article comment count is: 0

Kurwanya ikinyobwa c’umudiringi : urugamba rushoboka ?

Intara ya Mwaro iri mu ntara zavugwamwo inzoga y’umudiringi cane, ndetse komine Kayokwe ikaba yari mu za mbere zirangwamwo iyo nturire. Ariko haraciye igihe havugwa ko iyo ntara yarwanije cane iyo nzoga. None yabigenjeje gute ngo ishobore kuyituza ? Nivyo iyo nzoga ntikibaho ? Mbega ingaruka mbi yo kwizizirwa n’iyo nzoga n’iyihe ? Utwo tubazo twose twatumye Yaga irungika abanditsi muri iyo ntara kugira birabire uko bimeze bongere bumve ingene babigenjeje. 

Tugishika mu ntara ya Mwaro, twaragerageje kurondera hasi hejuru aho twokura icupa ry’umudiringi kugira tubone nimba igoye kuronka tumenye kandi n’ingene isa, bishobotse tunahonje twumve ingene imeze. Abo twatumye bose baraturahiye bati: “ Nta hantu dushobora kuyironka. Mbere ukagenda ubaza aho woyironka batakuzi, abo uza kubaza baca biruka, kuko baca bibaza ko watumwe n’abategetsi kugira ubaneke hama uje kubarega”

Nta mwonga ubura isato…

Ariko nk’uko buramatari wa Mwaro yabituyagiye, “Nta mwonga ubura isato iba idahizwe”. Ni vyo iragoye kuboneka kuko yarwanijwe cane muri iyo ntara. N’amayeri yo kuyikora yaratangaje abariko barayirwanya, kuko nk’uko abo twayaze babituyagiye, wasanga hari nk’abayikora ngo basigaye baja kuyitarika iruhande y’utuzu twa surwumwe, mw’ishamba, canke mu mwonga, n’ahandi. 

Uyaze n’abanyagihugu b’i Mwaro, baremeza ko yarwanijwe cane, ariko mu ntamatama, baremeza ivyo buramatari yashatse kuvuga muri uyu mugani yaduciriye wanditse aho hejuru. 

Inzoga yose isosa irura

Ikindi twatahuye tugeze i Mwaro, ni uko abanyagahugu batahuye ko hari ingaruka zibangamira uwigize umuja w’umudiringi. Haba mu rugo, haba mu kibano, haba ku butunzi bw’umuryango, barazi neza ko iyo nzoga atari iyo kumenyera. Twaranagize n’ibakwe ryo guhura n’umupfasoni yaduhaye intahe y’ingene yahukanye kubera iyo nzoga. 

Wa wundi ati “Icerekwa n’ikibona… “, ko abajejwe intwaro bafata ingingo ruhasha zo kurwanya inzoga canke infungurwa babona zibangamira ubuzima canke ukubaho kw’abo bajejwe, ni vyiza. 

Umukenyuro ku wundi

Buramatari wa Mwaro yaratumenyesheje ko abafashwe baca barungikwa ku nyamiramabi, bagakorerwa amadosiye hama bakarungikwa mu butungane vyihuse bukabacira ibihano. Ico twokwongerako ni uko iyo babonye amategeko n’amabwirizwa adatuma bashika neza ku ntumbero bashaka, abajejwe intwaro bonakoresha guhanura no guhimiriza, kuko abakera barayamaze ngo “Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso”. 

Muti none ivyo vyose mwabironderera iki ? Intumbero si iyo gutunga agatoke abayihereza canke gukamira mu coze abayidandaza canke bayikora. Inzoga yose isosa irura iyo uyinyoye ukarenza. Izo zozo zikorwa ata rugero rw’amakari yazo rupimwe, zishobora gutera  inkurikizi  zitandukanye. Gushira ahabona izo nkurikizi kugira ngo uwiyemeje kuyinywa ayinywe abizi, yigerere, canke mbere bimukundiye ayihebe, ng’iyo intumbero yatumwe Yaga itegura urukurikirane rw’ibisomwa ku nzoga y’umudiringi. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion