Kuwa 19 Nzero 2019, mu ntara ya Gitega, Yaga yaratunganije ikiyago ku bijanye n’igwirirana ry’ivyumba vy’amasengesho n’ingaruka rifise mu Burundi. Umwigeme umwe mu bitavye ico kiyago yahavuye afashe ingingo yo guheba icumba yahora ajamwo. Aratwiganira ibiberayo.
Félix Ndereyimana
Expérience de cinq ans, l’éternel barrage pour les jeunes diplômés burundais ?
Il n’est pas rare de voir dans un appel à candidatures, comme condition exigée, « avoir cinq ans d’ancienneté ». Mais comment avoir les cinq ans d’expérience si les recruteurs ne donnent pas la chance aux nouveaux diplômés d’avoir cette ancienneté ?
« Naratevye ndomoka kubera amabi umugore ankorera »
Iyo havuzwe amabi afatiye ku gitsina, abenshi babona abakenyezi bakubitwa canke bafatwa ku nguvu n’abagabo. Ariko, ntibiyumvira ku bagabo bagowe nk’ayo nyene. Ng’iyi inkuru y’uwubibayemwo.
“Gukorera Zabera”: iyo vyaturutse
Ni benshi mu Barundi bakoresha imvugo ngo “kanaka yakoreye zabera”, canke mu kuramukanya ukumva bagira bati: “ndabutakamvye nyakubahwa”. Ariko si bose bazi iyo vyazananye. Ndereyimana Félix arabituyagira.
Gitega : « kuja mu bitaro utagira ingwati, ushobora gupfira mu maso y’abaganga »
Umukenyezi Spès Nzeyimana yavuye i muhira aja gusumira umuryango, hama ahura n’isanganya rikomeye, bituma aja ku bitaro vy’i Gitega. Yamara ukubura amahera y’ingwati vyaramukwegeye. Félix ndereyimana aratwiganira ido n’ido ry’amakuba uwo muvyeyi yagize.
Amakuba y’abubatse iyo batevye kuronka uruvyaro
Mu Burundi, agaciro gahabwa umwana ni ntangere. Iyo rero kanaka yubatse urwiwe, abaryango biwe baba barindiranye igishika uruvyaro rw’urwo rugo rushasha. Iyo bitevye canke bikanka burundu, hari abagera no ku kwahukana. Ndereyimana Félix aratuyagira ingorane za Mukeshimana Vanessa.
Ibiciro vy’amakaye : « amaborogo y’intare ntabuza ishamba gusha »
Haraciye ikiringo kirenga gato iyinga rimwe, umwaka mushasha w’amashure shingiro n’ayisumbuye utanguye. Nk’uko vyagaragaye ku masoko, uko umusi wo gutangura amashure wegereza, ni ko ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyagenda biraduga. Félix Ndereyimana ati : « leta ntiyitayeho umunyagihugu mw’iyo misi ».
Abigisha bo mw’ishure shingiro bati : « Ubu leta ni kora ugomba »
Ingingo yo gushwiragiza abigisha igiye gukora ku miryango itari mike. Bamwe n’abandi mbere bakabona ko leta itabiyumviriyeko mu gufata iyo ngingo. Ndereyimana Félix akaba agira atuyagire ingaruka z’iyo ngingo.
« Ukudasohokana » n’umukunzi nk’inkomoko y’umubano mubi
Nshimirimana Claudia ni umukenyezi amaze igihe kitari gito yubatse. Kuva yinjiye urugo, hari ingendo zimwe zimwe umunega wiwe asa n’uwahagaritse, nko kumusohokana, maze ivyo bikamutera amakenga. Ndereyimana Felix yaraganiriye n’uwo mupfasoni.