“Gupfuha”, ni bimwe mu bishikira abubakanye mu buzima bwabo. Hari abavuga ko vyoba biva ku rukundo rwinshi, abandi na bo bakabona ko vyoba biva ku bindi. Turabe hamwe ico abantu batandukanye babivugako.
“ Eka sinkeneye kubona umugabo wanje ariko agendana n’abandi bagore. Eka na terefone yiwe ntegerezwa kumenya abo bavugana na canecane abakobwa canke abagore.” Ng’uko uko Safi, umugore aba mu gisagara ca Bujumbura agomba ko umugabo wiwe yigenza. Mbere no mu kunonora imitsi, ntiyihanganira ko umugabo wiwe aja mu mugwi urimwo abagore canke abakobwa. Safi avuga ati: “Harya ni ho hashobora kuva kumunyiba. Ntegerezwa kwicunga neza.”
Amenyesha ko kizira ko umugabo wiwe ashira ijambo kabanga ( code mu gifaransa) muri terefone.
Kari mu mpene no mu ntama
Iyo nyifato ntiri mu bakenyezi gusa. Akarorero ni aka Bosco, umugabo wo muri zone ya Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura. Na we nyene aravyemanga ati: “Ndagerageza gukwirikirana ku musi ku musi, n’iyo ari ku kazi, mba nkeneye kumenya abo bari kumwe, aho ari canke ivyo arimwo.”
Avuga ko ivyo atavyamanye, mugabo ko yibaza ko aretse umugore wiwe, adacunze, ashobora kumuvanga naho amukunda. Kuri we, ngo harimwo no kumukingira. Iyo umugore wiwe atarataha, ngo nta mahoro yumva na canecane iyo amasaha y’akazi yarangiye.
None vyoba biva kuki ?
Pasitori Bernard Heka, umuhumure akaba asanzwe yigisha ivy’ingo n’imiryango, avuga ko gupfuha bishobora kuva kuri kahise katagenze neza. Atanga akarorero nk’iyo umugabo canke umugore yigeze kurenga ibigo, bakaraba batarekuriranira vy’ukuri, haguma hari umwikeko.
Ikindi na co, avuga hari abapfuhira abo bubakanye kugira babitange, canke banyegeze ingeso bafise. Umugore canke umugabo aribwira ngo arigira inama yo kwereka uwo bubakanye ko ivyo bintu ntabinywa no mu mazi. Mugabo ugiye kuraba neza ugasanga ni we abikoreramwo. Ari na co gituma aca acunga uwo bubakanye.
Nta kamaro
Uwo muhinga avuga ko gupfuhira uwo mwubakanye bidakenewe. Ku bwiwe, benshi bibaza ko ari urukundo rwinshi, mugabo ngo biba biri ukundi, ati: “Ahubwo vyerekana ko ukwizerana kuba kudashemeye hagati y’abo bubakanye. Kwizerana ngo ni bimwe mu vyerekana urukundo abantu bafitaniye.”
Avuga ko, iyo abantu bamaze kwubaka, baba bakuze bidakenewe ko umwe acunga uwundi. Kuri we, umwe wese yategerezwa kwumva ko kurenga ibigo ari ikizira, akabigendera ata gitsure kirinze kuhaba. “Guteremana n’abandi, abagore canke abagabo, kunonorera imitsi hamwe, … ntibisigura ko muca muja mu bindi.”
Arongera agahanura ko mu bubakanye, hakenewe gukundana ata gahemo, kwizerana, kuyaga no gutahurana: “Uwo ukunda bivuye ku mutima, nta kibi womugirira. Uwo wizeye ntibikenewe ko umushinga ijisho, umucunga kuko we nyene aricunga.” Ku bwiwe, ikiyago ni co conyene ari co nkingi y’urugo.
Uwo mwubaknye kirazir kumucunga uramurek wenyen akicung kko sumwana abaz ikib n iciza
Mu bisanzwe kubakana bisigura kwiheberanira, bigatuma mwizigirana kugira mutegurire hamwe kazoza k’abo muzibaruka, Imana ibafashije mukabaronka kuko s’imisi yose. Rero uwo mwubakanye uramuha amahoro agakor’ibintu mu mwidegemvyo kuko ntimuba mwabanye ng’umurere
Si vyiza gucunga uwo mwubakanye. Hari ingaruka zitri nke zishobora kwaduka mu gihe abiciye ikanda. Ubwa mbere ni uko uwo ashobora kugendana ubwoba kuwo baba bariko baragendana yibaza ko mugenzi we ashobora kumubona kandi mu buzima bwa muntu ashobora gukora ibitandukanye muri vyo hakaba ivyo akorana n’abandi batandikanye bo mu migwi yose. Ubwa kabiri ashobora no gutakaza ubwizigirwa n’ ibigirankana kuko yakomerekejwe no gucungwa. Igikuru ni ikiyago mu rugo. Niyo haba akanya gahagije ko kuganira ivyo yorondera ahandi abuze murabiganirako.
Nyine birabaho