article comment count is: 1

Abakundanye bataja inama n’ingingo rurasenyuka

Abakundana, eka mbere n’abubakanye, birakenewe ko bafatira ingingo hamwe, biciye mu kiyago. Ariko benshi ntibazi uko bigenda kugira ngo urukundo rwabo rubandanye ruvomererwa. Ni co gituma usanga umwe afata ingingo atagishije inama umukunzi wiwe, ibiheza bigakwega akarambaraye mu bubakanye. Turabire hamwe ivyo kwitwararika, twisunze ivyo abahinga bashikiriza ku rubuga rwitwa Nos Pensées.

Hari umuntu usanga yibaza ko ashoboye vyose, akaba yumva ko atodohoka ku ciyumviro ciwe, akumva ko ari we ufise ijambo rya nyuma mu rugo, canke mu rukundo. Umuntu ameze uko atuma umukunzi wiwe afata ingingo ija mu nzira y’ivyo uwo bakundanye ashaka, kugira ntamubabaze. 

Umuntu agahora kubera gutinya ko ivyo ashikiriza biza kwankwa. Iyo akaba ari imvo y’uko ikiyago ku bakundanye kizimangana, kuko haba hari uwiganza, uwutumviriza uwundi. 

Guha ikibanza umukunzi mutegekanya kwubakana

Umuhinga Robert Sternberg asigura ko, kugira ngo urukundo rube rwuzuye, rumeze neza, kimwe mu bikenewe ari ukwigira inama. Iyo nama na yo ikaba ari iyishingiye ku kuragana ku bijanye n’uko urukundo rwanyu ruzogenda. Ari  naco gituma mutegerezwa gukorera hamwe kuko muba mufise intumbero imwe.

Guha ikibanza uwo mukundanye bituma mugira umushinge mwiza w’umugambi wanyu. Mu bisanzwe, uko hazohora hafatwa ingingo muri kazoza bitegurwa muri kubu. Nk’akarorero kuvugana igitigiri c’abana mwipfuza.

Kuvugana no gutahurana biza imbere

Ikiyago hagati y’abakundana gifise akamaro kanini cane. Umwe arabwira uwundi ubwoba afise, amakenga, ico yibaza n’ico yipfuza ; naho abitama bikenewe imisi yose kuvuga ikiri mu mutima wawe. Ahubwo utegerezwa kwiyumvira ico uvuze, kandi ukumva akanovera kaco. Ahandi hoho bituma ukuvugana kwanyu muzohava musanga bituma umwe wese abiha insiguro itari yo.  

Ikindi gikenewe cane ni uko uwo abwiwe ikintu, ategerezwa gukora ibishoboka vyose, ku buryo yumva ibivuzwe nyene, ntagerageze gutahura kubera ko bitarashe. Atahure nyabuna uko wewe nyene ubishaka, n’igituma ico uvuze gihambaye kuri wewe. Muri iyo ntumbero, kubwirana (kuvugana imbonankubone) birafise akamaro gakomeye cane.

Gufatira ingingo hamwe

Ntibishoboka ko mutayaga n’umukunzi, na canecane iyo hageze gufata ingingo ku neza y’urugo. Kirazira guhuruduka, kuko bishobora gutuma uwundi amererwa nabi. Mu gufata ingingo rero, ivyo tuvuga bitegerezwa kugaragarira mu vyo twerekana. Kubaho mutavugana ntibikunda.

Kuvugana hagati y’abakundana rero ni ingendo isangirwa n’abo yega. Iyo bimeze uko, amahirwe ni menshi cane ko urwo rukundo ruzohangama kandi rugatera igomwe, nk’uko tubisanga mu cigwa cagizwe n’uwitwa Kamp Dush na Taylor mu 2011, muri kaminuza ya Ohio.

Ikintu gihambaye abakundana bokora, ni ukwirinda bashimitse amabwire y’abantu. Abo bashobora kwivanga mw’ifatwa ry’ingingo hagati y’abakundana bagatuma imigenderanire hagati y’abakundana itosekara, bigahereza kuyangara.

 

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.

https://www.yaga-burundi.com/questionnaire-rapport-aide-developpement/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Merci beaucoup pour cet article, il y compris de bonnes choses instructifs, à vrai dire ça m’a permis de voir clair en rapport avec mon couple, j’ai tout à fait apprécié ! Merci encore.