article comment count is: 1

Ukuvyara intahekana biratitura urukundo mu bubakanye

Abantu benshi iyo babonye uwuvyaye intahekana, bagira impuhwe kubera amagara y’umuvyeyi n’ibibondo. Ahandi na ho usanga bagira impuhwe kubera ibijanye n’uburyo, kuko kurera abana bikenera vyinshi. Ariko iruhande y’urukundo n’ubutunzi, bishobora gufutanya urukundo hagati y’umugabo n’umugore. 

Candy* na Willy*  bafise abana b’abahungu babiri. Mukuru afise Imyaka ibiri. Murumunawe afise umwaka umwe. Candy ati: « Naho abana ari ingabire iva ku Mana, ni ukuri baragabanuye akariro k’urukundo rwacu. »

Uwo mupfasoni yemeza ko yatwaye inda y’umwana wa kabiri, mukuru afise amezi atatu. »Igihe namenya ko nibungenze, wamengo ijuru rirankorokeyeko. Sinabona uko nzotunga abo bana b’intahekana. Kuko umugabo yakora wenyene.” 

Uko iminsi yahera, nabona ko ingonane turiko turacamwo zitandukanye  n’izo nari niteze.  “Urukundo mfitiye umushingantahe wanje rwagenda ruragabanuka.  Harashitse n’igihe numva ntakimushaka.

Ku bw’uyo mukenyezi, izo mvyaro zatumye amera nk’uwuhahamutse, bituma atinya kurangura amabanga y’abubatse. Yiyumvira ko yohava asubira gusama. 

Gupfana ishavu nk’ishuri…

Willy, umucance wiwe, avuga ko ingaruka mbi zabonetse  haheze amezi atatu umwana wa kabiri avutse. Kuva ico gihe, baciye baja kwa muganga, kugira babafashe gutandukanya imvyaro.  Mugabo  umugore wiwe yagumye atinya ko barangura amabanga y’abubatse. 

Willy ati: « Igihe cose tugira turangure ayo mabanga, yambwira ko ata wundi  mwana ashaka, ngo n’abandi ntidushoboye kubarera.”

Ubwo bwoba rero bwari bwinshi ku buryo yatinya umugabo nk’iyirashwe. Willy akongera ati : « Ngerageje kumwinginga, warabona akanuye amaso, akambwira akara. Yavuga ngo : ‘‘nyirekera sinitware iyindi mbanyi, noca mpfa kuko n’ubu ndacarushe’’. »

Ayo majambo, Willy yayafata nk’inkota amucumise mu mutima. Bukebuke, umutima wo kurangura amabanga y’abubatse waratinze uracurama. Uburiri buhinduka ikirambi.

Urukundo rwatosekaye mu buryo bwose

Si ivyo gusa, Willy vyamugora kubwira umugore wiwe ko umukunda, kuko iyo amuzaniye utuganuke, yamubwira ati: “ Ndazi ico ushaka. Ariko mwiza wanje wihangane, numva mfise ubwoba. »

Kubera uko kuntu umugore wiwe yamwishura amajambo ababaza umutima, vyatumye ahagarika kumuzanira utuganuke, no kumubwira amajambo aryohera umutima.

Uyo mushingantahe ati : « Umwana amaze gukwiza ameze cumi, ubwoba bwaragabanutse. Ubu turiko turagerageza gusubira kwa wa muriro w’urukundo twari dufise kera. Twibwira ko ivyabaye bitazosubira, mugabo impinga iracari ndende ni ukuri.”

Kugarura impene ikiri hafi

Ico abantu nk’abo bakwiye kumenya, ni uko iyo bishitse, ata gutanako umwikomo. Nyabuna babonye vyanse, bokwegera abahinga bakabumviriza, bakabibafashamwo. Ahandi hoho bishobora gukwega akarambaraye, ukurenga ibigo canke kubana nabi bikandurukira aho. Erega urukundo hagati y’abubakanye rurangukira muri ayo mabanga, ibindi bikaza vyuhira. 

Birumvikana ko ivyashikiye uwo muvyeyi bivuna umutima n’umubiri. Abandi muraba muvyumvise, muzitire mutaronerwa, twibuke ko “wanka kugarura impene ikiri hafi, yaramara kurenga impinga ukabira  nkayo.”

 

*Amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Effectivement, ces rapports sexuels renforcent l’union entre l’homme et la femme sinon il n’y aurait pas de mariage légitime.Si la femme a peur d’enfanter, elle ne serait pas femme et d’ailleurs le sacrement « sacré » qu’ils reçoivent c’est pour montrer le grand rôle et pouvoir d’aider Dieu à créer. Que les conjoints sauvegardent cet amour non seulement humain mais en quelque sorte divin!Burya Imana iraguha ukayimanuza!!