article comment count is: 2

Abakozi b’ “Imana” mushurashuza abo mwosengeye: soma hano

Si rimwe si kabiri, iryo bara ryama ryaguye. Gusa, ntibikunze kuja ahabona. No muri kuno kwezi vyarabaye. Hari abiyita abakozi b’Imana usanga bari mu vyo gufata ku nguvu abo bosengeye. Uno mwigeme Kamariza* ni umwe mu bo vyashikiye. Aratwiganira ingene vyagenze.

Vyose vyatanguriye ku ngorane nari mfise y’ukutabona ubutinyanka. Nabugiyemwo amezi atatu ya mbere gusa, mu nyuma bica birahagarara. Ndarindira ko nsubirayo ndabura. Ukwezi kwa mbere, ukwa kabiri, ukwa gatatu,… mpera umbone. Iyo mba narabonanye n’umuhungu, nari kwibaza ko nasamye. Ariko kubera ataco nari nakoze, umutima wanje waguma utekanye. Mu nyuma natanguye kubabara mu nda. Abagenzi ndavyiganiye bakambwira ko biva kuri iyo ngorane yo kutaja mu butinyanka. 

Igihe kimwe, natashe i muhira mu karuhuko, ndahasanga inkuru y’umupasitori w’ishengero rishasha, yashinze ku mutumba uri hakurya y’iwacu. Umukenyezi w’umubanyi ambwira ati : “Uwo mupasitori arasengera abantu bagakira indwara zananiranye. Bakavuga ko afise amavuta ya ‘Erayono’, ayagusize aho ubabara, uca ukira ubwo nyene.” Nanje kubera nari nsanzwe numva mbabara cane, narabinginze kugira ngo banjane. 

Ndi buyabone

Nari ndaye mu masengesho y’amakesha hamwe n’abandi. Aho nari nitavye ubutumire nahawe na wa mupasitori, yanyemereye  kunsengera. Ubwa mbere yari yaransavye amahera kugira ngo ampe amavuta nisige nce nkira, ndayabura. Ariko naramwinginze ngo azonsengere, arateba aravyemera.

Muri iryo joro rero, mu gihe amasengesho yari yashushe, yarampamagaye anjana mu cumba, ahantu hatabona neza. Hari hacanye ibuji. Araheza arambwira ko, kugira ngo amasengesho afate, abanza kumwa umushatsi wose  ku mutwe, hamwe no ku gihimba c’irondoka. Nanje ndaheza ndatega, ata bwoba mfise, kuko nari narumvise ko no ku bandi ariko vyagenze. Ahejeje kumwa ku mutwe, aca ankura agahuzu kari gapfutse amabere ; ng’uwo atanguye kuyakorakora. 

Kera na kera, numva amanutse hepfo kunkura agahuzu ko musi, ntangura kubona ko bibaye ibindi; nca ntangura kumwiyama, dutangura kurwana gushika  arakantaburirako. Twarwanye kera, ndamwikura, nca niruka aho abandi bariko barasengera. Namaze iryo joro ryose meze nk’uwuri gusa, kuko nasigaranye ikanzu yonyene ata n’agahuzu kari musi. 

Intege nke

Umupasitori wo mw’ishengero ryitwa “New Life” aremeza ko habamwo intege nke ku bakozi b’Imana bamwebamwe. Avuga ko bagira ibigeragezo vyinshi, kuko baba bizerwa, bakabwirwa amabanga menshi n’abayoboke babo. Ku bo bigora rero, nta kibuza ko baca barugwamwo.

Ku bwiwe, birashoboka ko ivyo bovyirinda. Akabisigura ati : “ Ikibereye kandi gishoboka kugira bikingire, ni uko boza barakirira ahabona ababitura. Ntibaze barugara inzugi z’ibiro vyabo, kugira vyose bibere ku mugaragaro ! ” Agasaba n’uko abakozi b’Imana bokwiyubara, bakabwiza ukuri abayoboke babo, bakabahimiriza no kuja kwa muganga. 

Yamara rero, no mu vyo « gusenga » harajamwo abatekamutwe. Kubera ivyo, ntawosya bwose ngo ariko arasengerwa. Ni ukugendana ubwenge. Nta kuzimirane amaso, umuntu atari agahuzo rero.

* : izina ryahinduwe

 

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.

https://www.yaga-burundi.com/questionnaire-rapport-aide-developpement/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Yemwe yemwe, nivyo aba pastori benshi ni abatekamutwe. Yamara kandi ni ubujuju bukabije ubonye umuntu adatumbera ibitaro arwaye, agashima kwivuza kwa Pastori. Birateye agahinda kubona umuntu adasara, aja kubwira amabanga yiwe yose umupastori.

  2. Hambavu y’ukwakirira abakristu abantu ku mugaragaro, birakwiye yuko nk’abagore hamwe n’abigeme bokwakirwa n’umukozi w’Imana w’umugore kugira habe kwirinda amasanganya yandi ameze gutyo.
    Ikindi naco, abasengerwa nabo bakwiye kugira ubwenge kuko nk’umukozi w’Imana imbere y’ukugusengera abanza kugusaba amafaranga canke ngo muryamane canke ngo kukumwa imishatsi canke ikindi cose, uca wumva ko atari umukozi w’Imana w’ukuri kuko nta Mana ibanza kudusaba ivyo twokora kugira idukize kubera vyose ibitanga ku buntu.