article comment count is: 10

“Uwo nita umuvuzi niwe yantwaye ubusugi”: intahe

Babita ba rumenyi. Bamyeho, kuva na kera na rindi. Ababitura baba biteze inyishu ku ngorane zibahanze. Ariko, hari abizera gusomera bagasanga barumanze. Uno mwigeme aratwiganira ingene umugabo yagiye arondera atari we yaronse.

Maze kubona abigeme bose tungana basohotse, abo tuvukana bose barancako, nasigaye umengo ndi iciro ry’umugani mu kibano. Narababazwa n’ukuntu ata n’uwumvugisha. Nkabona benshi cane nsumvya ubwiza n’ukwitwara neza bararongowe, bikantera intuntu. Ni ko kwigira inama yo kugura agati k’urusango, kwa rumenyi. 

Maze gushika iwe akambwira ko abavyeyi biwe (abaganza) baragura ijoro, naciye ndahirirwa, ndindiriye ko bwira ngo ambarize. Bwije, nateramanye n’umugore wiwe. Nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, twinjira mu gasago yaraguriramwo. 

Ukuzimu guhinda umuyaga

Yatanguye kujegeza inyagara n’inzogera, ngira ubwoba. Mugabo, ndarya umutima amenyo. Yaguma yasamura, atura n’imibe myinshi ati:Abavyeyi banyeretse ko bakwivye agahuzu ko musi, bakambika ikibunda c’imbwa kitarahumura, bongera bagahamba mw’ishiga ngo ntihaze hagire umusore acutsa agatima ko kukuvugisha.”

Yaciye ansaba ibihumbi 30 kugira ankureko “uwo muvumo”. Namubwiye ko atayo nazanye, aca agira ati : « Siga ishikanwa ry’abavyeyi, ugenda usenye uzane akavunjarume**. Uzoce ugaruka inyuma y’imisi itatu. Mu kukuvura, tuzomanuka mu micamo ya Nyagatuvu, kw’ibenga rya Mugomera, mpeze nkwuhagire, ndakwoze iceyi.»  

Umusi mubi

Sinatebaganye. Haciye imisi itatu, naciye ndamuturako ibirenge. Mu makwaza y’inka, nari ndahashitse. Maze nk’isaha, ngira ntya mbona araje n’agatu mu ntoke; turamanuka no kw’ibenga rya Mugomera. 

Aratangura ati: «Kura impuzu ndaguce  indasango mu mafyigo no ku bibero.» 

Ndakebwa, kuko nta mugabo yari bwambone ubwambure; ariko ndarya umutima amenyo, ndamanura ijipo, anca indasago zitatu. Nongera ndaduza, anca izindi zitatu ku bibero. 

Ayo nabonye

Ivyo birangiye, ngira ngo ndarusimvye; yakira ka gatu aratekurura, akuramwo inkambi y’umuti ayikoza muri rya benga, ambwira ngo: “kura ndakwuhagire.” Ndi bugire nte, ko ari je nari nijanye? Ndazikura, atangura kunkuyakuya amera nk’uwunsiga ibintu; nkumva atongera avuga ati: «Ni je nyamuragura, ndagurira n’ibicamvyaro bikaronka abagabo. Ndagusize inabashaza na mushiku, imisore yishike iza kugusanganira.»

Vyakabaye kera asubiramwo ayo majambo, nanje nkaja narwo ngo ndiko ndavurwa, sinamenye ukuntu yanteze umwereka,  andengerako aranshurashuza. Arangije arigira, atako antwara na twa duhera. Nasigaye ndarira ntagira uwo ndayaha. Narikinze igisaka ndarira, ndindira ko buca, hama ndataha. 

Muri kino gihugu cacu, ba rumenyi si agaseseshwarumuri. Kandi, ababizigira bakanabitura si bake. Ni uko gusa bibera mu gifuri. Bimenya uwo babizinanyemwo. Ariko abo, ntaho batandukaniye n’ibisuma, inkozi z’ikibi. Uwutabonye nk’ayo nabonye, kumbure yaribwe utwiwe ngo ariko aronswa inyishu ku bibazo kanaka bimubakiye. Ukugenda nk’imburabwenge biragahera. 

 

*: izina ryahinduwe

**: amafaranga yo guhemba uwo mupfumu

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1. Abarundi nacane cane twebwe urwaruka rwa none turakwiy guhindura uburundi bwa none mukureka kwizigira ibintazi,nagahomera bunwa kumva igipfagundu kitazi nogusoma kikaguhenda ngo kigira kikwereke ukuri kwisi ukemera.jew aba pfumu ndabageraranya uno musi na babantu bibisha uruyeri hano mubisagara no hagati mugihugu

  2. Imana Itabare umurundi n’abarundi, bamenye ko Yesu ariwe aruhura abarushe n’abaremerewe, nayahandiho nabo bitura mbona bataguwe neza!