Si mu Kayokwe gusa. Mu Burundi, inzoga zikaze kandi zitemewe n’amategeko, zikozwe mu buryo kama ziribonekeza ahatari hake. Hambavu y’umudiringi, na kanyanga ni imwe muri izo nzoga. Abajejwe intwaro bama bariko barayirwanya, ariko ntisiba kwibonekeza, n’abayihereza baguma biyongera nazo ingaruka […]
Amagara
Umundiringi : intahe z’abawukamishije
Inzoga y’umudiringi n’ubwo idandazwa mu mpisho, ku mvo y’uko itemewe na Reta, hari abafashe inzira yo kuyidandaza kandi bakiyemerara ko “ibabeshejeho”. None ibiciro vyayo ni ibihe ? Abadandaza bayo barunguka ?
« Mu mudiringi atari urupfu, nta buzima buriyo » : intahe
Iyo bavuga amabi aterwa n’inzoga zitemewe, bamwe bibaza ko ari imvugo y’abategetsi kugira barwanye izo badashaka. Ariko uteze amatwi Rurihose akakuyagira ivyamushikiye kubera umudiringi, ufise umutima uhuha wokorora amosozi. Ntiwosubira kuyikoza ku munwa, nyabuna aho woyibona woyitera umugere igaseseka.
“Umudiringi”: akabanga k’abawuganye
Kenshi turumva inzoga itemewe n’amategeko bita “umudiringi” ivugwa hirya no hino, ariko ico tutazi ni ingene ikorwa. Ni vyo iriko iratuzwa mu ntara ya Mwaro, ariko bamwe mu bahora bayikora bavuga ko ahanini iyo nzoga atari mbi, ahubwo uburyo ikorwamwo […]
Kurwanya ikinyobwa c’umudiringi : urugamba rushoboka ?
Intara ya Mwaro iri mu ntara zavugwamwo inzoga y’umudiringi cane, ndetse komine Kayokwe ikaba yari mu za mbere zirangwamwo iyo nturire. Ariko haraciye igihe havugwa ko iyo ntara yarwanije cane iyo nzoga. None yabigenjeje gute ngo ishobore kuyituza ? Nivyo […]
Uwuzokwigana iyi nyobwa azorinda ?
Abanyeshure bajanwa mu ngeso z’akaborerwe n’ivyizerwa bitari vyo. Bamwe muri bo babwirwa ko akayoga gashobora kubatuma baca akenge birushirije, canke bagatinyuka ivyo batokwubahutse.
Mu mashure y’indaro : uwatekeye ijisho ararirya ariko…
Kunywa inzoga mu mashure y’indaro birabujijwe, kuzinjiza ho ni kimwe mu bishobora kwirukanisha umunyeshure. Yamara hari abazi ubuhinga bwo kuzinjiza nka Mugisha naho imifuko yo ihahombera.
“Amashure y’indaro yokuramurira ntiyokurerera”: barayabeshera
Turamaze kwumva abavyeyi bidoga ngo abana babo bagiye mw’ishure ry’indaro baca baza bahindutse, basigaye ari imborerwa. Ni vyo hari abikika mu gakuku k’abandi no kuba kure y’abavyeyi bakarusoma, ariko uwu munyeshure yahatswe guhitanwa n’iyi ngeso we avuga ko vyose batovyagiriza […]
‘’Uko nahimvye ‘’ifoma’’ ngasenya umusaya w’umugenzi’’
Mu myaka iheze, mu mashure y’indaro, iyo umusi wa gatandatu ugeze wasanga abanyeshure bawushashaye. Wasa n’umusi wo kwidagadura aho wasanga hategekanijwe ivyese canke gutamba umuziki. Ariko rero abanywa inzoga bobo, bamwe baca baca mu ryahumye abarezi bagatoroka bakaja kunywa inzoga […]