article comment count is: 10

Ng’uku uko nahukanye bitewe n’ububabare mu gihe c’ibanga ry’abubatse

Tumaze imisi tubayagira ku rubuga Yaga ibijanye n’ububabare bwo mu gihe umuntu ariko ararangura amabanga y’abubatse. Abatari bake bagiye baradusabikaniriza ico biyumvira kuri ico kibazo. Umupfasoni Anita* w’imyaka 30, we yashimye kudushingira intahe ku ngorane zamushikiye. 

Urukundo rwa twe na Niseti rwatanguye mu mpera z’umwaka w’2017. Twarumvikana cane, twarakundana, ndetse tugahuriza no ku bintu bitari bike. Imigambi myinshi twarayihurizako, mbere uko imisi ihera, akaba ari ko umwe abona ko yabayeho ku bw’uwundi. 

Hagati mu mwaka w’ 2019, ni ho isango ryo kurushinga ryashika. Nabona kubana na Niseti kuzoba ari nko kuba mw’iparadizo. Yari umuhungu yisoneye, umugabo w’imigambi itomoye. Imisi nabona umengo ntiva aho iri ngo nibanire nawe.

Imbere y’Imana n’abantu turemeza icese ko tugiye kubana akaramata, mu mahirwe no mu marushwa. Uwari kunsesa ku mutima, nari nera kurusha ikanzu y’ubugeni nari nambaye. Sinzopfa nibagiye igenekerezo rya 15 Ruheshi, umusi tubana irya mbere.

Ntivyari vyoroshe

Iryo joro ryambanye rirerire. Niseti nabonye, si uwo nari nsanzwe nzi. Bwije, abashitsi barataha. Igihe c’ukwisanzura no kwishimana n’uwo twashimanye kiba kirageze. Nari niteze kandi niteguriye ko bija kuba mu burwaneza n’umwumvikano ntangere, dukina, dusokweshanya. 

Biri bugende ukundi. Bukwi na bukwi, Niseti arahindura isura. Ivy’ubugwaneza arabita. Mbona aransimbiyeko n’inguvu zitagira uko zingana, ubukoko ntangere,… Sinashobora kwemera ko Niseti nakunze ari we turi kumwe.Ariko ngira nti ni ibisanzwe, ni ukutamenya no kutamenyera. Ndamwihanganira, ndemera ndababazwa. 

Ivyabaye vyaheranye n’iryo joro. Ntaco twigeze tubiganirako. Bwarakeye, ndiremarema, ndakenyererako ndakira abashitsi baje gushika mw’irembo. Ariko, ndavye umuriro udahera narayemwo, nkaguma nsenga ngo ijoro ryigirwe inyuma. Amasengesho yanje ntiyumviwe, ijoro rya kabiri ryarakurikiye, n’irya gatu, n’irya kane, gutyo gutyo, bikama bigenda kwa kundi.

Umutima utangura gutuntura. Icambabaje kikansonga, naramubwira ko mbabara, ariko wewe ntiyigera ashaka kuvyumva. Ubwitonzi n’ubutore namubonamwo akindesha sinari nkibibona. Ntivyahereye aho. Mu nyuma, hahavuye hazamwo n’ivyo kuntuka, anturubika, kenshi yahakwa no kunkubita, Imana igakinga. Yashika umengo twashwanye, akantegeka ivyo ngira. Natora agahengwe asubiye ku kazi, akagaruka inyuma y’indwi canke zibiri. Naraburanirwa, nanje sindi bubaze canke ngo mvuge ayo ngowe. Ku mutima nti iri ni rya banga ry’abubatse bavuga. 

Aca antana n’inzu

Naramaze amezi menshi bimeze uko. Mu kwezi kwa Gitugutu, Imana irampezagira ndasama, ariko ntacahindutse. Narakumbura Niseti yandeheje. Numva umengo twoganira vyinshi, ariko ntiyari akindonkera umwanya. Igihe cose nagerageje kumuganiriza ivyerekeye ayo mabanga, yaca antukagura. 

Nari nsigaye nja mu cumba nkarira atawe ndayaha, naheza ngasohoka ntwenga. Abantu bama bambaza ngo “wamenyereye urugo ?” Nkumva umengo ni icumu rinsogose mu mutima, ariko nkitwengesha nti “ego”. 

Icagiye gusongera isibe, ubu Niseti yahavuye ahera iyo yaroye ku kazi, haheze amezi atatu ntamukubita ijisho. Nibako muri twose. Ejo bundi, nagiye numva hari muvyaranje antumyeko, ambwira ko umugabo wanje aguma yidoga, ngo naramunaniye, ntiturigera turangura amabanga y’abubatse. 

Ivyo aja kuvuga hanze, jeho ntiyigeze antega amatwi na rimwe, ngo tubiganireko. N’ubu, aguma anyemeza ko ari akazi kamutwaye. Ubu rero ibibazo vyambanye vyinshi. Ko ndi jenyene umugabo asa n’uwantanye n’inzu, uwo nibungenze nzomushira hehe ? Nzomurera gute? Naho bitaragaragara, bisa n’uko nahukanye.

*: yahinduwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1. Hew. Niba uko ariko bimeze mu rugo rwawe. Uratuma uwo muvyarawe akwumvirize muganire. Kuko umugabo wawe ntaramenya kurongora umugore niba agusimbirako nka rusake. Ashobora kuba ataziko umugore bamutegura kugira bigende neza

    1. Mbega ko ubeshera rusake, urazi ko ibanza gutegura inkokozi ibanga rikagenda neza? Ibikoko birafise ubuhinga bwavyo muvyerekey ibanga nk’iryo…

  2. iyo ni violence muzindi.nigikomere ariko aragutera nukwegera les psycologue bakagufasha.sinon nomuri kazoza bizokugora.je suis témoin

  3. Rondera umuntu wizeye ashobora kugutahura muri ubwo bubabare bwawe umwiganite hama baheze bahanure niseti bishoboka ko atazi uko bafata imupfasoni ataho yavyize azi ko ari gusimbirako. Birababaje

  4. Ndasavye abantu bose bari muma relations, nimwige kumenya umuntu murikumwe, mwumvirizane, mufate umwanya mwigane kuko uwo muntu muhiewo kugira mariage biragoye kubivamwo. Abakobwa bose bibutira kugira mariage kubera babona abagnzi babo bariko baragira mariage canke babona imyaka iriko irabajana, ndabasavye ntimwite mungorane. Urukundo ruraryoshe, urukundo rurakiza rukubaka nico gituma ukwiye kumenya uwo muntu ukaniga ukamenya ko agukunsa koko kandi agufitiye imigambi myiza. Bivuye kumutima kandi vyanditswe nurukundo. ❤️

    1. Numva kabisa ari hatari niseti arakwiriye impanuro ata ruko uzo sanga numutima wo kurangura amabanga yabubatse waraheze hamwe abagabo bose ubabonako ari bamwe arabicanyi gusa

      1. Ivyo Vyashikiy Uwo Mu Dame Birambabaje Kwel.Arko Harakwiy Inyigisho Muri Ivyo Bihe Bidasanzw Kuri Abo Biteguy Gushinga Izabo Kuko Ivyo Usanga Umusore Azi Usanga Rimw Na Rimw Atarivyo Ck Bitorohereza Uwo Bakundanye!
        Kd Harakwiy Kubaho Ikiyago Mu Bakundany
        Ntabwo Bakora Birya Bintu Kugra Ngo Umw Yemez Uwund Ko Ashoboy Oyaa
        Uwo Mu Nicet Arakwiy Impanuro