Aho hambere, umusore canke umwigeme yegereje kwubaka urwiwe, umuryango waramutegura mu vyerekeye kunezereza ku buriri uwo bazokubakana. Ubu hoho biri ukundi ; kandi ingaruka zavyo nazo ntizisiba kwibonekeza.
Emile*, yimirije kwubaka mu mpera z’uyu mwaka. Yemeza ko umuryango ataco wamubwiye ku vyerekeye kunezereza umukenyezi wiwe ku buriri. Eka mbere nk’uko avyivugira, kuva abaho, nta n’umwe yamubwiye ibihambaye vyo mu rugo. Akagira ati: “Ivyo muhira nta vyo twakuze tuvuga. Data canke mukurwanje simbona aho bobihera ngo babimbwire.”
“Kurongora ntawe binanira” ?
Emile yabajije umugenzi yubatse aca amubwira ati : “Kurongora ntawe binanira. Nta shure bavyigiramwo. Ntutinye uzobimenya hageze.”
Ikiremesha uyo umusore ni uko yarahuye ubumenyi butari buke. Avuga ko yasomye ibitabo bitari bike kandi yakwirikiranye inyigisho nyinshi zatanzwe n’abahinga mu vyerekeye kunezereza umukunzi.
Nadine* na we nyene ari mu myiteguro yo kwubaka. Aremeza ko atabiyagiwe, ati: “ Jewe nta vyinshi ndabiziko, kuko nakuze ndi impfuvyi. Nta muntu wo mu muryango yanciriye agace. ”
Naho biri uko, uyo mwigeme amenyesha ko aho asengera bigisha abimirije kwubaka. Yizigiye ko na we azohamenyera ivyo umuryango utamubwiye, mugabo ngo hari ivyo atazokwubahuka kubaza yisanzuye.
Mu bisanzwe, iryo banga benshi barifata minenegwe, ariko rihambaye ; bakavuga ko atawe vyonanira kandi vyama vyabananiye nyene.
Ingaruka mbi zikaba nyinshi
Jimmy* arubatse. Ku bwiwe, ukutamenya kunerereza umugore mu gitanda bigira ingaruka mbi nyinshi mu rugo. “Jewe narongoye mu 2018. Nta muntu yambwiye ko kunezereza uwo twubakanye ku buriri ari inkingi ikomeye mu rugo.”
Inyuma y’ukwezi kumwe, umupfasoni wiwe yamubwiye ko ataryoherwa mu gihe c’imibonano. Umugabo we ngo ntaco vyamubwira, ati: “ Ivyo jewe numva umengo ni ibisanzwe, kuko jewe narumva ndyohewe.”
Haheze umwaka, ngo baronse ikibondo; ariko, ingorane yagumye ari yayindi. Uko imisi yahera, ni ko yabona ko urukundo rwabo rugabanuka.
Mu bisanzwe, aho Jimmy aravye nabi, ico kibazo gishobora gutuma yahukana, hamwe atogitorera inyishu mu maguru masha. Ku vyiza, yoganira n’uwo bubakanye, akamubwira ico yipfuza kugira ngo amushike ku nyota, urukundo rukomere.
Uwo muco ugarukirwe
Umwigisha ahumuye yigisha ivy’imico n’akaranga muri kaminuza y”Uburundi ati: “Ukwigisha imisore n’inkumi bimirije kwubaka vyaragabanutse mu miryango. Eka mbere vyarahebwe.”
Nk’uko akunda kubisubiramwo mu cigwa ciwe, Abarundi benshi biyumvira ko kuganira n’umwana wavyaye ivyerekeye kurangura amabanga y’abubatse ari ugushirukanya. Nyabuna, kutabiganira bishobora kuzana ingaruka mbi mu rugo rw’ibibondo vyabo.
Akongerako ati : “Kubona mu mico y’ikirundi barigisha abimirije kwubaka ingene bazokwifata, ni uko bari bazi ko umunezero uvuye mu kurangura amabanga y’abubatse ari kirumara mu rugo. ”
Uwo muhinga yemeza ko ingaruka mbi ziba canecane ku rwaruka rutize, kuko abaciye mw’ishure bo bashobora gusoma ivyo guhimbara abo bobukanye mu bitabo.
Birakwiye ko mu ncuti hogira umuntu w’umwizigirwa aza aracira agace abimirije kurushinga. Baba inkumi canke imisore, bakagira uwo bitura. Eka mbere abakenyezi mwoza muriyegereza abasengezana banyu. Abo tutokwibagira bo ni abishingizi (parrain, marraine); bafise uruhara ntangere.
*: amazina yahinduwe
Ubu ubuhinga ngurukanabumenyi burahari bwaragwiriy bazovyigiraho
Murakoze cane,,,,,Hama ico kintu kirakwiye kandi caaane kuko amazi ariko arenga inkombe!!!!! Vyoba vyiza abategetsi bagifashe muminwe
2. Jewe mbona n’iyo LETA MVEYI tugiye kuyigora mugihe twoja gusaba ko abategetsi aribo boturonderera uburyo abana bacu baronka aho bavurigwa n’aho biga amashule, hanyuma abo bategetsi bakazongerako no kwigisha imisore n’inkumi ingene BAZOSHIMISHA ABO BUBAKANYE MU BURIRI.
2. Jewe sindumva kw’isi yose igihugu cafashe ingingo nk’iyo.
Muvyo mwavuze no muvyo mwatohoje mwerekanye ko kutaronka izo nyigisho bitera ingorane. Bandanya rero mumenyeshe ababakurikira ibice bikuru bikuru vyizo nyigisho mugireko mubasigurire. Comme ça muzoba muterereye, uwubisomye azoba ahejeje kwiga!
Nivyo ntawe binanira mugabo bikorwa kuratandukanye ni vyiza gutegurana imbere yo kubikora kugira bose bibanezere
Ivy nukuri nukuvyga
Nivyiza Ivyo Mudutohoreje. Bandanye Mutohoza Rero Ibijanye Nico Cigwa Vyose Twibandaniriz Kwiga Mugusoma
Ico kibazo bagifate muminw amahoro aboneke
Gusa namw ntavyo mwatubwiye
Nivyiza gusoma ibitabo canke ku mbuga ngurukana bumenyi kuko birafasha nkubu jewe nimirije kwubaka igenekerezo rya 9/9/2023,ingorane mfise nkunze umwigeme w’impfuvyi adafise na inasenge,atunzwe na musazawe!
Mumpanuye iki?