article comment count is: 6

Kubabara mu gihe c’imibonano mpuzabitsina: ico wokora

Biramaze kugaragara ko ukubabara mu gihe abantu bariko bararangura amabanga bibangamiye ingo nyinshi, mbere bikanazisambura. Ni naco gituma twashimye kurabira hamwe ibituma, hamwe n’impanuro ku kugene abo bishikira bovyifatamwo.

Nimba vy’ukuri ubabara kandi wari ukoze ayo mabanga ubifitiye igisharara, ico kwihutira ni ukuraba imero y’ububabare bwawe : wumva umengo ni ubushe, ugukomereka, canke ni ububabare wumva mugabo udashobora kudondora neza uko bumeze ? Ico kirahambaye, kuko hari ububabare ushobora kwumvira ku rwinjiriro  canke imbere mu gisabo.

Muganga Charlotte  Tourmante, yanonosoye ibijanye n’inyifato hamwe n’ibijanye n’ubuzima ndorabitsina, akaba n’umumenyeshamakuru ni we abidusigurira.  

Iyo rero uguma ubabara uko ukoze ico gikorwa, wokwihutira kwitura muganga, kubera bene ubwo bubabare burafise ivyo bwisangije . Iyo ubabara mu gihe c’ayo mabanga, bica bija mu mutwe, mbere ku buryo igihe cose ugira ubikore, uca uhagarika umutima. 

Umuzi w’ubwo bubabare

Imvo zavyo ni nyinshi cane. Ica mbere, bishobora kuva ku bikoresho vy’isuku vyakoreshejwe. Umukenyezi akwiye kuraba neza, akitondera ivyo akoresha mu kugira isuku ku bihimba vy’irondoka. Hari ivyo bakoresha bigatuma mu gisabo hadasubira kubomba. Ibindi vyo kwitondera, ni  bimwe mu bikoreshwa mu gihe c’ubutinyanka, bimwe muri vyo bituma haca humagana iyo umuntu avuye mu kwezi.

Hari kandi utundi turwara dushobora guherekezwa n’ibindi bimenyetso (ugasanga hari ibintu bihasohoka bitamenyerewe, gusasatwa, ugasanga ku gisabo harahishiye…). 

Ikindi ni igishikira umukenyezi aherutse kwibaruka. Birashobora gushika, iyo uruguma ruriko rurakira, akumva ababara vyo bitavuye ku kwumagana kw’igisabo. Muri co gihe, ububabare abwumvira harya nyene baba babaze gato kugira haguke (ivyo bita “épisiotomie” mu mvugo y’abaganga). Iyo umukenyezi atagifise inkabuzo (“hormones” mu rurimi rw’Igifaransa), bituma ababara ku rwinjiriro canke imbere mu gisabo. Ivyo mugabo kenshi bikunze gushikira abakenyezi baciye imvyaro.

Iruhande y’ivyo, birashobora gutumwa n’indwara zifatira ku ruhu, canke ugasanga umupfasoni afise ince zitonze nabi (imero atari iyisanzwe). Uwo nawe, birumvikana ko igihe cose azobigirira azokwama ababara.

Ibindi bishobora kubituma ni nk’igihe udutonzi (trompes mu rurimi rw’Igifaransa) turwaye, urwinjiriro rw’igitereko canke igitereko ubwaco kitameze neza, canke iyo afise ibivyimba.

Impanuro ngenderwako

Wumvise ububabare bwisubirije, ca wihutira kubibwira umuganga yanonosoye ibijanye n’ivy’irondoka canke umuhinga mu vy’ubuzima ndorabitsina. Ivyo birihutirwa kuko utevye, indwara ishobora kumara igihe kirekire, igahava ikwega akarambaraye. Baragupima, maze ikibituma kibonetse bakakuvura. 

Iruhande y’ivyo, uwo vyashikiye amaze gukira, arakeneye kwumvirizwa n’abahinga mu vy’inyifato canke umuganga yanonosoye ivy’ubuzima ndorabitsina. 

Ntawokwibagira kuvuga ko ari ngombwa kubwira uwo mukunzi wawe ko ubabaye (igihe hatabomvye) n’ingene wiyumva mu mutima. Umwanya wose agira abigire, ashobora guca yiyumvira bwa bubababre yigeze kugira, ugasanga ibintu ntibigenze neza uko vyategerezwa. Ukize, utegerezwa kwikuramwo ibibi vyagushikiye, ukumva ko uri uwundi muntu, hanyuma ukiryohererwa koko.

Koresha ibintu bifasha kuhabombeka, mugabo ukoreshe ibirekuwe na muganga gusa. Mu gihe mugomba mubonane, ongereza umwanya wo kuvyitegurira kandi muryoheranire cane (umwe wese arazi ikiryohera uwundi). Mwibagire bwa bubabare, muzoheza mugire canke mugarukane ka kamwemwe kuzuye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)