article comment count is: 3

Ubuyabaga ku mwigeme : impinduka nyinshi kandi zihambaye n’icokorwa

Mu kiratini, ico kiringo bacita “pubere”; bisigura kwibonako ubwoya. Abarundi bacita ubuyabaga. Ni ikiringo gitera ibibazo abatari bake bakigishikamwo, hagera ku bigeme ho bikaba ibindi. Baragira amaganya, bakitinya, hakaba n’abatora ingeso yo kwigunga. Yamara, ni ibintu bisanzwe umuntu wese ategerezwa gucamwo mu buzima, nk’uko urubuga Passeport Santé ruduha umuco.

 

 

Abakobwa, icerekana ko babaye imiyabaga ni uko babona hahinduka vyinshi ku mubiri canke muri bo, kuva bafise hagati y’imyaka 8 na 13. Ivyo bihinduka bijanye n’inkabuzo ziri mu mubiri. Umuravye, aramera ubwoya ku bihimba vy’irondoka. Mu nyuma naho, akamera ubwakwaha.

Ivyo bikurikirana kenshi mbere n’amahere aza mu maso. Ico gihe, ni ho amabere atangura gukura, mugabo akazofata imero yayo burundu ku myaka 18 canke 19. Araheza kandi akavyibuha, ikiyunguyungu kikaguka; mu rukenyerero na ho no ku matako, umubiri ukaremba. Ikindi rero gikomeye ni uko ibice vy’igihimba c’irondoka  bisanzwe vyibonekeza bivyibuha, imbere y’uko atangura kuja mu butinyanka. Igitereko ubwaco na co kigakura, kandi gishika mu bigero inyuma y’imyaka ine canke itanu atanguye kuja mu butinyanka.

Aha rero, hari ikintu kidasanzwe na gato twese dutegerezwa kumenya: ni uko umukobwa wese ahinduka ukwiwe, ku mubiri wiwe canke muri we. Uko bigenda kuri uyu si ko bigenda ku wundi. Nta nzira imwe bisanzwe bifata kuri uyu canke kuri uriya.

Inyifato na yo

Igihe c’ubuyabaga kirahungabanya abakobwa bamwebamwe. Ico kiringo kiragorana, kuko ibintu biba biriko biramubako biramusiga, kandi ata na kimwe ashobora kubuza canke kugenza uko ashaka. Naho ataba arashika mu bigero, uwo mukobwa ariyambura ubwana. 

Abona umubiri wiwe uhindagurika, ugasanga mbere hari aho biba birenze uko yahora avyibaza. Ivyo bihindagurika bituma yigereranya n’abagenzi canke abo babana. Ibibazo mu mutima bikaba indiri : “Kubera iki umugenzi wanje yambaye isindiriya ?“Kubera iki ari jewe mbaye uwa mbere mu kubona ubutinyanka ?” None nzobandanya nkura ?” canke ugasanga mbere biri ukundi; akibaza ati : “Kubera iki ari je ndi muremure kurusha abandi ?” n’ibindi.

Ubuyabaga ni igihe kitorohereza abantu, kuko birashika uwubirimwo, abo bigana bakamutwenga. Ivyo rero bikababaza cane abigeme, bigatuma bigunga canke bagakara cane.

Ikindi gihambaye

Mu buyabaga, hahinduka ibintu vyinshi cane kandi bihambaye. Umubiri wiwe urakura wose, uko asanzwe aboneka bigahinduka. Urasanga mbere aca aronka n’inkabuzo mu mubiri zituma abira icuya kenshi, bigatuma hari n’abagira akamoto batahorana.

Ubutinyanka buza, mu bisanzwe, igihe umukobwa aba afise nk’ibiro 48, bukabonekera ku maraso ava mu gihimba c’irondoka, ata kintu kiboneka hanze vyavuyeko. Iyo umwigeme atanguye kuja mu butinyanka, vyerekana ko aba ageze gusama. Aho rero, umubiri wiwe uzokwama ukora urubuto uko ukwezi gutashe, gushika ageze mu gihe co guca imvyaro.

Kuri izo mpinduka zose, umuyabaga agenda arumva mu mutima wiwe havyuka ibibazo ku kantu kose, vyinshi kandi adashoka araronkera inyishu. Iyo mu bavyeyi, abavukanyi canke ababanyi ba hafi ata wurimwo wo kumuganiriza ngo amuhe umuco, aca aja kuzirondera ahandi; mbere bikaba vyotuma ivyo bihe atabibamwo neza, kuko bishobora gushika umuco n’impanuro aronka ntibibe ari vyiza. Ukumuganiriza kuva hakiri kare, ni yo nzira nziza yo kumufasha. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)