Hari abantu bakunze kwemeza ko imico y’Ikirundi yoba ihohotera umukenyezi ; ndetse hakaba n’abakwiragiza ibinyoma ko kera, bishitse umuntu agafata ku nguvu uwundi, yiraramangira ataco yinona. Ariko mu vy’ukuri, si uko vyari bimeze. Umwigisha Patiri Diriyano Ntabona araduha umuco.
“Gufata umukenyezi canke umwigeme ku nguvu, kera bavyita kugoka. Bishitse hakagira uwumenyekana yafashe umukenyezi canke umwigeme ku nguvu, baca bamuca, bakamwangaza. Umuvyeyi yaca amuvuma, kandi umuvumo wari ukaze cane kandi warafata. Umuvyeyi yakubwira ngo ‘ndakuvumye ndi ikivumuvumu ntukabone ikivumera mu rugo. Ndakuvumye ndi umutobotobo ntungatobore irembo’. ” Ivyo bivugwa na Patiri Ntabona. Uwubikoze, nk’uko abandanya abivuga, abasore baba bari ng’aho bamwirukako bamuhinda, agapfa yangara, akazokwicwa n’intuntu.
Icatuma basonera umukenyezi, ni uko kera bitaho indero cane, kandi bakamuha ikibanza kibereye.
Yari inacubahiro
Uwo mwigisha wa kaminuza amenyesha ko umugabo wa kera yosonera umugore cane. Agatanga uturorero tw’aho wasanga umugabo ariko aravugiriza inanga umugore wiwe, amubwira amajambo y’inkoramutima ati : “Jandajanda mugore wanje ivyo nagukoye sinabitaye. Nagukunze ukiri muto, sinzoguta kuko ukuze.” Aho nta wokwibagira na ya nanga ivuga iti: “ Nzokuyengayenga, nzogusiga isenga, nzoguhoza rirenge. Sinzokuziza ibi n’ibi. Abantu ni ba Hicuburundi barateranya.” Biha agaciro umukenyezi.
Aha ikibazo uwo ari we wese yokwibaza ni kimwe: akanya umugabo w’ubu aha umugore wiwe ko kumuryohera koba kangana iki ? Ata gukekeranya, aba kera bafata akanya kanini kurusha ab’ubu. Nibaza ko n’abacuraranzi bataronka umwanya wo kuririmbira abatambukanyi babo mw’ijoro imbere yo kuryama.
Nisunze ivyo uwo mukurambere akaba n’umutohoji mu mico n’imigenzo y’Ikirundi yambariye, nibaza ko kubera ko umugabo yaha ikibanza c’iteka umukenyezi akamunezereza, hagera kuryama umugore yezwe n’agatima. Aho umubiri waba umeze neza, bakaja ku buriri bafise akamwemwe n’agahimbare.
Inabuzima, kandi inamabanga adasanzwe
Umukenyezi muri kahise k’Uburundi yari kirumara cane. Kubera agaciro bamuha, kenshi Kiranga yaba umukamakare. Babikora batyo kuko, mu kwemera kw’Abarundi, babona ko ubuzima buca ku mukenyezi. Vyongeye, baba bamaze kubona vyinshi.
Mu buzima bw’igihugu na ho nyene kwari uko. Ku ntwaro ya Cami, abafise amabanga ahambaye cane rwose baba abakenyezi. Uturorero umutama Ntabona atanga, uretse kubandwa, ngo hari Mukakiranga. Uwo ngo ni we Kiranga yacako kugira ngo intwaro y’i Bwami ihangame. Uwundi atari asanzwe yari Mukakaryanda, yaraba iyo ngoma, agatuma Imana izigama, igateza imbere Uburundi. Abandi bapfanabanga uwo mutohoji avuga ni uwitwa Mutwenzi na Mushikiwinkuba.
Uwo wa mbere yatwengera ubuca, maze Imana ikanezerwa igahezagira Uburundi. Uwo wundi na we ico yari ajejwe kwari ugukinga ko inkuba ikubita ibintu. Haje umuravyo, uwo mupfanabanga yaca aririmba, maze ya nkuba ikagobera idakubise.
Muri make, imico y’Ikirundi ntisubiza inyuma canke ngo ihohotere umukenyezi. Abavyitwaza babikuye ahandi. Ihi bambe we ! Nyabuna, iyo mico nyene yarubahiriza umukenyezi, ikamuha ikibanza kimubereye.
Hari abitwaza ivyo bumvana abariko baranonora imitsi canke abari ku kivi bavyina bihayagiza ingene bohasha umukenyezi canke umubwa mu gihe c’imibonano, uwo yihebeye Imana arabinegura cane ati: “Ababivuga bibaza ko ari ubutore, mugabo ni ubuhumbu.”
Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.
https://surveyr.datacoll.nl/uyloczloje