article comment count is: 5

Mu masomero: abigeme 37 barashurashujwe n’abigisha 10

Amatohoza yagizwe n’ubushikiranganji bw’indero bufadikanije n’umukuru w’inama nkenguzamateka, mw’isekeza yatanguje yise « Gukura imfyisi mu ntama », abarezi 10 ni bo bashurashuje abanyeshure babo mu mwaka w’2019-2020. Agahomerabunwa. 

Abigeme bashika 37 barashurashujwe n’abo barezi. Ahaza ubwa mbere, ni mu Kayanza, aho umurezi yateye inda abarerwa  bagera kuri 19. Hakurikirwa na Ntega mu Kirundo, aho umuyobozi yagirizwa gusambanya abana 13; nk’uko vyerekanwa  n’ayo matohoza. 

Bamwe barapfunzwe, abandi barirukanywe mu kazi. Ubona ko “igisuma ari igifashwe”, abamenyekana ni bo bake. Ivyo bikava ku gutinya gushengeza ababikoze. 

Ayandi matohoza y’ubushikirangaji bw’indero yerekana ko, inyuma y’ishure nshingiro, ibiharuro vy’inda z’indaro vyaduze. Abazitwaye bavuye ku 590 baja ku 1.040, uyu mwaka gusa.

Ingwe zambaye urushato rw’abarezi

Ukwitwa umurezi ni ibanga ridasanzwe. Umwigisha aba afise kazoza k’igihugu cose mu minwe yiwe. Inyifato ibereye umurezi mw’isomero si ukugoka ku bana igihugu cakugije.  Umwungere mwiza yita ku rutare kugira intama ziwe zimererwe neza, maze agahimbarwa n’uko mu mataha azicuye zikwiye. Si wa wundi azicisha mu manga, hagira iyitemba nawe akayicisha ku buhomba.

Biragoye gutahura umutima n’ubwenge vy’uwitwa ngo ni umurezi, hejuru y’inyigisho aba yararonse, aheza yubahuka kuganiriza ivy’uguhuza ibitsina n’abarerwa biwe. Abahinga mu vy’imbino barerekana ko ata mwumvikano uba wabayemwo muri ico gihe; ni ugufata ku nguvu mu bisanzwe. Mwe n’abo ntibaba baciswe abarezi; ni nk’imfyisi ziyambitse uruhu rw’abarezi. Bakwiye guhanwa bihashije.

Uruhombo narwo

Ugutesha ishure umurerwa ni ukunigira mu menshi kazoza  kiwe, n’ak’igihugu camwibarutse. Nta wobideha, abigeme n’abakenyezi ni inkingi y’iterambere, na cane cane mu Burundi. Umwigeme agiye kw’ishure rero, kaba ari kazoza keza gateguwe. 

Mu Burundi, imico n’imigenzo dufise bisanzwe bisanzwe bitorohereza Umurundikazi. Bimushira mu kibanza c’inyuma. Iyo adatomboje ngo yige, ibintu birushirizaho kuba nabi, akigizwa inyuma birushirije. Inzira iy’ari yo yose rero yomubuza iryo terambere rizananye mw’isomero, ni ikibi kibishe. 

“Uhishirira umurozi akakumarira abawe”

Kudashengeza umwarimu, canke uwundi wese agerageza umurerwa, ni imwe mu ngorane zibangamira abigeme bakiri bato. Rimwe na rimwe, usanga baterwa ubwoba ko bazobayobeza. Ivyo bigatuma ibintu biyangara. Ariko, “ibuye iyo riserutse ntiriba ricica isuka”. 

Ku mashure yose, harakwiye gushingwa imigwi ijejwe kwumviriza ibibazo vy’abarerwa.  Abavyeyi babo na bo ntibahengeshanye gukwirikirana ibibazo vy’abana, maze bagakorana n’uwo mugwi woba washinzwe.

Mu gihe rero hari umurezi  canke uwundi wese yoba agomba guhumbisha umunyeshure, uwo mugwi ni wo abo bigeme boheza bakitura mugushengeza bene ivyo bihemu. Amategeko ubwayo arikwije, gupfukapfuka ni vyo bigiteye ingorane.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Mu bisanzwe, iyo umurezi ahemukiye umurerwa biragoye ko uwahemukiwe amushengeza kuk usanga afise ubwoba bw’ico yohava amukorera mu nyum yo kumugaragariza igihugu, cank naho agatinya uko ikibano kizomufata kwumva ko yaryamanye n’umurezi kuko tubizi neza ko Abarundi bamwebamwe bikirugora gutahura mwene ako kabi kuko hari uruhande rumwe muri twebwe ruba rutwumvisha ko bishoboka bakaba boba bari bavyumvikanye. Iyo mirwi rero yo kwumviriza urwaruka Kand igizwe n’abantu bizewe irakenewe ku masomero, bityo rero urwaruka ruzoronka akaryo ko gushikiriza akarubakiye.
    Murakoze!

    1. Ubivuze neza cane mugenzi.erega nyene kenshi baravyumvikana kubera umukobwa yabuze choix yindi.kuko uw munyeshure avugati nkamwankira basi arantema nimba arugutema nyene.ariko arihamwe uwomurwi wojaho.umunyeshure yokwankira umurezi agaça aja kuvyiganira uw mugwi hanyuma gutyo uw mwalimu yoca ahanwa cnk akihanizwa kuburyo kubwo gutinya uw mugwi wasizweho atoshobora kugira ico akoreye kibi uwo munyeshure

  2. Abavyeyi b’umwana na bonyene barashobora kubifukafuka kukwanka guhangara uwo murezi yoba yahemutse
    Akenshi iyo uwo murezi ari umusore, ivyo bica bibonekera mu manyanga aca akurikira mugutunganya gihutihuti ivy’ukwubakana hagati y’uwo mwarimu n’umwana.
    Iyo umwigisha asanzwe yari yubatse urwiwe naho, aca agerageza kuzibira ukuri kwose kuri ico caha, kikagirizwa uwundi.
    Hokorwa iki none?
    Uwariwe wese afitiye impuhwe umwana yoba yahuye n’ivyo vyago,yoterera mugushira ahabona no gushengeza iyo nkozi y’ikibi. Abajejwe guhana ivyaha basabwe kudaca urwangondagonde.
    Eka noneho ayo mabi akorerwa abanyeshure ashobora no gukorwa n’abandi atari abigisha:aba motard, abadandaza,…