article comment count is: 2

Gutahura inkwano ukutari ko: kimwe mu bibangamiye agateka k’umukenyezi

Mu Burundi hari abagabo batari bake bafata “inkwano” nk’ikiguzi, maze bagafata ko gutanga inkwano bibaha uburenganzira bwo gufata nabi abo bubakanye. Iyo akaba ari ingendo itari nziza, aho abantu bamwebamwe bikika inyuma y’imico n’imigenzo mu gukandamiza abandi.

Kumbure muramaze kwumva abavuga nk’abatebura ngo umusi uyu turafise urubanza rwo ku “deduwana” (bivuye mu rivuga ry’igifaransa dédouaner risigura kuriha ibidandazwa muri duwane, harihwe amatagisi ategerezwa). Iyo mvugo irabishe cane, kuko bica vyumvikana ko uwukoye aba aguze. Ico uguze na co ugifata uko wishakiye, ntawugutera igitsure kuko kiba ari icawe.

Ni vyo gukwa ni ikimenyetso ciza cane, kuko uwavyaye, akarera, agakuza hanyuma agakosha, riba ari iteka ridasanzwe. Ntowampinyuza, umuvyeyi ariko arakosha aba ahimbawe cane ; eka n’uwukwa ni uko nyene. Mugabo rero bimaze kuba ikiguzi bica bicika ibindi.

Umukenyezi si ikidandazwa

Umuhumure Louis Kamwenubusa, wo mu ntara ya Mwaro yagize ati: “Imbere y’uko haba urubanza nyezina rw’ ugukwa n’ugukosha se w’umukobwa na se w’umwana barabanza bagahurira ahantu bakayaga. Ico bita kuyagira ku gatobotobo.” Bishitse ntibumvikane, nyene kurondera umugeni yaraheba akaronderera ahandi. Amuronse yaraheza agatanga inkwano yumvikanywe, hanyuma akamukomorerwa, akemererwa ko azotahukana “inkamuntu” yiwe aho azoshakira.

Ivyo rero vyatuma umukwe yakoye abona ko yigaruriye uwo bubakanye, umukenyezi na we nyene ugasanga umengo yamana ideni ategerezwa kwishura mu rugo. Ni ho wumva bavuga bati : “ Aho umfata nabi warankoye ?” Aho woca umengo uwakowe yagurishije agateka kiwe kose.

Kamwenubusa abona ko inkwano atari agashimwe gusa gasanzwe kahabwa abavyeyi b’umukobwa. Agira ati: “Umukwe yakoye yaba afise ububasha burengeye ku mupfasoni wiwe. Iyo bishitse akamwirukana, baramuhonga bakamuzanira inka kugira yemere gusubira kwakira umugore wiwe.” Ngo vyari bigoye cane rero ko umugore yahukanye asubira mu muryango iwabo kuko cari iceyi gikomeye. Ivyo bigatuma naho umugore yohohoterwa atimbira mu rugo. Uwirukanywe, mu kugaruka mu rugo ntivyoroha.

Umupfasoni Renée Nsabimana, wo mu ntara ya Muyinga, avuga ko yigeze gukubitwa cane aranarungikwa iwabo n’umucance wiwe amuziza ngo ntibamwubashe kwa sebukwe kandi yaramukoye.

Akagira ati: “Twari tuvuye murubanza rw’ubugeni rwa musazanje, dushitse muhira arankubita cane anyagiriza ngo ntibamuzimanye vy’icubahiro. ”

Birakwiye gukosorwa

Inkwano, nk’uko benshi babisigura, ni agashimwe abavyeyi b’umwigeme yagomwe bashikirizwa n’ab’uw’umuhungu. Ntiyari ikwiye kuba ikiguzi caka agateka abakenyezi.  Mu bihugu bimwe vyo kw’isi, iyo abana bo mu miryango ibiri bashimanye, abavyeyi bashira hamwe uburyo kugira bashigikire umuryango mushasha.

Ku bwanje, abantu barakwiye gutahura ko inkwano idashobora kuba intandaro yo gukandamiza abakenyezi ; n’abavyeyi bakareka kubifata nk’urudandazwa.

Ikindi cokorwa ni ugushira mu migambi ya Reta integuro yo kwigisha no gutahuza ibijanye n’imibano. Tugakosora ibirimwo agatosi mu mico n’imigenzo vyacu maze bikadufasha kwubaka  imiryango izira umuryano.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Biratomoye kko ntategeko ririho ryogutanga inkwano naho umusore yobayaravyiyemeje murwandiko cfr article 93 mugatabu nk’ingo n’imiryango hamwe ntihenze,gusa ni agashimwe kko mumico n’imigenzo yatwebwe abarundi biraturimwo.

  2. Inyerekeye inkwano vyagiye bitera imbere, bihinduka. Uwagize iki kiyago yocimbika neza. Naho atohera kure cane, ubu murabona ko inkwano ari amananiza. Ni business yigendera n’ibinyoma gusa.
    ubu barakwa uwufise inda bukeye akarongorwa, bakwera mu ma salles ukamenga umukobwa aba kw’ibarabara, akaba ar i Buja ukumva ngo ngaha turi i Busimba, ukumva ngo ngaha nta mukobwa ahari amahera baramuhaye. Ni urudubi gusa