article comment count is: 3

Muragabe, abubakana batarakwiza imyaka bubakira gusambura

Ukwabirana ni ibanga rihuza umugabo n’umugore bavyishakiye, kandi bakabicisha mu mategeko. Iyo bishitse iryo banga rigapfundikwa hagati y’umusore canke inkumi batarakwiza imyaka yo kwabirana, urukundo n’urugo rwabo birashika bikamara akanya urume rumara. Ivyo bigaheza bigatera ingorane mu kibano. Tubirabire hamwe. 

Vedaste Rukundo* wo ku mutumba Rusuguti, muri komine n’intara ya Ngozi, yubatse afise imyaka 20. Urugo ntirwamwereye kuko yasambuye ata n’umwaka bamaranye. Agira ati : “Jewe nari umunyeshure kw’ishure ryisumbuye rya ‘ Islamique’ mu gisagara ca Ngozi. Ni ho rero nakunda umwigeme akiri muto, w’imyaka 16 hanyuma ndamutwaza imbanyi, mu nyuma turubakana. Urukundo rwacu ntirwatsimbataye. Yaribarutse aca antana uwana inyuma y’amezi icenda, aca yigira iwabo.”

N’amaganya menshi, avuga ko yagerageje  kugira basubirane n’uwo mukobwa bikanka. Akongera ati : “Amashure sinayabandanije. Uwo twubakanye ubu yibereye mu gisagara ca Bujumbura naho yoza kuramutsa ab’iwabo, ntiyigera yibuka ko twabanye ngo arabe n’ikibondo ciwe. Ubu mbana n’umwana mu nzu y’abavyeyi, turarezwe mu bandi bana.”

Mu vyatumye bahukana, nk’uko Vadaste avyemeza, ubuto ni bwo bwabaye inkwezi y’amarere. 

Baruca rutarama

Abubakanye hataragera baba bakiri abana mu bandi. Kubera bompi amaraso aba agishushe kandi baba batarabona uko isi imeze, agakomye kose karabateranya, bigatuma bagira inyifato zitabereye urugo. Mu gihe bamaze kwibaruka hoho biba ibindi.  Abana ni bo bahabonera amakuba.

Ibibagora mu rugo, ubona ko bitabura, ntibashobora kuvyihanganira. Baraheza bagaca bahukana, kuko  bibankiye kubana ;  baba bibaza ko baje kwirira umunyenga gusa. Maze bikabagora, ntibamenye ingene batunganya ivy’urugo. 

Ivyo vyose bimaze gushika, urukundo rw’abo bubakanye ruraheza rukagabanuka. Ivyo bikagaragaza ko, vyanka bikunda, ababijejwe (Reta n’imiryango), bokora ibishoboka vyose abantu bakubakana bafise imyaka irekuwe n’amategeko, na none hari igituma yagiyeho. 

Mu mategeko…

Ingingo ya 88 y’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero N° 1/024 ryo ku wa 28 Ndamukiza umwaka w’1993 rihindura itegeko nomero 1/1 ryo ku wa 15 Nzero 1980 rigenga ingo n’imiryango mu Burundi,  rivuga ko umusore atarashikana imyaka 21, n’inkumi itarashikana imyaka 18 batarekuriwe kwabirana. Ariko, nk’uko iryo tegeko ribandanya ribivuga, Buramatari arashobora kurekurira abatarashikana iyo myaka ngo babirane kubera imvo zihambaye. 

Ariko naho amategeko avuga ivyo, abayarenga ntibabura, kandi ni bo baheza bakama mu ndyane, mu mburano, … 

Iyo ntahe ya Vedaste isa n’izindi ntahe nyinshi ziri mu rwaruka, na canecane urwubaka rutarakwiza imyaka. Kenshi na kenshi, iyo miryango isambuka hakiri kare kuko bose baba bagikeneye abavyeyi babarera.

Burya icoza gitorera umuti ivyo bibazo, ingo zikarama, ni uko hokurikizwa amategeko uko ari, ndetse nyabuna imyaka yo kwubaka itegekanijwe n’amategeko, haba ku musore canke ku nkumi, inaduzwe. 

 

*: Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Kubwanje itegeko rigenga ingo n’imiryango mu Burundi, rivuga ko umusore w imyaka 21, imyaka 18 rikwiye gusubigwamwo kuko ingaruka ninyinshi
    1. baba bagitwagwa nibishobisho
    2. Igwirirana ry’abantu mu Burundi ,uko bubatse bakiri bato niko Bavyara benshi
    3.kwahukana
    ……..
    Nivyinshi
    Reta nigire umuhungu 28 umukobwa 25

  2. Vyiza yokwigizwa imbere mugihe ca none umuhungu w’imyaka 21 numukobwa w’imyaka 18 babaribato.icatumye bagiriyo nibaza kwarikubera icogihe harabantu benshi batamashure kandi abavyeyi nibobabasohora.babubakira inzu ahonyene baba.ubuzima bwarahindutse kandi nabantu baragwiriye cane.mubihugu biteyimbere hubakana abafise imyaka yigiye imbere nkuko abasomeshejwe amashure Bigira nino muburundi.