Isi yose iherutse mw’isekeza ry’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ayo mabi na yo avugwa, ari kwinshi. Hari n’ayo dukora tutayazi. Muri ayo, harimwo imigenzo ibiri itagira ishingiro iri mu mico y’Abarundi ihohotera abakenyezi bibungenze dukwiye guheba.
Amagara
Kwibarutsa umuvyeyi : ingendo zine dukwiye guheba
Iyo umuvyeyi yibarutse, umuryango, ababanyi n’abagenzi barakurakuranwa kumwibarutsa. Hariho ibintu bine bikunda gukorwa nk’ibisanzwe muri uwo mugirwa mwiza, ariko bishobora kuba inkwezi y’amarere, ku buryo dukwiye dukwiye kuvavanura na vyo.
Ubuyabaga n’ubukangara : inyifato ibereye ku rwaruka rudashimishwa n’uko rumeze
“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko […]
Ihinduka ry’umubiri w’umuyabaga n’umukangara : ko ibibazo ari vyinshi inyishu zoba izihe ?
Igihe c’ubuyabaga n’ubukangara ni igihe kidasanzwe mu buzima bw’umuntu. Ni igihe hahinduka vyinshi ku mubiri no mu nyifato, kikaba gishobora no gutera ubwoba abatari bake bagishika muri iyo myaka. None vy’ukuri vyari bikwiye kubatera ubwoba ?
Ibitaro “Roi Khaled” ku myaka 36 : “ubusaza bunyaga ubugabo”
Ku wa 7 Munyonyo, ni ho ibitaro nderabavuzi vyo mu Kamenge (CHU de Kamenge) bizwi kw’izina “Roi Khaled” vy’i Bujumbura vyakwiza neza na neza imyaka 36. Uhereye ku burambe ugashitsa ku kanovera k’ubuvuzi buhatangirwa, ubanje guca ku gikorwa nderabavuzi, ng’ibi […]
Inyifato zine dukwiye guhindura ku neza y’umutima wacu
Mu kwezi guheze, harahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe umutima. Mu gihe indwara z’umutima ziri mu zigisibije ngaha mu Burundi, hari inyifato kenshi womengo irasanzwe kubera kutamenya canke tukavyirengagiza, ariko ari inkwezi y’amarere. Umwanditsi, akaba n’umuganga Franck Arnaud Ndorukwigira azifatirako mu kuducira […]
Indwara “y’intinyi”, ifise imvo n’umuti
Hari abantu bafise ingorane yo gutinya igitsinagabo, ari bo bakunze kuvuga ngo “barwaye intinyi”. Abantu bafise izo ngorane barihebura, ntibatahure igituma bameze batyo. Ariko burya, iyo ndwara iravurwa, igakira. Tubisanga ku rubuga rwitwa Yes, therapy helps, aho batwereka uko iyo […]
Covid-19 : abakorera mu mazu yo kunonora abantu barijajaye
Abamenyeshamakuru baherutse guterwa akamo ko kuguma bahimiriza abantu, ngo ntibadebukirwe mu kurwanya umugera wa Covid-19. Ingingo zo kurwanya ico kiza zarafashwe, kandi Imana yarakinze, ibitigiri vy’abanduye biragabanuka cane. Ariko haracibonekeza ugusamara, canke kwijajara mu myuga imwe imwe, biboneka ko kwandura […]
Reka ibinini nkaburamubiri nimba utarwaye, ng’izi imfungurwa zongereza ubugabo
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye ibinini nkaburamubiri. Twasanze n’urwaruka ruvyihereza ku bwinshi mu ntumbero yo kwiyongerera inkomezi mu kurangura imibonano mpuzabitsina. Ariko abatohoji bo kuri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika basanze ivyo ari bibi, maze berekana […]