Ejo bundi, hari uwuheruka kwandika kuri runo rubuga yigana impamvu zituma abantu baguma banywa itabi kandi batayobewe ububi bwaryo. Yanyibukije vyinshi kw’itabi ; ngira ndabaganirire ayo nariboneyeko.
Amagara
Itabi : kuki tuguma turinywa kandi tuzi ko ari ribi ?
Kuwa 31 Rusama buri mwaka, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi. Mu Burundi, abanywi b’itabi si bake ; yamara, bose barazi ko ari ribi, ariko bakabandanya barinywa. Hari impamvu.
Ubonye umukobwa ameze nk’umuhungu, bifise ico bivako
Kugira ubwanwa, umugara, canke ijwi nk’iry’ abagabo, ni bimwe mu bituma abantu bavuga ko umwigeme ateye nk’umuhungu. None vyoba biva kuki? Birahera ? Muganga Yozefu Nyandwi arabidusigurira.
Ibitaro bikuru vya Ngozi: batondera imiti nk’abarondera isakaramentu!
Imyaka irarenze ibiri, ku bitaro bikuru vy’ i Ngozi, hafashwe ingingo y’uko umurwaza canke umurwayi ari bo bonyene bategerezwa kuja kwitorera umuti aho usanzwe udandarizwa, aho babanza kuwubarura. Bamwe mu barwaza bakidoga bati: « Iyo ngingo yaje kwica ico yari […]
Bujumbura : abivuriza kw’ikarata y’abarimyi « CAM » bari mu gahinda
Kw’igenekerezo rya 7 ndamukiza uko umwaka utashe, Uburundi n’amakungu vyarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu. Hano mu gihugu cacu, igisata c’amagara y’abantu cugarijwe n’ingorane zitari nke. Twahisemwo kubayagira ku bijanye n’ikoreshwa ry’ikarata y’ukwivurizako « CAM » ; Ntivyoroshe.
Akabare ko mu bitaro : kunywa canke kuvura, duhitemwo iki ?
Mu Burundi, ugukora, ukudandaza ndetse n’ukunywa inzoga zambiye nta mategeko atomoye abigenga arashirwaho. Kandi, biragaragara ko urudandazwa rw’akabare rusa n’uko ari wo mugambi w’ukwiteza imbere ubangukira abatari bake ; kugeza n’aho mu bitaro vyitwa ivya Reta usangayo akabare.
« Umuti umwe wovura indwara nyinshi gute zidasangiye amamuko ? »
Umushikiranganji w’amagara y’abantu aheruka kwandikira urwete mugenziwe w’intwaro yo hagati, amusaba guhagarika vy’agateganyo amashirahamwe yose y’abavuza bakoresha imiti kama. “Ico ciyumviro kije hageze”; nk’uko Païnette Niyongere abibona.
Kunywa isukari nyinshi vyoba ari vyo bitera ingwara y’igisukari ?
Abantu batari bake baribaza ko kunywa canke gufungura ibintu bisosa canke birimwo isukari nyinshi bituma umuntu afatwa n’ingwara y’igisukari. Spageon Ngabo, umunyeshure mu gisata c’ubuvuzi, muri Kaminuza y’Uburundi, aragerageza kudusigurira ko atari uko bimeze.
Umusi wahariwe ubutinyanka: kubera iki umengo abagabo ntibibaraba ?
Itariki 28 Rusama buri mwaka, isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubutinyanka. Mu Burundi, kuyaga ivy’ ubutinyanka bifatwa nk’ikiyago ca nyina n’umukobwa. Ndorukwingira Franck Arnaud ati : « na senaka biramuraba ».