Ugishinga umuryango n’ibanga rikomeye, haba ku muhungu canke ku mwigeme. Kera, iryo banga ryaritonderwa, rigategurwa umwanya ukwiye. Aho rero niho umuhungu yitora akaresha umukobwa hanyuma bagapfundika kwubakana. Ariko rero, ubugenzi bwo mu bihe vya none busigaye butangaje kuko, haba mu […]
Onesphore Nibigira
Kubandwa : ibintu twomenya kuri iryo banga (igice ca mbere)
Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku […]
Kubandwa: ico babandirwa n’ukuntu vyagenda (igice ca kabiri)
Mu gisomwa giheruka, twarabonye ivyerekeye kubandwa, turamenya ibitari bike, ariko hari ivyo tutashoboye gushikako. Uno musi, reka turabire hamwe rero ukuntu babandwa, icatuma babandwa, ndetse n’ico ababanzwe canke abahinga babivugako.
Ntimugakinishe ibanga ryo “kwabirana”
Hari abantu batwarwa n’amaronko, bakandikanwa mu biro bijejwe inzandiko ndangamuntu, kandi bazi neza ko batazobana, nyabuna ari amayeri canke inyungu zinyegeje inyuma y’ayo masezerano. Amayeri arimwo kwubahuka cane, ashobora no kugira ingaruka.
Abavuga ko imico y’Ikirundi ihohotera umukenyezi barihenda
Hari abantu bakunze kwemeza ko imico y’Ikirundi yoba ihohotera umukenyezi ; ndetse hakaba n’abakwiragiza ibinyoma ko kera, bishitse umuntu agafata ku nguvu uwundi, yiraramangira ataco yinona. Ariko mu vy’ukuri, si uko vyari bimeze. Umwigisha Patiri Diriyano Ntabona araduha umuco.
Umugera w’igitigu w’ubwoko B : abenshi barawugendana batabizi; weho ?
Igenekerezo rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igitigu yitwa Hépatites mu Gifaransa. Ni indwara ikomeye, kuko ihitana abantu itarinze no kwibonekeza, uwuyirwaye akaguma ayigendagendana. Hano, uwugendana iyi ndwara ya hepatite iterwa n’umugera […]
#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo
Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none […]
Six minutes avec Agnès et Christine
Le 5 juin 2020, l’appel du Groupe de presse Iwacu pour la libération de ses quatre journalistes a été rejeté par la cour. Dans l’après-midi de ce dimanche 7 juin, j’ai été voir mes amis journalistes à la prison de […]
Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?
Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.