Abigeme n’abakenyezi bo muri komine ya Rumonge bavuga ko bagihura n’intambamyi nyinshi mu bijanye n’iterambere. Ivyo bikava kuri kahise katigeze gashira imbere Umurundikazi. Naho hakiriho abikumira abandi barashima intambwe umukenyezi agezeko.
Umukobwa
Indwara yo mu kigo yamubereye inzira y’umusaraba
Abakenyezi barwaye indwara yo mu kigo, kenshi usanga bakumirwa mu kibano. Birashika bagatabwa n’abo bubakanye. Bagira amakuba menshi kubera kutamenya, nk’uko vyashitse Makurata akanarwara mu mutwe. Reka uwu mwanditsi abituyagire.
Intahe : “Hagati y’umukunzi n’ubusugi ntakaze iki ?”
Si imisi yose abakundanye bama bahuza. Ukudahuza mu rukundo ni ikintu gikuba nk’imvura. Nk’akarorero, ni iyo hageze ivy’uko umwe mu bakundanye ashaka kugira imibonano mpuzabitsina uwundi na we yafashe ingingo yo kurindira gushika yubatse. Biba amananiza nk’uko vyashikiye Gloria* na […]
“Kunyongera abagabo” : ng’ibi ivyo niboneye n’insiguro nahawe n’uwuvyigisha
Mwoba mumaze kwumva ko abigeme baja kwiga kunyongera abagabo mu ma karitiye amwe amwe mu gisagara ca Bujumbura. Bavyitwa kandi “kwarika” canke “kwubaka”. Uwo mugirwa uvugwako vyinshi cane. None ivy’ukuri ni ibihe ? Uno mwanditsi yahisemwo kwishikira aho bene ivyo […]
Kuki abigeme b’aho hambere bababuza gupfuka amabere ?
Nk’uko tubibonera ku mafoto, kera abigeme baguma bigira mu bikorwa vya misi yose ata kintu na kimwe gipfutse amabere yabo. Bagaca imbere y’abavyeyi, ababanyi, incuti n’abagenzi ataco binona. Ivyo abigeme ba kino gihe batokwubahuka. Umuntu yoshoka yibaza ko kwari ukubura […]
Twibukanye ibice bigize urubanza rw’ubugeni rw’aho hambere
Uno musi, ku musi umwe gusa, harakorwa urubanza rwo gukwa, urw’ubugeni, ndetse no gutwikurura bakagenda babihejeje. Ivyo si ko vyahora kera, twabitumwe n’uko ibintu biguma bihinduka. None urubanza rw’ubugeni rwakorwa gute ? Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Barbara Ndimurukundo Kururu aratwiganira […]
“Bridal Shower”: umugirwa wahindutse ibikino
Umugirwa “Bridal shower” canke “kitchen party” ni umwe mu migirwa isigaye itegurwa ahanini n’abigeme bagira baje kwubaka izabo hano mu gihugu cacu. Turetse ko uwo mugirwa udakurikiza uko wategerezwa kuba, hari n’utundi tunegurwa ufise twosaba ko uhinyayrwa. Reka tubirabire hamwe.
Agukubise akikuresha, murushinze vyogenda bite ?
Imbere y’uko abantu bubakana, abakundanye barakwiye kwiha umwanya wo “kumenyana”, kuko hari ingeso umwe aba afise zitazorohereza uwo bazubakana ; ako ni ko kanya ko kubimenya. Bitagenze uko, bazosanga baruguyemwo nka Nadia*. Intahe.
“ Banyivye umugore kabiri, narambiwe ”: intahe
Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, birashika ugasanga umugabo afise umugore mwiza yama umutima uhagaze, kuko umwanya n’umwanya, abari amarere bashobora kumusimbana, akimyiza ibamfu. Hari abaguma babacunze, naho bitama bishoboka igihe cose nk’uko vyashikiye Aubin Mukuki*, w’i Muyinga. Intahe ibabaje cane.