Mu gihe abarundi benshi bacirukira abavuzi b’ikirundi benshi bazi kw’izina rya rumenyi canke abafyitirizi, Rénovat Ndikumwenayo we abona ko nyabuna bari bakwiye kwijukira kwivuriza kwa muganga bakoresheje ka gakarata CAM Leta ihimiriza abanyagihugu kwivurizako.
Amagara
Indimu ni kirumara ku magara y’abantu
Nk’uko Renovat Ndikumwenayo abitubwira, indimu n’icamwa ngirakamaro ku magara y’abantu. Indimu ishobora gukinga no kuvura indwara nyinshi cane. Ariko rero naho ico camwa ari ngirakamaro ku magara yacu, Abarundi benshi ntibaratahura ako kamaro mbere benshi bakaba batanacitaho kuko usanga kirimwa […]
Amadini n’umugambi wo kurondoka ku rugero mu Burundi
Naho hariho umugambi wa Leta ujejwe guhimiriza abanyagihugu kurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro, Renovat Ndikumwenayo asanga vyibonekeza neza ko ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rikiri ikibazo gikomeye mu Burundi.