article comment count is: 20

«Ng’uku uko naraye nahukanye kubera amatora yo ku wa 20 Rusama»

Hari ingo zibanye nabi kubera ukudahuza muri ibi canke biriya ; harimwo n’ivyiyumviro vya poritike. Aline*, ivyamubayeko ntibigira izina.  Yari abanye neza n’umugabo wiwe, gushika kw’igenekerezo rya 20 Rusama, aho vyayangaye. 

Nimba hari ibintu narindiranye igishika mu buzima bwanje, igenekerezo rya 20 Rusama ririmwo.  Kukaba nkakwo, ku myaka 22 mfise, bwari kuba ubwa mbere nja gutora.

Ariko, buca iryo sango rigera, nafashwe n’ubushuhe, biba ngombwa ko njanwa ku bitaro. Mu gihe nari nsanzwe nibungenze, bantoye marariya, baca banyinjiza ibitaro. Rya sango ryagiye kugera ndi ku maserumu, urute rwuzuye akanwa kubera irekwe. 

Naho ivyo kuja gutora vyari bibaye nk’umugani, agatima karakubita, nkumva ijwi ryanje ntiryohara mu gasandugu k’itora. Niho natuma umucance wanje yari yazindutse kunsuhuza imbere y’uko aja gutora, ngo ambarize ko vyokunda ko  antorera. Nyakuntunga ahejeje gutora, nagiye ndamubona agaruka. Ati : « Mukunzi wanje, bemeye ko nogutorera, ariko andika ikete, wandike n’uwo ushaka ko ngutorera. »

Kwikwegera ikara mu gashambara

Naciye naka urupapuro n’ikaramu, nandika ko ndi mu bitaro, nshirako uwo nipfuza ko bantorera, maze nshira mw’ibahasha ndafunga neza. Kugira ntibamugore, namuhanye urupapuro rwemeza ko ndi mu bitaro, hamwe na karangamuntu. Mu gusezerana, yaranansomye kw’itama, abari ngaho bose bati : « ehe ntuze ukuntu bakundana ».  

Ubona ko umucance wanje ari mu ndongozi z’umugambwe arimwo mw’ikomine yacu, ntibiriwe baramugora. Ashitse ku biro vy’itora, niho yabaha ibahasha, barugurura, maze bamubwira ngo nta ngorane akira impapuro z’itora umutorere. Agiye mu bwiherero, umwe mu bajejwe itora yamugaruye, maze amubwira ko yotorera aho babona kugira barabe ko aza gutora ivyo nanditse. Ubona ko umuntu atora ikiri ku mutima, nari nasavye ko yontorera umugambwe atarimwo.

 Umushingantahe bakibimusomera aratangara, arajumararirwa. Uri uwundi amwereka aho vyanditse. Kubera aho yatoreye yari asanzwe azwi, kandi ukubura uko agira nk’uko nabiyagiwe n’uwamubonye,  yatoye riniga. Umujinya wibonekeza, arakaye cane, maze asohoka yihuta.

Nazize ijwi…

Naramurindiriye ko agaruka kungemurira, ndabura. Niho ririko rirarenga umutima watangura gusimba, maze ndamuterefona. Yemwe, ijwi ryanyitavye, ntiryari iryo nari menyereye.

 Umucance wanje yarankankamiye, ati: « Wibagiye ko ivyo turya twabironse kubera umugambwe ndimwo? Genda ubwire barya nagutoreye bakugemurire, ivyanje nawe vyarangiye. » Erega ayo majambo yaturagara mu gutwi nk’indoto, bituma ndarana agahinda.

Bukeye, nararindiriye  umugabo ndahebura. Umubanyi ni we yandengutseko, maze ambwira ko naraye ninjiriweko, aho nahora ndara haraye umuhabara, ndetse n’impuzu zanje bazitaye hanze.

 Imbanyi nari mfise yahavuye ikoroka ku wa gatanu. Ubu, amaganya n’agahinda ni vyo binyugarije. Ni uko nyene natomboye abakenyezi bibungenze bakavurwa ku buntu, nk’ubu ni inde yondihiye ibitaro ? Mbe hoho nzotaha nja kwa nde ? Koko naho umugabo n’umugore bubakanye baba babaye umwe, botegerejwe gutora kumwe mu matora ?

Umuganga yaje kundemesha ni we yanyagiye ngo nk’uko umuhinga mu vy’imibano, Camille Rochet abivuga, ukuyaga ivyiyumviro vya poritike vyategerezwa kuba mu kiyago c’abubakanye. Ivyo bakabana bazinanye uko umwe n’uwundi avyakira kugira birinde ko bibatandukanya. Ubu ndarira atawe ndi buyahe, kavuga ngo iyo menya, kandi iyo menya iza ataco uri bukize.

*Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (20)

  1. ahubwo uwo mugore ni rofa nine azi y’uko umugabo akora kubera yahawe n’umugambwe aca aja gutora umukeba kugira uwiwe aje muri chōmage?naje kuri abo yahaye ijwi bamugaburire rero kubera umugabo wiwe yamaze kumuta muri chōmage

    1. Kiretse niba akora muri permanence y’umugambwe, nay ubundi niyaba ahembwa na Leta y’Uburundi nahangame ntaho azoja kubera iryo jwi rya Madame

    2. Ndavye ivy’abandi bagiye bashikiriza nsanga igihugu cacu impinga ikiri ndende basi. Mu rugo co kimwe no mu gihugu abantu kudasangira ivyiyumviro vya politike birabaho kandi vyari bikwiye kwubahirizwa naho umwe mu bubakanye yoba akomeye gute. Ivyo nivyo bizotuma n’igihugu gitera imbere ahandi ho dutera dusubira inyuma nk’ibirenge. Ikosa ryabaye ku mugore nuko atamenyesheje kare umugabo ikiri mw’ibahasha ariko uko biri kose ntivyari gushika ko urugo rusambuka bari kuganira bakabisubisamwo. Bisigura ko n’umugabo umugambwe umusumbira urugo birateye agahinda.

  2. Niba vyagenze uko ntakarenganyo karimwo kwl niba yarasanzwe azi kwarimundongozi zumugambwe yaramumaramaje nawe nukumusubiriza munkoko

  3. Je viens de lire cette histoire et je la trouve triste.
    1. Cette jeune famille n’a pas de base solide, elle devrait s’effondrer coute que coute, et cette base, c’est l’amour. Sinon, une concubine ne pouvait pas rentrer le même jour, les deux flirtaient déjà derrière sa femme.
    2. Ce jeune homme est un militant zélé, tout à fait irrationnel, le fait d’avoir du boulot grâce aux connaissances du parti ne primerait pas sur sa propre famille. Il est tout à fait immature pour le mariage.
    3. Ce couple est vide d’amour: L’amour étant un sacrifice, la jeune dame devait s’abstenir d’énerver son mari inutilement, à défaut du secret de vote, elle devrait s’en passer.
    4. Cette réaction immédiate montre que le couple regorgeait delà de pas mal de malaises. La dernière goutte qui fait déborder le vase.

  4. Muri make niwe yikwegeye,, nimba atemera ivyiyumviro vyumugambwe umugabo arimwo,ntiyar guca amutuma ng amutorere uw yemera, agaca atuma umugabo nyne??!! Mubisanzwe umugabo ntarira busema gusa yarakwiye kugabanya ishavu agasubiza umugore murugo

  5. Aho nyene vyagenze uko nyene? None KO yazany uwo wundi hamwe nawe batohurizako umugambwe yocamuta? Ha ntarukundo yaramufitiye kuk yarikurindira akamusaba imbabazi kuk atakindi bapfa yarikwihangana

  6. En général la femme ntakosa yagize kubera c’est son droit yo gutora ikiri kumutima mais ntiyari kwirengagiza ko maturité en politique aha iwacu igoye.mais ndumiw nibara kugirira ivyo umugore wawe yibugenze nibara.

  7. jew kubana. umugabo niki ju ju cane kuko ndaziko umugambwe u sumbwa n urukundo bafitaniye hagti yabo.icontibogipfuye iyabciyubwenge