article comment count is: 0

Guhemukira umukunzi : biri kune bikaba gutanu

Abantu benshi bibaza ko kuvanga umukunzi ari ukuryamana n’uwundi gusa. Ivyigwa vyagizwe  vyerekana ko abantu benshi bagiye barerekana ko guhemukira umukunzi biri ubwoko bwinshi, bivanye na nyene kubigirirwa. Ivyo umwe yita guhemukirwa, awundi usanga ashobora kubibona ibisanzwe.

Abantu benshi bibaza kwinshi. Nk’akarero muri kw’ishure, mumarana umwanya munini n’uwo mugenzi wawe. Mugabo aramarana umwanya munini cane n’uwundi bigana. Uwo mukundana, akubwira ko ari ubugenzi busanzwe, kanatsinda basubiramwo ivyigwa bari kumwe, basiguriranira. Nawe ugasanga ufise amadidane ko baryamana. Birakubuza amahoro, ukabura ayo ucira n’ayo umira, wibaza ko agucamwo, aguhemukira.

Gacamwo uwo mukundana canke kurenga ibigo ni iki ?

Ni ikibazo abahinga bo muri Canada bibajije. Aho, bariko baragerageza kurondera igipimo cerekana ko umuntu aba ahemutse. Ivyo vyigwa vyari vyafatiye ku bijanye n’imibonano umuntu agira n’abandi atari uwo basanganywe. 

Abo bahinga ntibari bashize mu vyigwa vyabo ibijanye n’izindi nyifato umuntu agira zishobora gufatwa nk’ubuhemu. Muri zo harimwo kwumva ko kugira umuntu wama utura ibikuri ku mutima, kandi ukumva ko utamubonye ubura amahoro. Aho hose, uwo ntaba ari we mukunzi wawe. Ikindi, ni ukwama umara umwanya munini cane ku ngurukanabumenyi uriko uvugana n’uwundi  muntu. Kuraba amasamu yi’ibiterasoni na vyo birmwo.

Igipimo c’ubuhemu

Abatohoji benshi baragerageje kumenya ico abantu bita « guhemukirwa ». Ico cigwa cari kigizwe n’urutonde rw’inyifato abantu benshi babona ko ari ubuhemu. Muri vyo harimwo : kugira imibonano mpuzabitsina n’uwundi, kuraba ireresi muri kumwe n’uwundi muntu mwazimije amatara,  canke gukunda umuntu ku muhora wa Facebook.

Ukuvanga canke kurenga ibigo

Abantu benshi batanze inyihu bavuze ko kuvanga uwo mukundana canke kurenga ibigo ari ukugira imibonanano mpuzabitsina n’uwundi. Muri iyo nyishu, mbere bashiramwo ivyo vyose bitangurira imibonano. 

Iruhande y’ivyo, barashizemwo guhemuka bishingiye ku bugenzi. Muri ivyo bashizemwo ibijanye no kuyaga ibintu vy’inkoramutima (amabanga) n’uwundi muntu, canke gusohokana na we kenshi, muja mu misi mikuru canke kwifata neza. Abo bahinga bavuga ko ivyo bidatomoye, ugereranije n’ivyo guhuza ibitsina.

Biragoye gutora ko abantu babiri babigira canke ari abagenzi basanzwe.

Guhemukira umukunzi biciye ku ngurukanabumenyi navyo birababo, mu vyo abo bahinga baronse. Ivyo navyo bibera ku nyabwonko canke iterefone ngendanwa. 

Iyo umuntu ayaze n’uwudi, babona batari kumwe, agaheza akibonanya, abifashijwemwo n’uwo abona kure (webcam), aba avanze umukunzi. Izo nyifato zibera kuri bene izo mbuga, zisa no kubigira uko bisanzwe nyene.

Abandi bantu bemeje ko umuntu ashobora guhemukira umukunzi wiwe kandi ari wenyene. Aho twovuga nko kwibonanya, kuraba amareresi y’ubushurashuzi, canke kuraba cane uwundi mukobwa canke uwundi muhungu kugeza aho umwishiramwo.

Umwe wese ategerezwa kumenya ivy’umukunzi wiwe 

Uravye ivyo abo bahinga begereranije, nta nyifato n’imwe yigeze ihurizwako na bose. Kubera ivyo, bahanura ko umwe wese yovuga adahisha uko yiyumva. Kubera ko hari abavuga ko kwigira hamwe n’uwundi ari ukuvanga uwawe, abakundana boganira, bakabazanya : « Wovuga ko ndakuvanze habaye iki ? »

Bigenze uko, mu rukundo rwanyu umwe wese yemerera uwundi ko bakundana, kuko yemeye ko atazogira bimwe yamubuza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion