article comment count is: 0

Umundiringi : intahe z’abawukamishije

Inzoga y’umudiringi n’ubwo idandazwa mu mpisho, ku mvo y’uko itemewe na Reta, hari abafashe inzira yo kuyidandaza  kandi bakiyemerara ko “ibabeshejeho”. None ibiciro vyayo ni ibihe ? Abadandaza bayo barunguka ? 

Umutumba wa Musama wo muri komine Kayokwe y’intara ya Mwaro, ni umwe mu yivurwako ko hakorwa, hakongera hakanagurishwa inzoga bita umudiringi. Iyo nzoga ikaba iri mu zitemewe na Reta y’Uburundi. Abayikora nabo bakaba bikika mu kiza. 

Kubera ko abayidandaza n’abayikora ngo  « ibeshejeho imiryango » yabo, benshi muri bo bahitamwo kubandanya.  Kira noneho, ntizibuze abanywi.

« I « bagages » zibiri zirahera ku musi »

Habimana* ni umwe mu bakora kandi bakadandaza iyo nzoga. Twasanze ku mutumba Musama uri muri komine Kayokwe. Uwo mugabo w’imyaka 37, asanzwe yubatse, ndetse afise n’abana. Twarayaze aratubwira uko agurisha inzoga y’umudiringi.

Agira ati :« Umudiringi dusanzwe tugurisha amafaranga 1 000 icupa ry’ikonyobwa ca Primus. Hama, amafaranga 2 000, icupa ry’amazi ya Kinju ». 

Habimana* akaba atumenyesha ko ku musi agurisha ibido 12 z’amaritiro mirongo 30 : » ‘Bagages’ zibiri zirahera ku musi. Mparuye neza na neza, ndinjiza amafaranga 300 000 ku kwezi. Aho mba nakuyemwo amafaranga y’ibikoresho, ayo ndiha abatwara inzoga aho ndayidandariza hamwe n’ayo mpa abategetsi  bamwebamwe kugira ngo bandeke ndandaze mu mahoro ». 

Ku bw’uwo mudandaza w’umudiringi, « imvo ya mbere ituma abantu bahurumbira umudiringi ni uko uzimbutse. Abantu batatu bashobora gusangira icupa rivamwo amazi ya Kinju, bakaborerwa ». 

N’ubukene bw’ibinyobwa vya buraseri ntibwera

Bukuru* ni umugabo w’imyaka 57 asanzwe adandaza akabare ku mutumba Rurambo uhana urubibe na Masamo aho twamusanze mu masaha y’agatondo. No kuri uwo mutumba, inzoga y’umudiringi ikaba idandazwa mu mpisho. Bukuru* nawe akaba atumenyesha ko ikena ry’ibinyobwa vya buraseri hamwe n’iduga ry’ibiciro vy’ivyo binyobwa biri mu bituma umudiringi ibandanya unyobwa.

Agira ati :« Umudiringi ukiboneka cane aha ku mutumba wacu, umuntu agomba kugira urubanza, inzoga za buraseri zikaba zitaboneka kubera aba azi ko hari abayinywa, yaca ahitana nk’ibiro 25 vy’isukari, agakora umudiringi, hako abura ico aha abantu ». Ku bwa Bukuru* kandi ngo ikinyobwa ca Nyogera cakorwa n’ishirahamwe Brarudi kikagurwa 1 000, kikiriho, nta bantu benshi bihereza umudiringi. Ariko igihe bagikuriye, abantu kubera uburyo buke, baca bihereza umudiringi. Uwo mudandaza w’akabare akabona ko « ibinyobwa vya baraseri vyoza biraboneka, na canecane Nyongera, kuko bituma abantu batanywa inzoga zitemewe n’amategeko ».

Izo ntahe za Habimana* adandaza umudiringi na Bukuru* afise akabare, ziratwereka ko  ubukene buri mu bituma umudiringi ubandanya unyobwa muri iyo komine ya Kayokwe. Habimana* yongeye kutwongorera atumenyesha ko « uwudandaza umudiringi  vy’ukuri abeshaho umuryango wiwe, ariko imiryango y’abawunywa, ihura n’ibibazo bikomeye cane ».  Muri ivyo bibazo harimwo : ubusuma bukorwa n’abanywa umudiringi kugira baronke amafaranga yo kwigurira uwundi, imiryango isambuka kubera akaborerwe k’umugore canke umugabo yabangamiwe n’iyo nzoga eka n’ibindi. Tuzobigarukako.

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion