Hari indwara zimwezimwe, iyo abigeme bazirwaye, bibatera isoni kwegera muganga, kuko batinya uruvugo rw’ababanyi n’abagenzi. Ivyo bituma basinzikara, bakagera kuja kwa muganga amazi yarenze inkombe; nk’uko vyagendeye umwigeme Solange*. Ng’iyi intahe yiwe.
Natanguye kurwaragurika nkiri muto. Narakarirwa cane n’indwara za malariya, ibigoga, ikiryi**,… n’utundi turwara dutoduto twarandembesha. Nkwije imyaka 20, haje agahebuza. Narwaye ndibwa cane munsi y’umukondo, bikanashika nkabura inguvu, nkaguma ndyamye mu gitanda. Kubera kumenyera kubabara, sinashotse nja kwivuza. Naratimbirako, nkanywa imiti y’ububabare.
Narabandanije nihangana nongera nja kw’ishure, ariko haragera igihe ndananirwa, ndaja kwa muganga. Umuganga yansuzumye, yatumye nihebura. Yambwiye n’ugutangara kwinshi ati: “ Ko urwaye indwara z’abantu bakuze ukiri umwana ! ” Nanje umutima ngo kwa !
Adatevye, arongera ati: “Ufise ikivyimba kandi ni ukunyaruka bakakubaga vuba, kuko caramaze gukura cane”. Aho ndi, ubwoba burantekera. Mukurwanje yari yamperekeje, amsosozi amutanga hasi. Nanje biba uko, turayarira, harabura uwuremesha uwundi.
Amajambo akomeretsa umutima
Dushitse i muhira tukabiyagira abavyeyi, baguye mu gahundwe. Wamenga navumwe. Ubwoba burabatekera, bibaza amahano bagira binjiremwo. Ariko kubera nategerezwa kuja ku mbugita vyihuse, bariyungunganije mu maguru masha, ndafata isago ryo kubagwa, mu buryo buke bari bafise.
Aho nari ku musego, batatu kuri batanu mu bansuhuza, basiga bambwiye akajambo kancumita ku mutima batabizi: Ukumva ngo: “Ariko mwana nawe warabaye Ndakoraniwe! None nk’izi ndwara z’abagore na zo zagufashe gute ?” Abandi nkumva bavuga mu bwongoshwa ko ntazokwibaruka, mu gihe abandi bo bavuga ko izo ndwara zifata abasambanyi, n’ibindi vyinshi.
Aho nari, ububabare bw’igikomere ntaco bwari bumbwiye, numva intuntu ku mutima, nkicuza ico nagiriye kwa muganga. Imana yose, naravuwe ndakira, ndataha.
…ntasiga ayandi
Ntibitevye, mfatwa n’indwara intera uburyi mu gisabo ; ikunze kuboneka cane mu bagore bubatse. Nkiyibona, nabanje kurahira ndarengwa ko ntarota nja kwa muganga, nibutse amajambo nahabwiriwe. Narayiryamanye ngaho, nkaja ndabaza mukuru wanje, ariko namuciye amahani ngo ntabivuge. Twararondera ubufasha mu mpisho, ariko birateba birasendwa.
Mbonye ko ngiye kuborera mu nzu, nguma niyagaza mu gihimba c’irondoka, naratevye ndagondozwa, ndaja kwa muganga. Uwo muganga wamenga yavuganye n’umwe wa mbere. We mu kubisonga, agirako ambaza igihe mperukira kugira imibonano mpuzabitsina. Amosozi sinzi iyo yavuye, kuko ku myaka 21 nari mfise ico gihe, ata n’umusi n’umwe nari bwabikore.
Ariko abavyumvise bose nta kindi banyagiriza atari ubusambanyi. Ubuzima bwakurikiye, nabayeho umutima utuntuye, ata kikindyohera, numva niyanse, umenga nkwiye kuva kw’isi.
Si uwo gusa
Ibi ntivyashikiye Solange wenyene. N’abandi bigeme bakiri bato birabashikira, bakarwara indwara zifatwa nk’iziteye isoni, bizwi ko zifata abisununuye canke bubatse izabo. Iyo bibashikiye, ikintu ca mbere bakora, barigunga canke mbere bagakomeretswa n’amajambo y’abari kubaba hafi.
Ivyo biraheza bigatuma haba abativuza, canke bakivuriza mu rufuri, canke bagahitamwo kwivura bakoresheje ivy’imbuga ngurukanabumenyi, n’ibindi. Ivyo na vyo bishobora gukwega akarambaraye.
Abantu bakwiye kumenya ko izo ndwara zidafata abakuze canke abubatse izabo gusa, kandi ko zitava ku gukora imibonano mpuzabitsina gusa. Uwo zifashe, icihuta si ukumwagiriza no kumutunga urutoke, ni ukumuba hafi nyabuna nk’uwurwaye izindi ndwara iz’ari zo zose.
*: izina ryahinduwe
**: indwara y’umushishito (estomac mu Gifaransa)
Ni hatari au fait namazina yizo ndwara aratuma abantu bagira amakenga cane nkubu bavuze IST:infection sexuellement transmissible,urumvako Arizina ryindwara riteye amakenga,gusa dufatiye kuma causes yindwara iva kuri vyinshi Nico cimibonano mpuzabutsina kirimwo,nabaganga barafise uruhara muguhindura ibintu iyi bariko barigisha
Nanje Ndashaka Munfashe Nitwa Willy Ndababara Cane Kugitsina Ngiyegusoba Haza Amashira Abagenzibanterubwoba Ngonukuyica Ndabasavye Munfashe Kukondarenvye Mwobamukoze!Ndarenvye?Iyongwara Mwobamusi Ukoyitwa?