Ikibazo c’ikena ry’akazi kirahanze urwaruka mu gihugu cacu. Bati: inzara ni inzeragiza ; Ariane* yahisemwo kuryamana n’umukoresha wiwe kugira umukunzi wiwe bimirije kurushinga aronke akazi, ariko uwo mukunzi abimenye ntiyakiriye neza ako “kigoro.”
Kwubaka
«Naranguye amabanga mpuzabitsina “bunyamaswa” none umugore ntakinyerekwa » : intahe
Amabanga y’abubatse ntiyama ari isoko rivomera ubumwe n’urukundo, na canecane iyo abayaranguye bavyifashemwo nabi. Divin*yabuze imbwa n’imbwebwe, akemeza ko icari kuzigama urukundo rwiwe na Carlene ari co caruhungabanije, kandi bimuvuyeko. Intahe.
Ntimugakinishe ibanga ryo “kwabirana”
Hari abantu batwarwa n’amaronko, bakandikanwa mu biro bijejwe inzandiko ndangamuntu, kandi bazi neza ko batazobana, nyabuna ari amayeri canke inyungu zinyegeje inyuma y’ayo masezerano. Amayeri arimwo kwubahuka cane, ashobora no kugira ingaruka.
Abakundanye bataja inama n’ingingo rurasenyuka
Abakundana, eka mbere n’abubakanye, birakenewe ko bafatira ingingo hamwe, biciye mu kiyago. Ariko benshi ntibazi uko bigenda kugira ngo urukundo rwabo rubandanye ruvomererwa. Ni co gituma usanga umwe afata ingingo atagishije inama umukunzi wiwe, ibiheza bigakwega akarambaraye mu bubakanye. Turabire […]
Intambamyi 4 zibangamira umubano mwiza ku bubakanye
Urugo ruragoye kubungabunga. Igitondo umugoroba, twama twumva abo vyananiye bagahereza kwahukana. Ivyo bikaba bituruka ku mvo zitandukanye. Mu gitabo ciwe yise “Couple : clés pour le réussir (Abubakanye : ibintu bituma urugo rurama Ndlr)”, umuhinga Jacob Azeroual asanzwe ari umuganga yanonosoye ivy’ingo […]
Abavuga ko imico y’Ikirundi ihohotera umukenyezi barihenda
Hari abantu bakunze kwemeza ko imico y’Ikirundi yoba ihohotera umukenyezi ; ndetse hakaba n’abakwiragiza ibinyoma ko kera, bishitse umuntu agafata ku nguvu uwundi, yiraramangira ataco yinona. Ariko mu vy’ukuri, si uko vyari bimeze. Umwigisha Patiri Diriyano Ntabona araduha umuco.
Muragabe, abubakana batarakwiza imyaka bubakira gusambura
Ukwabirana ni ibanga rihuza umugabo n’umugore bavyishakiye, kandi bakabicisha mu mategeko. Iyo bishitse iryo banga rigapfundikwa hagati y’umusore canke inkumi batarakwiza imyaka yo kwabirana, urukundo n’urugo rwabo birashika bikamara akanya urume rumara. Ivyo bigaheza bigatera ingorane mu kibano. Tubirabire hamwe.
“Kwubaka nkiri isugi vyangiriye akamaro n’ingaruka”
Umwigeme agiye kwubaka akiri isugi, aba yumva ko ashishiriye iteka ryiwe n’iry’umuryango akomokamwo. Kukaba nka ko, n’imigenzo y’ikirundi irabiha agaciro. Ariko nk’uko vyashikiye Aline*, ivyo gusa ntibikwiye kugira uwo bubakanye amwubahirize. Hari uwo vyashitse, aho kubona ko yagumije ibanga, ahubwo […]
Ikiyago : karahara mu muryango ntibubaka
Igihe haca akareresi kuri Yaga kavuga ivy’ikiyago mu rugo, hari benshi bitwengeye, bakabona umenga ni ibikino. Ariko rero, hari abandi vyakoze ku mutima, maze babona ahubwo ko ibiri muri iyo reresi bisa n’ivyo baciyemwo. Baciye batugira ku muriri ukuntu bahatswe […]