Umukobwa ari mu kuja kwabaka urwiwe arahabwa impanuro zijanye n’inyifato azogira mu rugo. Izo azihabwa keshi na ba inasenge ; nk’uko biri mu mico y’ikirundi. Uwo mugirwa no muri iki gihe ca none hari abakiwukurikiza ; mw’idini rya Islam ho ugahabwa agaciro […]
Kwubaka
«Umuryango waranse ko twubakana tudasangiye ubwoko»: intahe
Harabaye ntihakabe, ikibano mu Burundi kiranyegerwa n’imigera itandukanye. Uw’ejo bundi banse kumuhezagira mu rusengero ngo ni uko yubakanye n’uwo badasangiye idini. None uyu nawe yaraciriwe umukenke mu muryango ngo ni uko yashimye kurongorana n’uwo badasangiye ubwoko. Masumbuko Beda aradushingira intahe […]
« Niko zubakwa », kugeza ryari ?
Niyonzima Odette (yahinduwe izina) ni umukenyezi yama yahohotewe n’umugabo wiwe. Maze agize aritura umuryango ngo bamutunganirize, bakamuhanura ngo ni ko zubakwa. Landry Rukundo ntashigikiye mwe n’izo mpanuro kuko ziha impigi abahohotera agateka k’umukenyezi. Afatira ku karorero ka Niyonzima.