Ukwubakana hagati y’abadasangiye urukoba kuribonekeza mu Burundi. Mugabo, urwo rukundo ntirumenyerewe cane, ku buryo rubonwa ukundi mu miryango no mu kibano. Ng’iyi intahe ya Jeannette Irakoze*, Umurundikazi aheruka kwubakana n’Umuzungu. Uko vyatanguye n’uko vyabandanije.
Vyose vyahereye ku bitaro vy’i Ngozi, aho nari ndwarije umuvyeyi wanje. Hari haherutse kuza umuganga w’umukorerabushake w’umuzungu. Yitwa Pietro, akava muri Espagne. Yavuga icesupanyore (espagnol), nanje nkaba nari nsanzwe ndiko ndaciga mu gisata c’ugusobanura indimi kuri kaminuza y’i Ngozi.
Nahavuye ndamwegera, kugira binyorohere kurumenya. Vyahavuye bivyara ubucuti budasanzwe, turakundana. Ni ukuri, vyari bihimbaye.
Twahavuye tuza turasohokana nk’abakundana. Ubona ko abazungu badatinya kugusomera mw’ibarabara canke kugenda baguseguye, abatubona kenshi bakatuvugavuga; bati: « Eee! Maraya we, waronse Umuzungu ? Abarundi wabahaze ? Aho ntiwomubwira akagura umuduga? Warabonye imaraya y’Umuzungu igenda n’amaguru ? » N’ibindi vyinshi.
Sinobabesha, si je nabona turashitse iyo tuja. We yarambaza ivyo bariko baravuga, nkamubesha ntwenga ko bavuze ngo turaberanye. Ese gutwenga utuntuye! Ivyo vyatumye ntigera nemera ko dusubira gutemberana ku mutaga, tukabonana bwije gusa. Kubera vyavugwa n’abo tutazinanye, naravyihanganiye gushika umusi ntazibagira.
Sinzibagira
Umusi atera ivi hasi akansaba ko twokwubakana, wamengo ndabonekewe. Ni ho nashira umukunzi wanje ku rubuga ngurukanabumenyi. Haheze iminota itanu, ubutumwa bw’abagenzi butangura gushika; ngo: « Ubumaraya wabutanguye ryari ga Jeannette we? », « Ikibazo c’amahera kirakemutse!»,« Ni co gituma utakivugisha abantu ?», « Kura ‘ubusutwa’ ngaho! » n’ibindi vyinshi. Nkibisoma, nararengewe.
Vyageze muhira ho, birunyuka. Dawe kubera inyungu yabibonamwo, yarahimbawe cane, arampobera, ariruhutsa, ati : « Ngiye nakira ubukene! » Ariko mawe yarababaye, ati : « Mwana, ko Abazungu batazi ico bita kubana ubuzima bwose, ntuzohava wicuza uti iyo menya ?»
Naramaze imisi ntatora agatiro, ndetse niyumvira no kumuheba, ariko urukundo rurantsinda.
Kari mu mpene no mu ntama
Erega na Pietro yeretse ifoto yanje umuryango wiwe, batangura kumubaza ngo: « kuva ryari abantu bubakana n’inguge ?» Amaze kubimbwira, narihereyeko. Abavyeyi biwe ntako batagerageje mu kumwereka ko ntamukunda, ahubwo ndamuronderako ubutunzi, kuja i Buraya canke kuronka ubwenegihugu bwa Espagne. Icandyoheye, yarabimye amatwi, akomeza kunkunda.
Urukundo yanyereka rwaranteye intege, nanje ndushirizaho kumukunda. Twaremeye tuba nk’agahabwa, hako duhebana kubera uruvugo.
Ntivyari vyoroshe, ariko vyarakunze turagira ubugeni, naho ata n’umwe w’iwabo yabujeko. Tubanye neza cane, ndetse abavyeyi banje n’ab’iwe bahavuye batwemera, ubu ni akanyamuneza mu rugo.
Kugira umubano w’abantu babiri urambe, ntibiva na gatoyi kw’ibara ry’uruhu, idini, ubwoko canke igihagararo. Nyabuna, igikuru ni urukundo abo bompi bafitaniye, ugutahurana, gutorera hamwe umuti w’ibibahanze, ndetse bakamenya ko naho wokora ivyo abantu bashaka, uruvugo rutazigera ruhera.
*: Izina ryahinduwe
Iyo wakunze ntuzukumvire amabwire