Birashika, urwaruka rukagwa mu mutego w’abigira ngo barakundana, bakaja gutahura, amazi yarenze inkombe, ko uwo bihebeye yishakira ibindi. Urwaruka rukwiye kwama rwiyubara, rukamenya gutandukanya urukundo rw’ukuri hamwe n’urwuzuye uburyarya. Muti bobimenya bate ?
Kumenya urukundo rw’ukuri n’urw’uruhendo biragoye cane. Si urwaruka gusa bigora kumenya kubitandukanya ; n’abakuze ni uko nyene kuko bene gukunda bagamije amaronko baba bafise amayeri adasanzwe atuma uwo baziritse ku catsi bimugora guhinyura ko ari ivyo ahabwa ari akanyama kari kw’igera ; barindiriye ko yasama ngo ashikure, ace afatwa, na bo bace bacakira.
Ikinyoma cabo baracitondera ku buryo ahubwo usanga kiza gukomeza imigenderanire, ukamenga ahubwo iyo nzira ni yo izozana ubuzima bwiza, ababibwirwa bakumva ni bwo buhungiro bafise. Uwuza guhenda uwundi ko amukunda aricisha bugufi nk’abandi, akamwereka ko amwihebeye, akamuha utuganuke tuzimvye kandi twiza nk’abandi. Uwubihabwa akaja na rwo akumva ko akunzwe kurusha abandi, akabona ko ubuzima abayemwo buriko bwababa ubwo mw’iparadizo.
Abarundi barayamaze mu kuvyita “gukubitwa n’iyidakuvye”, bisosa bizorura, kuko aho vyageze mu kuryoha ni ho kenshi bigera mu kubiha. Ugasanga bihindutse bukwi na bukwi wo mubeshi aronse ico yari yironderera, wa wundi na we yari yagiye na rwo agasigara mu kangaratete.
Ibikunze kuronderwa
Ivyo abikika inyuma y’urukundo baba barondera ni vyinshi. Abatari bake, nk’abahungu ( canke abagabo), bashimye umukobwa, barashobora kumuryosharyosha ngo baramukunda, bakamuvyuramwo ikigumbagumba c’urukundo, rugakura, bakaruvomera, ariko bobo bironderera kuryamana na we gusa ata kindi. Babishitseko bagaca banyika ntasubire no kubabona.
Hari abandi babijamwo bishakira amaronko, nk’abigeme baba bashaka kuja bararonka amafaranga canke utuganuke bahabwa n’abahungu, bakaguma babesha abo bari kumwe ko babakunda urwo guhwera, na ho bikundira ivyo bahora babaha gusa. Ikija kubereka ko bitari ivy’ukuri, hageze ko bubaka izabo, na ba bantu bahora banezeranwa, “baryana ikirori” nk’uko bavyita, ntibasubira kubaraba n’iryahumye. No ku musi w’ubugeni bwabo iyo babapfuye isoni bakanabatumira baba babubashe. Ahandi hoho bigira uko nyene, batanasezeye.
Abandi bajanwa n’izindi mvo, nko kurondera akazi canke ikindi kintu bipfuza gushikako, kenshi aba ari amaronko.
Inkurikizi
Umuntu yari ari muri bene ubwo buzima, ivyo bimushikiye mwumva aheza akamererwa gute ? Ntababara gusa, ahubwo aratuntura ku mutima. Arakomereka cane kandi igikomere agira, nta kintu na kimwe coza kukivura. Ni umwe mu buzima bwiwe bwose ata kintu na kimwe coza kimubwira urukundo ngo yemere. Inyuma yo guhemukirwa, nta kintu na kimwe kiba kikimuryohera. Hari n’abasinzikara cane ubuzima bwabo bugafutana.
Izindi nkurikizi ni uko ari nk’uwari yishakira kuryamana n’umwigeme kanaka, iyo abishitseko agaca amuheba, uwundi asigara ababaye cane, aho ni aho adasanze yasamye imbanyi atipfuza muzi n’inkurikizi zavyo, canke yanduye indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.
Aha rero ikiba gikenewe ku rwaruka, ni ubushobozi bw’ingene bomenya abaza babagana bababwira urukundo ko boba bavuga urukundo rw’ukuri rwoba uruhendo.
Kano kareresi karaca irya irya n’ino ivyo umuntu yokwisunga kugira amenye urukundo arimwo ko ari urw’ukuri canke atari rwo. Fyonda mugakurikirane.
impanuro ziri mu kareresi ni nziza caane … oft harya l’amour na relations sexuels ntaho bihuriye so iyo umuntu afashe ko ari condition kugira urukundo rubeho ni imibonano mpuza bitsina igomba kubaho aba aguhenze ntaba agukunda… canke ugasa ni ukudatahura urukundo ico ari ico. sylvie ntaco yarigukora ..;inyifato nkiyi ya yoronimu sinziza igaragaza ubujuju bwokudatahura icoa ashaka muga hari naba bifata uko kuko bumvise abandi babikora batyo
Namuhe nno?
Ivyo nivyiza kwer kuk gukunda siyorobetse bibabaza uwubigiriw kuk iyubwiye umuntu kulukunda nawe akavykira biba ivyakamaro bikamwubaka rero iyuluhemukiye ubumwiciye umutima iyumvire nkiyo wujuje inzu imvura igaca iyibomora bukwinabukwi ukuntu ubabara RER nibaza iyo uri murukundo wogaragariza umukunzi waw ukutey agaheza akakumeny kugira mujane muzinany uko undi ameze
Nugusenga
Ahubwo amuciye nk’ince naho akamuheba birica ! Ariko iyo ari umukobwa ahevye umuhungu yazimuciye mitende .