Ivyigwa bimaze kugirwa ahatandukanye kw’isi vyasanze umugabo ari we muremure kurusha umugore wiwe ku bice birenga 90% vy’abubakanye. N’aha iwacu turabibonesha ijisho. None vyoba biva kuki ? Umuhungu mugufi yikundaniye n’umukobwa muremure ni iciro ry’umugani ? Imvo n’imvano.
Abubakanye canke abakundana, usanga kenshi umuhungu arusha uburebure umukobwa. Kandi biratahuritse. Ica mbere kibituma, ni uko abantu b’igitsina gabo baba barebare kurusha ab’igitsina gore muri rusangi. Ikindi ni uko abahungu benshi batipfuza gukundana n’abakobwa babarusha uburebure. Hagera ku bakobwa hoho bikunyuka, kuko benshi cane bipfuza gukundana n’abahungu babasumvya uburebure.
Ivyigwa vyagiriwe muri kaminuza ya Rice n’iya Texas yo mu buraruko vyerekanye ko abakobwa bipfuza abakunzi barebare kubarusha ari bo benshi ugereranije n’abahungu.
Imvo abo bakobwa bashikiriza ngo ni uko bakeneye abagabo babakingira, ngo kandi bokwiyumva ko ari abagore ari uko bari kumwe n’abagabo babasumba. Hari n’ababikunda uko nyene, ata nsiguro babifitiye.
Ariko naho biri uko, si itegeko. Hari abari ku rushi bakunda ibindi. Abo na bo barabwa na benshi bagatahurwa na bake.
Ya “nyosha mbi ingana umurozi”
Mu 2017, Calvin* yakundanye na Claudia*. Bahuriye muri kaminuza. Claudia araruta Calvin mu burebure. Mu misi ya mbere, abantu baratangazwa n’ukuntu Calvin yatumbereye umukobwa amurusha uburebure, uno na we agatako akamwemera. Barahavuye barabamenyera, uruvugo ruragabanuka. Ariko nyene, n’ubundi urukundo rwabo ntirwashitse kure.
Mu 2019, Claudia yagiye kwiga mu yindi kaminuza. Abagenzi bashasha yahakuye barishe urukundo rwabo. Akagira ati :“Jewe narakunda cane Calvin. Ariko aho mpinduriye ishure vyarahindutse. Abagenzi bashasha naberetse isanamu yacu babona ndamusumba barumirwa. Barantwenze. Bamwe ngo ni jewe nzoca mba umugabo, abandi ngo nzomugurire ibirato birebire turehe, n’ibindi. Naratevye ndaremerwa, nca ndamuheba. Ariko baransutse, ubu ndicuza ico namuhebeye; nibutse ukuntu yankunda.”
Ntaco bitwaye: uturorero
Ubugufi bw’umugabo n’uburebure bw’umugore wiwe ntaco bwonona. Ntibunababuza gutera imbere. Uturorero ni twinshi. Uwahoze arongoye igihugu c’Ubufaransa Nicolas Sarkozy ni mugufi (metero 1,66) ku mugore wiwe Carla-Bruni Sarkozy (metero 1,75). Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa w’amareresi Charles Spencer Chaplin yari mugufi (metero 1,65) ku mugore wiwe wa nyuma Oona O’Neill (metero 1,70). Eka n’uwundi yitwa Daniel Radcliffe ni uko nyene.
Ivyo, no mu kibano turababona, naho ari bake. Nta gitangaza kiba kirimwo iyo umuhungu mugufi akundanye n’umukobwa muremure kumurusha. Baba batandukaniye ku masantimentero barushanya gusa. Nimba ari uko gukingirwa nyene, burya ntaho umugabo mugufi ashobora gukingira umugore wiwe kurusha muremure?
Abahinga bavuga ko inyuma y’imyaka 18, umugabo n’umugore bakundanye bataba bacitaho ivy’ubugufi n’uburebure bwabo. Basigara bakundaniye ku bindi. Rero, tumenye ikiruta ikindi, tureke gufatira ku bitagira akamaro, mu kwiyononera urukundo canke mu kurwononera abandi.
*: Bahinduriwe amazina
Commentaire bandanye kuza muraduha. amakuru. ivyo mudushikiriza biratugirir akamaro. je ndavy aha iwacu muburundi mbon ahubwo abahungu bagufi bakunda abakobw barebare, abahungu barebare nabo bagakunda abakobwa bahufi…
Ivy watuyagiy ni ukuri!Komeza udutohereza n ibindi vyinshi imvo n imvano yavyo bwana Dr
Des chercheurs, non des moindres disent: « L’amour est la plus grande force de toutes ». Évidemment, il parlent de l’Amour Univers, dont l’amour entre homme et femme n’est qu’une de l’expression de cet Amour. Celui qui éveille « ce Grand Amour », selon un chanteur français, rien ne peut venir à bout de continuer à « aimer », ce, celui ou celle, qu’elle (qu’il aime). La taille, les railleries, la race, la tribu, le clan, la famille, la foi, la religion, la pensée, etc. Tout s’incline, voire s’éclipse, devant ce « Grand Amour ». Aimons donc « grandement », universellement, voulais-je dire, « le reste nous sera donné par surcroît ». C’est ce « Grand Amour » que, pensè-je, le Maître Jésus voulait exprimé quand il disait : aimez vous les uns les autres, comme je vous aimé, il n’y a pas plus grand commandement que je vous donne ».
Bandanya muducukumburira nibindi kuko mukibano hari Vyishi beshi bakeneye gutahura
Gukundana burya nirindi banga,uretse ko umugore aba ari mugufi,uwo wewe Nimba arubugufi gusa,muzorabe neza hariho nabatwara ibimuga bitanahaguruka,kandi Aho ni mungero zose.Rero uwuzobona abibereye mu Rukundo azoreke kuvyivangamwo Kuko haruwobigira ntibimuhire.Ico nicuyimviro canje.
Kuturorero mwagiye Kure nyakwigendera uwahora ari umukuru w’igihugu cacu yararushwa uburebure n’umukenyezi wiwe
Je Kubwanj Ubugufi Canke Uburebure Ntaco Bitanga Mubakundany Ahubw Nukuj Hamw Mugokora Imigambi Ya Kazoza Yobateza Imbere
Inkuru Nziza Can.
zemuraduha nayandi makuru.Uburebure canke ubugufi ntaco bitway murukundo.Urukund ntiruraba ivyo.Gikuru murivyo nuko mwoza inama nuwo mwubakanye kuko bose baremw n,Imana.
ivyo ntaco bitwaye
Ok
MWUBAHWE KWELI