article comment count is: 1

“Umukunzi wanje yicunguje umubiri kugira ndonke akazi”: intahe

Ikibazo c’ikena ry’akazi kirahanze urwaruka mu gihugu cacu. Bati: inzara ni inzeragiza ; Ariane* yahisemwo kuryamana n’umukoresha wiwe kugira umukunzi wiwe bimirije kurushinga aronke akazi, ariko uwo mukunzi abimenye ntiyakiriye neza ako “kigoro.” 

Ngiheza kaminuza, nari nzi ko nzoca ndonka akazi, gutyo ngategura ubugeni nkarushinga. Uko nabiziga si ko nabisanze ; namaze imyaka itanu yose ndi “umushomeri”.  Naho nari mfise akabanza ndandarizamwo ama “inite”, mbika nongera mbikura amafaranga y’abayakeneye, nari mbaye mu buzima bubayabaye.

Umusi umwe, nabonye umugabo w’umuzungu aje aho nkorera, ansaba kumurungikira ama “inite” y’ibihumbi cumi muri terefone yiwe. Ndiko ndayamuha, yaguma andaba nk’umuntu anzi, ndetse akaguma ananganiriza. Ni ko guca ambwira ko yashaka umukozi mw’ishirahamwe asanzwe atwara. Nanje ku myaka nari maze ntafise aho nkora, numvise Imana incaniye itara, nca ndiruhutsa.

Sinatevye kugatangura

Haheze indwi zitatu, akazi ndagatangura. Yamara, icantera amakenga, wa muzungu yama yandungitse gukorera kure cane y’umukunzi wanje. Ariko uko imisi yahera ni ko yanyigirwa kure “Ntiyari akinyerekwa”. 

Umusi umwe, myuye gukorera mu ntara ya Cankuzo, naciye ku kazi ari ku kagoroba. Nagiye numva umuntu w’umugore ari mu biro vy’umukoresha wanje. Nariketse, nca ndabira mu mwenge w’urugi. Ni ho nasanga ari Ariane* twimirije kurushinga ariko arasambana na we. Nabuze ico mfata n’ico ndeka, n’ubwenge buratakara. N’ubu sindamenya ukuntu nashitse i muhira.

Haheze imisi ibiri ni ho Ariane yaza kundamutsa, anshikira ntamushaka, ariko ndya umutima amenyo ndamwakira. Twayaze kera, ni ho yambwira impamvu yabikoze. Agira ati:“Naryamanye nawe ku bwawe. Yari yanyemereye ko nitwaryamana azoca aguha akazi. Nabona tubanye ata kazi ufise vyotugora kubaho.”  Ivyo bintu vyarangoye kwakira cane, bintuma numva ndamwinuvye.

Mu mayira abiri

Nahisemwo kuvyiganira incuti n’abagenzi. Umwe mu bagenzi twakuranye aca ampanura ko nomuheba, kuko yoshobora kuba ari yo ngeso afise. Ku bwiwe,  kuba yaragiye kuryamana n’umukoresha wiwe kugira ngo ndonke akazi, ni ukuvuga ko urukundo rwacu, ata gaciro yaruhaye. 

N’uwundi nahanuje ntaja kure y’uwo. Abona ko Ariane akwiye gusaba ikigongwe kuko yarakosheje kandi yarahemutse. Ubu ibibazo vyambanye injojo : mbega ndamuhebe ? Yabikoze kubera ingeso ? Canke jewe nabaye icitwazo ? Umutima wanje uratuntuye.

Impanuro

Ku bw’umuhinga mu vy’inyifato Aurore le Moing, uko umuntu yifata ahemukiwe n’umukunzi wiwe akamuvanga si kumwe kuri bose. Bivana n’abantu, uko bameze, n’ico basezeranye. 

Uwo muhinga avuga ko umuntu ashobora gucamwo umukunzi wiwe ata na kimwe amunegura, nk’uko ashobora kandi kuja ahandi kubera ko adahimbariwe uwo yahaye umutima.

Araheza akaducira agace ukuntu abigenza iyo yumvirije abahanzwe n’ivyo, ati : “Ntangura kubabaza ico umwe yashimye uwundi igihe bakundana. Hanyuma nkabasaba kuvugana ivyiza bakoreye hamwe, n’ivyo bimirije. Igihambaye, ni ukubaha umwanya, imitima yabo ikavugana, gutyo umwe wese agaturura.”

Ariane n’umukunzi wiwe bakwiye kubivugana, gutyo bakumva vy’ukuri ko bari mu rukundo canke bari mu kinyoma.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ntutebe, murungike yigire. Nta banga afise kuko ni imalaya karuhebewe. Naho worushinga, igi gisebe uzokwama ukigendana nk imibembe bikubuze amahoro no gutera imbere. Mbega agaciro aguha wumva ari akahe? Ni vyaba ibibazo vyose bizotorerwa inyishu mu buhemu. Erega ya bikoze ngo muve mu bukene nay ubundi uko atazokwiza amahera azoba agiye.