Si ivy’imbeshere, kuva aho ingingo yo kwubahiriza imetero zitandatu hagati y’urugo n’ibarabara igiriye mu ngiro, igisagara ca Kirundo carahindutse cane. Ugereranije n’uko mu misi yahera hasa, n’uko uyu musi hasa, hariho itandukaniro ridasanzwe naho nyene hari abo vyasize mu mifuko […]
Kwubaka
Babonanira ku buriri bakiryamira kubiri kandi vyifashe neza
Turamenyereye ko umugabo n’umugore bubakanye basangira uburiri. Ariko John* na Meddy* si ko bimeze. Kugira bashobore kubana neza, bahisemwo kurara mu vyumba bibiri bitandukanye. Mbega boba babitumwe n’iki ? Intahe.
“Twibaruke ku rugero ku neza yacu”: urwaruka rwo si ko ruvyumva !
Si agaseseshwarumuri, igitigiri c’abenegihugu kibandanya ciyongera mu Burundi. Mu gihe Reta, amashirahamwe n’amashengero bahimiriza kwibaruka ku rugero, urwaruka rubibwirwa rworwo, bica mu gutwi bigaserukira mu kundi.
Ruguru ni ho bagitaha ubukwe, mu gisagara barayeyemvya
Mu gisagara, kugira habe urubanza rw’ubugeni hategerezwa kuba inzoga nyinshi za Brarudi, ikibanza kiberamwo urubanza kigakotwa, amajambo arambira, abantu bakagira inyota n’inzara, urubanza rukabera kure bikagorana gutaha, n’ibindi. Hagati mu gihugu hoho si uko. Mu buryo buba buhari, urubanza ruba […]
Amakuba yo kwubakana n’uwudashobora kugira imibonano mpuzabitsina
Mu nkingi zikomeza urugo, amabanga y’abubatse aza imbere. Bishitse umuntu akubakana n’uwufise ingorane zo kugira imibonano mpuzabitsina, ni amagorwa atagira izina. Muribuka ka karirimbo ngo: “ Sinazanywe n’ibigori, n’iwacu nasize vyeze, nazanywe n’ibigoye”. Ng’iyi intahe y’uwo vyashikiye.
Hoba hari akamaro ko “gupfuhira” uwo mwubakanye ?
“Gupfuha”, ni bimwe mu bishikira abubakanye mu buzima bwabo. Hari abavuga ko vyoba biva ku rukundo rwinshi, abandi na bo bakabona ko vyoba biva ku bindi. Turabe hamwe ico abantu batandukanye babivugako.
Ibintu 5 wokwirinda kugira ugwize amahirwe yo kuronka urukundo rw’ukuri
Baba ab’igitsina gabo canke ab’igitsina gore, abato n’abakuze, abatunzi n’abakene, abakomeye n’abarwaye, mu butandukane bwabo, bose barakeneye urukundo nk’uko bivugwa n’umuhinga Alexandre Cormont. Nawe ukaba urukeneye kandi rw’ukuri, uririnda ibi bintu bitanu.
Gushimisha uwo mwubakanye ku buriri: icigwa kibereye ku misore n’inkumi
Aho hambere, umusore canke umwigeme yegereje kwubaka urwiwe, umuryango waramutegura mu vyerekeye kunezereza ku buriri uwo bazokubakana. Ubu hoho biri ukundi ; kandi ingaruka zavyo nazo ntizisiba kwibonekeza.
Gutahura inkwano ukutari ko: kimwe mu bibangamiye agateka k’umukenyezi
Mu Burundi hari abagabo batari bake bafata “inkwano” nk’ikiguzi, maze bagafata ko gutanga inkwano bibaha uburenganzira bwo gufata nabi abo bubakanye. Iyo akaba ari ingendo itari nziza, aho abantu bamwebamwe bikika inyuma y’imico n’imigenzo mu gukandamiza abandi.