article comment count is: 0

Narongowe mfise imbanyi y’uwundi none nahukanye ntamaze na kabiri

Guhebwa n’uwo mwakundana birababaza. Aguhebanye imbanyi yagutwaje hoho ni akavunamutima. None umuntu yorengera gute ivyo biba bimushikiye, akibungenga atekanye ? Tubirabire hamwe twifashishije ivyo abahinga bavuga, dukura ku rubuga rwitwa Parents

Nk’uko bimeze mu buyabaga, gutwara imbanyi bihindura vyinshi mu mubiri w’umuntu. Kubera uko aba amerewe, arashobra kubabara ku mutima, ndetse ugasanga asigaye abona ibintu ukundi. Mu bisanzwe, uwibungenze aba akeneye kwitabwaho, kugirirwa igishika. Aho aba akeneye na canecane kuba hafi ya se w’umwana. Nk’uko basangiye twose, aba akeneye ko bose basangira n’umwitwrariko. 

Birakenerwa rero ko se w’umwana amuba hagufi  muri ico kiringo c’amezi icenda. “Umukunzi atuma umukenyezi yibungenze yisanzura. Akumva ko ahambaye, ahawe agaciro . Abakenyezi baratinya kuba bonyene mw’ijoro, canke kumererwa nabi atawubiyegeka. Uko imisi igenda, ni ko n’inguvu z’uwibungenze zitera zigabanuka bakagira ubwoba kuko bataba bafise umuntu n’umwe wo kubafasha.” Bivugwa na Corinne Antoine, umuhinga mu vy’inyifato, asanzwe akurikirana abafise abana bato canke abimirije kurushinga. 

Abonye asamye, agaca yigira

Umuntu rero adashoye kwakira ubuvyeyi, aca yigunga, ku buryo ashobora no kugira akabonge. Ivyo biragira ingaruka mbi ku wo yibungenze no ku magara yabo. Nk’uko bivugwa n’uwo muhinga, ivyigwa bimaze kwerekana ko abantu bashika 50% baca bagira akabonge. Akavuga ko bikenewe rero ko bokurikiranwa hakiri kare. 

“Iyo tubonye hari uwumerewe nabi, turabaza uwo muvyeyi ko hari abantu babana. Vyashika na ho tukabona neza ko mu mutwe bitifashe neza, dukora ibishoboka vyose kugira uwibungenze afashwe imbere yo kwibaruka”. Bivugwa na Vahdat, umuganga asanzwe yonosoye ibijanye n’irondoka.

Uretse kubaha imiti, abo bantu barumvirizwa cane ku buryo umuganga aca abarungikira uwanonosoye ibijanye n’inyifato y’abavyeyi bibungeze.

Ibindi vyomufasha

Naho guhebwa bibabaza cane, hari abakenyezi bashobora guharanira kazoza keza, ugasanga ibintu biratonze. Abandi na bo birabagora kwakira, ku buryo usanga iyo mbanyi babona ko womengo ni yo yatumye uwabakunda, ndetse ari na we yayibatwaje, agenda.

Mu gihe umukunzi aba atakiri hagufi, umuryango urashobora kumuba hagufi muri ico kiringo kidasanzwe. Ngo uwuhebwe usanga aca yegera abavyeyi kurusha, kuko ngo muri ico gihe cose, aba yumva akeneye kwumva ko “akingiwe”, nk’uko bivugwa n’umuhinga Corinne Antoine.

Kugira ngo rero amererwe neza, uwibungenze arakenera ko abagenzi biwe canke umuryango bamuba hagufi. Uruhara rwabo ni ntangere. Abo bantu, mu bisanzwe baba ari abaganyirwa, ubarira akari ku mutima, ibiguteye ubwoba mu buzima, na canecane mukavugana ibigufasha gutegura kazoza keza. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion