article comment count is: 23

“Kwubaka nkiri isugi vyangiriye akamaro n’ingaruka”

Umwigeme agiye kwubaka akiri isugi, aba yumva ko ashishiriye iteka ryiwe n’iry’umuryango akomokamwo. Kukaba nka ko, n’imigenzo y’ikirundi irabiha agaciro. Ariko nk’uko vyashikiye Aline*, ivyo gusa ntibikwiye kugira uwo bubakanye amwubahirize. Hari uwo vyashitse, aho kubona ko yagumije ibanga, ahubwo abona ko yubakanye n’ikijuju.

Maze imyaka 7 nubatse, nkaba mfise abana babiri gusa. Kuva ndarushinga, nama mu maganya. Umutima wavyimvye. Icibagiwe coco, ni ukuryoherwa n’umugabo nk’uko abandi bakenyezi bibagendera. Ntabahenda, maze kuryoherwa rimwe risa. Muti vyagenze gute? Twakundanye nkiri isugi. We yambwira ko ari na co yoba yaranshimiye, agatako akantwara. Ntiyahengeshanya kunshimira ko tuzogira urugo rwiza. 

Tukirushinga, ijoro riri aho namwihaye wese, nabona ko nje mw’iparadizo. Kandi ni ukuri na we nyene yari ahimbawe. Ivyo nari narumvise vyose bivugwa ku rugo ruhiriwe, sinakekeranya ko twebwe rugiye kuba urw’akarorero.

Biri buhinduke

Ikibabaje vyaherutse uwo musi gusa. Yaguma ahinduka uko imisi yagenda irahaca. Inyuma y’imyaka 2 gusa, ni ho yadukana ibintu vyo kuja aranyigenzako, ashika anshwanira, ampora ubusa. Ni ho natangura kubona ko yahindutse. Ntivyatevye, atangura kuja aragurisha ibintu vyo munzu. Ngize ndacavuga n’ijambo na rimwe, sinamenya ikofe iyo rivuye. 

Yahavuye agurisha urupangu twari dusigaranye. Ndatabaza umuryango ngo uze umumpanurire, biba ivy’ubusa. Ubona ko “amaso y’ibikere atabuza abavoma” ; emwe, yabigurisha ndamwankira, n’abandi basemerera. Aho hose nararaba ico ariko arakoza ayo mafaranga nkakibura. Nta mugambi yariko ararangura n’umwe. Eka nta n’ingorane n’imwe uvuga uti yoba yagomba atorere umuti.

Yasehera abazi “kunyonga”

Nararyumyeko igihe kitari gito, maze ukwihangana guhera inyuma y’aho ndamufatanye n’umukobwa ku buriri bwacu. Yunamuye amaso andaba, ambwira anshinyaguriza ati: “Nazanye uwubizi ; yarabimenyereye azi kunyonga atari wewe umengo uri igiti.” Amosozi antanga hasi. Iryo joro nyene naciye nahukana, mpitana abana ndahunga nsubira iwacu. 

Narabaye  muhira igihe kitari gito, ntuntuye, nibuka ukuntu abagenzi bama bambwira ngo nje kwiga kwubaka urugo. Nkaraba ukuntu abagiye kwubaka batari isugi bose bubatse zigumye nkibaza nti: bwa busugi bumariye iki none ? Umubabaro ukambana mwinshi. 

Sinzi ukuntu abagenzi bamutukaguye, mbona aragarutse ansaba ikigongwe ngo ngaruke mu rugo. Ambwira ko noza tukarera abana turi kumwe. Sinatevye kwemera. Ubu turi kumwe, ariko yaciye atora ingeso yo kunkubita.

Maze kugaruka mu rugo, namaze imisi ndakimarisha amaguru ndondeza hirya no hino, niga ico yampoye ntazi, ngerageza kumuryohera mu buryo bwose, ariko vyabaye ivy’impfa gusa kuko murabizi, “Agatoke kamenyereye gukomba kama gahese ”. Yabandanije anca inyuma.

Ikintu abigeme bose bomenya, ni uko ari vyiza cane kuguma bapfundikiye agaseke kabo bakagapfundururira abo Imana yabageneye. Naho biri uko, babibangikanye no kubaza uko ingo zubakwa, bakamenya n’uwo bagiye kwubakana. 

*: Izina ryahinduwe

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (23)

  1. Ego kuja kwubaka ukiri isugi ni vyiza ariko nk’uko vyavuzwe muri uko gutohoza ukwo ingo zubakwa ntkwovyumviriza ku matwi gusa ngo uzoca uja kwubaka wqbimenye!

  2. Uyu mupfasoni yarongowe akwiye. Yaragendeye ubuntu, atera iteka n’umuryango wiwe. Uwo mugabo avuga, ntiyamuhoye ubusugi, afise ingeso mbi. Ntawubaka neza ngo nuko yaciye mu kimalaya.
    Ivyiza vy’urugo murabisangira, n’uwo mugabo kenshi arongora azi bike.
    Muravugana buke buke, mukundana umwe wese agomba kunezereza uwo bubakanye.

    1. Uvuze nukuri.Kuba umugabo yarabaye ikimenabanga ntabwo ari ikosa ry’umugore,kuko vyose bihera mukiyago! Imyaka indwi bari babanye,niho yarakibona ico yomuhora??? Ikiyago nico cambere muri vyose,ico kigashoboka mugihe harurukundo!

  3. Emwe ivyo nibaza ko bitashikiye we wenyene gusa.
    Kuko mu gihe ca none abahungu canke abakobwa benshi baza kubaka bafise vyinshi bazi kandi bipfuza mu mibonano mpuzabitsina.
    Iyo utazi na kimwe rero, agasanga uri kure cane y ivyo yari amaze kubona canke kwumva aca yumva akurambiwe…ikiremwa muntu niko giteye.
    Gusa vyose bigaruka bikava k ukuntu babiri baba bubakanye ataco bayaze ku buzima bw amabanga y ababubatse imbere y uko bubakana. Ubundi barabiyazeko bihagije, ntacobuza bigenda neza kuko buri wese mu bubakanye aba yipfuza cane mugenzi we.

  4. Jew nibaza ko ataguhuy ubusugi ahubwo warongow numugabo atariw ashobora kuba yarafise amahera ukamukundira ico wibaza ngo azoshima ubwo busugi bwaw usanga wihenz kuko kugira ubusugi niteka kumwigeme niyo yaj ava iyo rerp urongow numugabo naw atigumij akenshi uca usanga mudahuj bivany nuburambe afise mu mibonano mpuza bitsina ikindi ciyumviro mfise nagomba guterera nuko ubusugi atari bwubaka urugo urukundo abantu babiri bipfuza kwubaka urugo bafitaniy nirwo rutuma bubaka urugo neza niyo havuts ibibazo rwa rukundo ruravyirengagiza

  5. Vy’ukuri Birababaje Kwisonzesha Ukihangana Ushakak Uzosangira Umunezero N’uwo Washimyek Muwusangira Ariko Bikarangira Ubikuyemwo Umubabaro. Icambere Umugabo Ndamugaye Cane Kuk Iyaba Yarazi Agaciro Ko Kurinda Ubusugi Yari Gukunda Umugore Wiwe, Kunyonga Naho Arazik N’ababigira Bavyiga, Yari Kumwegera Muri Cakiganiro Nyen C’abubakanye Akabimubwira Hanyuma Agafata Akanya Ko Kubimwigisha. Jewe Nk’ubu Nkiri Umusore Icoyimpa Isugi Tubana Notanga Ishimwe Ku Mana N’ikubavyeyi Bamureze Kuk Mba Ngiye Kumenya Nezako Azonyubaha Nyene Nk’umugabo Wiwe. Uwo Mugabo Nimba Atoba Ari Ibanga Yarakwiye Kwegera Bagenzi Biwe Bakaganira Bakamubwira Uko Zubakwa Kuk S’umugore Atazi Kubaka Ahubwo Umugabo N’ikijuju Vyahatali. Mugore Mwiza Wihanganiye Ubukumi Bwawe Wihanganire Ibibazo Vyawe Urimwo Imana Ibifitiye Inyishu Nziza, Wewe Gusa Wisengere Bizohera Vyose. Ibi Mvuze Simbivuze Kurabo Gusa Arik N’ababisomye Bose. Murakoze.

  6. Ivyo nivyo,muga burya nuko uwo mugabo nawe atari yarizigamwe,kuko iyo Bose baba bakiri isugi,ukwo bari kubigira kwose baranezerwa bose. Ikibazo nuko uwo mugabo hari amaze Luca kubamunyongera akavyumva.

  7. Je commence par féliciter cette dame kubona yarihanganye akagumana virginité yiw gushika yubake urwiwe kuko muri iyi myaka turimwo abakobwa bagenda kwubaka bakiri vierges ni bake. Hama ngiye kuri uyo mugabo, nibaza ko yari asanzwe ari umusambanyi nimbere yuko amutwara so, sinibaza ko yoba yamuhoye ubwo busugi ahubwo yaramwiyorobekako muri iyo myaka 2 bikimeze neza akaba yari asanzwe amuca inyuma avant yuko banabana. Umugore niyiture Imana hama asengere urugo rwiwe ibisigaye Imana izohindura uwo mugabo.

  8. Kwihangana nivyiza naho yari kukujana utarisugi cnk uzi kunyonga vyategerezwa kugenda uko kk uwomugabo yaguhoye ingeso yarasanganywe kk iyatariyo yarasanganywe mwarikujinama ukavyiga muga ntagufate nabi rero kuvana aringeso yamanye ahubwo iyasanga utarisugi hoho carikibazo kinini

  9. Yagiye atabajije yibazako hubaka ubusugi.ntihubaka ubusugi kuko ubusugi kubujana nivyiza mais gikuru nukumenya icarico urugo nico ugiye gukora nukumenya gufata neza umugabo nikindi kintu benshi bataba bazi bakagenda bavugako ubusugi babufise ukamengo burahagije nibwo bwubaka.ikindi nukugenda uzi uwo ugiyeko uwariwe uko ameze ico akunda ivyo navyo ubbonera muri fiançaille.

  10. Murundi yari yarigumije n’uko yahuye n’umugabo w’ishirasoni agendera mu ngeso mbi. Ikibababaje ni ico: Kwirinda gucibwa ubusugi muga impera n’imperuka ukubakana n’uwutabiguhera agaciro!N’abakobwa nta choix bashoboye!ahusanga uwaje kumuresha atarigera ahonja na rimwe yaraje kumuresha aranka!Kumenya kunyonga sivyo vyubaka urugo, ahubwo afise umugabo w’ikigaba, kuko igitsina gisa n’ikindi bisubiye na marraine wiwe ntaco yamufashije.
    Ibijanye no kwubakana birakwiye kwigwako neza mu Burundi. Ba masugi Bari bakwiye kwubakana na bamasugi nyene niho hobumwumvikano kuko bose boba basa n’ibintazi, hama abataye ubusugi bakubakana na bamwe mubo bateze ngo babubace Hama bakabana bazinanye.

  11. kubwanje mbona ikosa ari iry’umugore kuko iyaza kuja kubaka azi théorie hama pratique akayigirira k’uwo bubakanye vyari koroha ariko we yaciye areka vyose yizera ubusugi bwiwe nkaho umenga birakwiye.
    nicokimwe n’abakobwa bizera ubwiza bwabo canke amahera bafise bakibaza ko bikwiye ariko s’uko barihenda cane kuko ivyo maze kubona muri couple hakenewe umukobwa(umugore) afise 65% muguteka,mugutanga Care,mubwiza,mugukora sex,isuku,kwitaho ivyo munzu canke couple yanyu hamwe no gupanga kazoza rero ugize moyenne usanga ariwe mukobwa ari parfaite.

    ariko Shaka kubabaza ikibazo,ubwo koko izo nkuru muduha nizo canke nivyo mw’inveta?