Umwigeme agiye kwubaka akiri isugi, aba yumva ko ashishiriye iteka ryiwe n’iry’umuryango akomokamwo. Kukaba nka ko, n’imigenzo y’ikirundi irabiha agaciro. Ariko nk’uko vyashikiye Aline*, ivyo gusa ntibikwiye kugira uwo bubakanye amwubahirize. Hari uwo vyashitse, aho kubona ko yagumije ibanga, ahubwo […]
Kwubaka
Ikiyago : karahara mu muryango ntibubaka
Igihe haca akareresi kuri Yaga kavuga ivy’ikiyago mu rugo, hari benshi bitwengeye, bakabona umenga ni ibikino. Ariko rero, hari abandi vyakoze ku mutima, maze babona ahubwo ko ibiri muri iyo reresi bisa n’ivyo baciyemwo. Baciye batugira ku muriri ukuntu bahatswe […]
Kuki bitaboneka neza iyo umuhungu mugufi akundanye n’umukobwa muremure ?
Ivyigwa bimaze kugirwa ahatandukanye kw’isi vyasanze umugabo ari we muremure kurusha umugore wiwe ku bice birenga 90% vy’abubakanye. N’aha iwacu turabibonesha ijisho. None vyoba biva kuki ? Umuhungu mugufi yikundaniye n’umukobwa muremure ni iciro ry’umugani ? Imvo n’imvano.
“Uwo nita umuvuzi niwe yantwaye ubusugi”: intahe
Babita ba rumenyi. Bamyeho, kuva na kera na rindi. Ababitura baba biteze inyishu ku ngorane zibahanze. Ariko, hari abizera gusomera bagasanga barumanze. Uno mwigeme aratwiganira ingene umugabo yagiye arondera atari we yaronse.
Guhemukira umukunzi : biri kune bikaba gutanu
Abantu benshi bibaza ko kuvanga umukunzi ari ukuryamana n’uwundi gusa. Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko abantu benshi bagiye barerekana ko guhemukira umukunzi biri ubwoko bwinshi, bivanye na nyene kubigirirwa. Ivyo umwe yita guhemukirwa, awundi usanga ashobora kubibona ibisanzwe.
«Ng’uku uko naraye nahukanye kubera amatora yo ku wa 20 Rusama»
Hari ingo zibanye nabi kubera ukudahuza muri ibi canke biriya ; harimwo n’ivyiyumviro vya poritike. Aline*, ivyamubayeko ntibigira izina. Yari abanye neza n’umugabo wiwe, gushika kw’igenekerezo rya 20 Rusama, aho vyayangaye.
Ukuvyara intahekana biratitura urukundo mu bubakanye
Abantu benshi iyo babonye uwuvyaye intahekana, bagira impuhwe kubera amagara y’umuvyeyi n’ibibondo. Ahandi na ho usanga bagira impuhwe kubera ibijanye n’uburyo, kuko kurera abana bikenera vyinshi. Ariko iruhande y’urukundo n’ubutunzi, bishobora gufutanya urukundo hagati y’umugabo n’umugore.
Kubabara mu gihe c’imibonano mpuzabitsina: ico wokora
Biramaze kugaragara ko ukubabara mu gihe abantu bariko bararangura amabanga bibangamiye ingo nyinshi, mbere bikanazisambura. Ni naco gituma twashimye kurabira hamwe ibituma, hamwe n’impanuro ku kugene abo bishikira bovyifatamwo.
Ng’uku uko nahukanye bitewe n’ububabare mu gihe c’ibanga ry’abubatse
Tumaze imisi tubayagira ku rubuga Yaga ibijanye n’ububabare bwo mu gihe umuntu ariko ararangura amabanga y’abubatse. Abatari bake bagiye baradusabikaniriza ico biyumvira kuri ico kibazo. Umupfasoni Anita* w’imyaka 30, we yashimye kudushingira intahe ku ngorane zamushikiye.