Entre aimer et exprimer son amour, le fossé est grand. Certaines personnes font l’erreur de croire qu’il n’y a qu’une façon d’exprimer leur amour : la leur. Or, ce qui fait que les uns se sentent aimés peut laisser d’autres indifférents. […]
Vie de couple
Narongowe mfise imbanyi y’uwundi none nahukanye ntamaze na kabiri
Guhebwa n’uwo mwakundana birababaza. Aguhebanye imbanyi yagutwaje hoho ni akavunamutima. None umuntu yorengera gute ivyo biba bimushikiye, akibungenga atekanye ? Tubirabire hamwe twifashishije ivyo abahinga bavuga, dukura ku rubuga rwitwa Parents.
Les langages d’amour, s’ils m’étaient contés…
Entre aimer et exprimer son amour, le fossé est grand. Certaines personnes font l’erreur de croire qu’il n’y a qu’une façon d’exprimer leur amour : la leur. Or, ce qui fait que les uns se sentent aimés peut laisser d’autres indifférents. […]
Hoba hari akamaro ko “gupfuhira” uwo mwubakanye ?
“Gupfuha”, ni bimwe mu bishikira abubakanye mu buzima bwabo. Hari abavuga ko vyoba biva ku rukundo rwinshi, abandi na bo bakabona ko vyoba biva ku bindi. Turabe hamwe ico abantu batandukanye babivugako.
Tahura muri make urukundo rw’ukuri urwo ari rwo
Birashika, urwaruka rukagwa mu mutego w’abigira ngo barakundana, bakaja gutahura, amazi yarenze inkombe, ko uwo bihebeye yishakira ibindi. Urwaruka rukwiye kwama rwiyubara, rukamenya gutandukanya urukundo rw’ukuri hamwe n’urwuzuye uburyarya. Muti bobimenya bate ?
Ibintu 5 wokwirinda kugira ugwize amahirwe yo kuronka urukundo rw’ukuri
Baba ab’igitsina gabo canke ab’igitsina gore, abato n’abakuze, abatunzi n’abakene, abakomeye n’abarwaye, mu butandukane bwabo, bose barakeneye urukundo nk’uko bivugwa n’umuhinga Alexandre Cormont. Nawe ukaba urukeneye kandi rw’ukuri, uririnda ibi bintu bitanu.
Kwubakana n’umukenyezi asanzwe afise umwana: ico kumenya
Abantu benshi ntibatahura ukuntu umusore arongora umukobwa yibarukiye iwabo. Nta kintu na kimwe bafatirako, atari uko mu muryango w’umuhungu baba bashaka ko yubakana n’umukobwa atagira umwana nka we. Mugabo ubiravye, usanga harimwo kwihenda mu gucira urubanza umuntu kuko yibarukiye iwabo […]
Gushimisha uwo mwubakanye ku buriri: icigwa kibereye ku misore n’inkumi
Aho hambere, umusore canke umwigeme yegereje kwubaka urwiwe, umuryango waramutegura mu vyerekeye kunezereza ku buriri uwo bazokubakana. Ubu hoho biri ukundi ; kandi ingaruka zavyo nazo ntizisiba kwibonekeza.
Gutahura inkwano ukutari ko: kimwe mu bibangamiye agateka k’umukenyezi
Mu Burundi hari abagabo batari bake bafata “inkwano” nk’ikiguzi, maze bagafata ko gutanga inkwano bibaha uburenganzira bwo gufata nabi abo bubakanye. Iyo akaba ari ingendo itari nziza, aho abantu bamwebamwe bikika inyuma y’imico n’imigenzo mu gukandamiza abandi.