO NTUZI UBUJUJU BWAWE AHO BUSHINGIYE. WUBAHUTSE KUGENDA IRIGIRA KABIRI KUMURIRA AMAHERA WIBAGIYE IVYABAYE UBWAMBERE? Ntiwiyumvira wewe!!!

  9. vrt kwibaza ikibazo c’ukw’atabucuti buba hagati y’umusore n’umwigeme batavukana ivyo.Naje ndavyemeza.
    Kuko igtuma umuhungu yiyumvamwo umukobwa ico kimushitsako nukw’aba yipfuza kugira ico yoheza akamumarira nko kumuruhura vyishi mubibazo aba yar afise mumutima wiwe.

    Kandi nubwo utoba ushaka kumugirira nabi wewe {musore}kumugir umugenzi bigtera kwipfuza kumushira murugo.Nanje ivyo bintera kwemezako ATABUGENZI BW’UMUSORE N’INKUMUMI BUBAHO BUDAFATIYE KUGUHUZA IBITSINA URETSE IYO MURI ABAVUKANA! Murakozn

  10. Tubiravye urukundo rurabaho kandi urwo rukundo ruriho kugira rutugirire akamaro, umuhungu numukobwa botegerejwe gukundana bakurikije izi ntambwe zitatu: intambwe ya mbere niyukwemera ivyo utarinze kubona vrmt umukobwa ukamukunda utiriwe uramusaba umubonano mpuza bitsina. Intambwe ya kabiri niyukwizigira umukobwa canke umuhungu bakundanye bakizigira k bazokwubaka ugwabo muri kazoza, batiriwe baraja mubusambanyi. Intambwe ya gatatu niyukuvugana ukuri ivyo muyaga vyose mukabiyaga mukuri ata wuhenda uwundi niho muzoshika kuvyipfuzo mwipfuje kuva mugikundana!!!!!

  11. N’abahungu si bose kuko haracariho abahungu b’imitima myiza batarangwa ningeso zubusambanyi ariko nyene nka 90% ku bahungu turi mwisi dukunda kubesha kugira dusambanye abakobwa sinzi yuko ari iterambere tugezemwo canke ibihe vyiherezo

  12. Birashoboka kuk jew harumukobw twakundany akir mutoya afis imyaka 15 kubugenzi gusa ubu arakwije Imyaka 21 Urumvako ari imyaka itandatu gusîk nub tur abagenzi kand ntamusi n’umwe turigera dusambana. Turarangurana imigambi yokwitezimbere tukungurana ubumenyi, ni umugenzi pfampfe. Ubu twaramenyerany tubonana nka gishiki na gisaza. Abatubona ubwamber vyarabatera amakenga arik gushikubu barabonyeko arubugenzi busanzwe ntickitwikeka. Ubugenzi bw’umukobwa n’umuhungu batavukana burashoboka kand budafatiye ku mibonano mpuzabitsina.