Abahaciye bahazi nk’ahantu “heranda”, “ahantu h’ubuntu, hari abantu b’ubuntu, ikirimba c’ubumenyi n’ubushakashatsi”. Ariko uwo mwidondoro ntukibereye kuko, hari ibintu biriko birahatosekaza. Ubu hoho vyarenze ihaniro. Ata gikozwe birayangara.
Christophe Niyongabo
Imico n’imigenzo vy’ikirundi mw’iterambere: urwaruka rw’i Buganda ntirumurikiwe
Abantu babona ugutandukanye imico n’imigenzo. Hari abavuga ko hari ivyakorwa kera ubu vyataye igihe. Abandi na bo, bakabona ko ibintu vyahindutse, ko abantu bakwiye kujana n’ibigezweko. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke, rurakebura, abajejwe intwaro bagatanga […]
Buganda : kubumbatira amahoro ukenye ni amananiza mu rwaruka
Haba mu bihe vy’amahoro canke mu makuba, uruhara rw’uruwaruka ntirusanzwe. Mu kwubaka canke gusambura, urwaruka ni rwo rukoreshwa. Ni co gituma abo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke, bemeza ko bishakira iterambere, mugabo ubukene ngo ni bwo bubahungabanya.
Ugutatura amatati i Buganda: ata rwaruka nta gishoboka
Indyane ntizigera zibura mu kibano. Iyo hageze kuzitorera umuti, akenshi biragorana kubera ko umwe wese usanga yikwegerako, bivanye n’umugwi arimwo. Hamwe n’urwaruka rwo muri komine Buganda tubirabire hamwe ikibereye gukorwa, gutyo abantu bame bazitira bataronerwa.
Gukinga amabi n’indyane : urwaruka rw’i Buganda rurasemerera
Uburundi bwarabayemwo indyane nyinshi muri kahise. Ivyo bikaba vyaragize ingaruka nyishi kandi, n’ubu zicibonekeza. Abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo ako kabi ntigasubire, kuko gasiga igihugu mu kajembegete. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke ruravuga icokorwa […]
Inda z’indaro : intambamyi kw’iterambere ry’urwaruka rw’i Buganda
Inda z’indaro si agaseseshwarumuri mu rwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Ruravuga igituma haba iyo ngeso ituma haba n’abateshwa amashure kare. Bari kumwe n’abo mu ntwaro, baratubwira icokorwa kugira ngo ibintu bihinduke.
Rumonge: ubushomeri buraraje ishinga urwaruka
Ikena ry’akazi mu Burundi si agaseseshwarumuri. Urwaruka rwo muri komine ya Rumonge ruragerageza kwiteza imbere muri twinshi rwiyungunganyamwo. Naho biri uko, hariho inzitizi zibabuza gushika kw’iterambere. Reka babitubwire, bongere bavuge n’umuti wavyo.
« Ukwitwa umupfasoni si ugupfana isoni, ahubwo ni akaranga »
Abigeme n’abakenyezi bo muri komine ya Rumonge bavuga ko bagihura n’intambamyi nyinshi mu bijanye n’iterambere. Ivyo bikava kuri kahise katigeze gashira imbere Umurundikazi. Naho hakiriho abikumira abandi barashima intambwe umukenyezi agezeko.
Uruhongore kama rwa Rusizi: ata gikozwe rurazimangana
Uruhongore kama rwo mu kiyaya ca Rusizi ni kimwe mu bibanza bikingiwe mu gihugu cacu. Ariko ikibabaje, rurabangamiwe n’ibikorwa bitandukanye vy’abantu bahegereye baguma bakivogera ku musi ku musi bikorera ibikorwa bibaza ko bibagirira akamaro, ariko batazi ko bariko baca ishami […]